IKORANIRO KAMINUZA RYA 2 RYA RCC BURUNDI

Iryo koraniro ryabaye ku ma genekerezo 21-27 Myandagaro muri Diyoseze ya Gitega, kuri Lycée Sainte Thérèse, ryari ryitabwe n'abantu 652 bagizwe n'abanaguwe muri Mutima Mweranda baserukira abandi mu ma Paruwase na ma Diyoseze yose y'igihugu, abihebeye Imana bab’abapatiri, ababikira n’abafurera.

2. INTUMBERO Y'IRYO KORANIRO

Iryo koraniro kaminuza ryari mu ndinganizo y’ivyatunganijwe nu muryango wa RCC mu ntumbero yo kwigina YUBILE y'inzahabu y'imyaka 50 uyo muryango umaze Mutima Mweranda awutanguje kw'isi yose. Naho ibirori nyamukuru vy'iyo YUBILE vyari vyabereye i Roma ku genekerezo rya 3 Ruheshi 2017 bihagarikiwe na Nyen'ubweranda Papa Farasisiko, aha mu Burundi abagize uyu muryango bashimye kwifatanya n'abandi bakristu aho kuja i Roma. Niho rero abungere b'Ekleziya y'i Burundi bugurura uwo mwaka wa YUBILE igenekerezo ya 18 Ruhuhuma 2017 mu ma Dioyoseze yose, kwigina YUBILE biba biratanguye i Burundi.

Kuva ico gihe, haciye hatunganywa inyigisho ku bagize uyu muryango wa RCC, ku bakristu bose aho cane cane vyabonetse mu gutegera neza no gutunganya inyigisho mu gihe ca ca gisabisho c'iminsi icenda (neuvaine) ya pentecote 2017, aho abakristu benshi bazitavye biboneye ivyiza n'ibitangaza Umukama yakoze mu gihugu ciwe.

Ibiganiro muri Radio Mariya gifasha abakristu kumenya RCC no gutera imbere mu buzima rukristu bwabo vyaciye biremeshwa ku minsi ya kabiri yose kuva ico gihe. Ico kiganiro ciswe "Pentecote nshansha" mu ntumbero yo kwibutsa abakristu ko Pentecote ari iya minsi yose kuko Mutima Mweranda atatwuzura urya munsi gusa ahubwo atubamwo kuko turi ingoro ziwe (1 Cor.3,16).

Mu ma Diyoseze yose rero haratunganijwe murico kiringo ca YUBILE ku bakristu bavyifuza inyigisho zo Kunagugwa muri Mutima Mweranda n'izindi nyigisho zerekeye Kubohoka kugira umuntu abe umukristu abushitse. Nakare Iyo YUBILE intumbero yayo yari ukabohora na kwigina nkuko Icivugo nyamukuru kibisigura : "Ahari Mutima w'Umukama niho hari Umwidegemyo" (2 Cor.3,17) nakare ntawushobora kwigina akiboshwe.Inkuka ya Misa yugurura icese iryo koraniro kaminuza (le 21/8/2017) yaherejwe na Nyakubahwa Umwepiscopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, Nyenicubahiro Simoni Ntamwana ari kumwe n’abungere bacu ba ma Diyoseze ya Bujumbura, Ngozi, Ruyigi, hamwe n'abasaserdoti, abihebeye Imana benshi, be n'a bakristu usinz b'i Gitega.
Mw'ijambo yashikirije uyu munsi, Nyenicubahiro Umwepiscopi Mukuru wawe Diyoseze Nkuru y'i Gitega, afatiye ku bisomwa vyeranda vy’uyo munsi (Abacamanza 2, 11-19); yaribukije ko ubukiriro bw’abantu, akazoza ka Eklesiya ntahandi biri atari ukugamburukira Mutima Mweranda, nakare bavuga ngo “Agasozi k’intabarirwa kahiye abagabo babona”. Uko kutabarirwa kuravurwa no muntango c’igitabo c’abami aho kwari kwiraye mu gihugu c’Imana, bagakora amarorerwa. Barabikoze biraheza birabakora. Vy’ukuri umuntu agambarariye Imana akagambararira uwumuhanura ngo abandanye acuditse n’Imana (nawe ni Mutima w’Imana) aca ayoba, ibimushikira n’urudubi, n’ibara. Inkurikizi ntakindi atari uko abantu n’ibintu bihona, hagasigara urupfu rwonyene rumiragura abantu bidasigurika. Vyarabaye mu gihugu c’Imana no mubindi bihugu abantu bataramura Imana.
Mu Nkurunziza (Mt 19,16-22) naho yashimikiye ku muntu yarondera ineza, ashaka ubuzima budahera ariko yumvise ubuzima abanza gucamwo aca asha coba n’aho yemera amabwirizwa akanayakurikiza yose
Yasozereye avuga ko dukeneye kumvira no kugenzwa na Mutima Mweranda kugira dushobore kuvavanura na kahise kabi tumazemwo imyaka, Uburundi bubone gukira. Yarerekanye umwizero afise ko bigenze gurtyo iki gihugu, aho ibindi bimara imyaka amajana kugira ngo bitere imbere coco vyofata akanya gato mbere kikarusha n’ibindi vyinshi iterambere.

Umunsi wa gatanu igenekerezo rya 25 Myandagaro 2017 wabaye umunsi mwiza cane Umukama yari yategekanirije ibitangaro n'ibitangaza abari mw'ikoraniro be n'abandi bakristu isinzi bari baje mu Nkuka ya misa. Nkako muri yo Nkuka ya Misa hari hategekanijwe igisabisho co gusabira abagwaye, maze Umukama nk’uko yama, arabohora yongere arakiza abantu insinzi, impundu irasamirana n'intahe z'ivyiza vy'Umukama zirayagwa.
Ku munsi wa gatandatu, 26 Myandagaro 2017, haratunganijwe amatoro yo gushiraho inzego zirongoye RCC kurwego rw’igihugu (Berger National na Bureau National).
Bukeye, ku munsi w’Imana abitavye ikoraniro baciye bagana i Mugera ku kirimba c’umuvyeyi Bikira Mariya aho bashimye gusozerera iryo koraniro. Intumbero nyamukuru kw’ari ugushimira umuvyeyi Bikira Mariya yabanye nabo muri uyu mwaka wa Yubile mw’isenakuro nka kumwe kw’abatumwa kandi bongere bamubitse imigisha n’imihezagiro bagabanye ngo abandanye ayirwiza.
Inkuka y’imisa yo gusozera ivyo birori yarongowe na Nyenicubahiro Umwungere wa Diocèse ya Ngozi. Mu gusozera iyo nkuka y’imisa yashikirije RCC ubutumwa Ekleziya ibahaye :

1. Gufasha abandi kuba abakristu babushitse
2. Kuba umwambiro w’iyindi mirwi n’imihari y’ubutumwa
3. Kuba abatumwa bashasha mu Burundi

Ajouter un commentaire

Restricted HTML

  • Vous pouvez aligner les images (data-align="center"), mais également les vidéos, citations, etc.
  • Vous pouvez légender les images (data-align="center"), mais également les vidéos, citations, etc.