AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NIHO HABA UMWIDEGEMVYO

INYIGISHO NKARISHABWENGE Z’ABARONGOYE ABANDI MURI RCC ZEREKEYE YUBILE Y’INZAHABU YA RCC

Thème : « AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NIHO HABA UMWIDEGEMVYO »
O. INTRODUCTION
Imyaka 50 irarumye Umuryango w’abagatolika banaguwe muri Mutima Mweranda (RCC) utanguye. Hari hagati mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka wa 1967.
Turi mu mwaka wa Yubile ku bari muri uyo muryango no kuri Ekleziya yose. None intumbero y’iyo yubile ni iyihe ? Mutima w’Umukama ashaka iki ? Atubwira iki ? Umukama ashaka ko duhimbaza dute iyo Yubile ?
Umunsi Papa Fransisko yariko aravuga ingene iyo Yubile yohimbazwa, hari kuwa 30 Nyakanga 2015 yavuze ati : « Kuzobe uguhimbaza ingagurwa rya pentekoti y’Ekleziya n’isi yose, muri kumwe n’abakristu bose bamenye « Ugusubira kuvuka » Yezu yabwiye Nikodemu. Mur’iki gihe, Eklesiza n’isi birakeneye Mutima Mweranda gusumba ibindi bihe » (cité par Michel Moran, message annoncçant le Jubilé)
Ni mur’iyo ntumbero umugwi w’abagize ibiro bikuru vy’umuryango w’Abakatolika banaguwe bifise icicaro i Vaticano watoye ko icivugo c’iyo Yubile coba : Pentecoti Nshasha. Ariko uyo mugwi warahaye uburenganzira ibihugu vyose gushinga icivugo ca Yubile bakurikiye aho baba n’ivyo babamwo.
Twishimikije ubwo burenganzira twahawe, twarakoranye twebwe abagize inama y’umuryango w’abanaguwe ku rwego rw’igihugu, dutora iki civugo : « AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NIHO ABA UMWIDEGEMVYO » 2 Co 3, 17
Vyongeye, twasanze bibereye ko ihimbazwa ry’iyo Yubile ryogira ihangiro ryo Kubohoka no Kwigina (Libération et jubilation)
Nico gituma, mukwinjira murico civugo dushaka kuzirikana:
1. Ingabire idasanzwe yahawe Ekleziya n’isi
2. Umwaka wo kubohoka no kwigina
3. Ahari Mutima niho haba Kwidegemvya
4. Amamuko y’umuryango w’abanaguwe:
a. Kw’isi
b. Mu Burundi

I. INGABIRE IDASANZWE YAHAWE EKLESIYA N’ISI . Ac 2,14-21
o. INTRODUCTION
Papa Paulo (VI) wa 6, mu gihe haba ikoraniro kaminuza ry’abakatolika banaguwe bo kw’isi yose (hari muri 1975) niwe yatangaje ati:
“Ekleziya n’isi birakeneye kuburyo budasanzwe, ko igitangaza ca pentekoti kibandanya kiranguka mu bihe vyose (….)
Ico iyi si yinjiwe n’ubuhakanyi ikeneye gusumba, ni intahe y’ukwo” kunagurwa kw’Umutima” tubona Mutima Mweranda ariko aravyura mur’iki gihe mu mihingo no mu bibanza bidasa (….)
None ukwo “kunagurwa kw’umutima” kworeka gute kuba Ingabire idasanzwe (une chance) yahawe Ekleziya n’isi?
Doc cth 1975 n°1678, col 562-563
None Papa Paulo wa 6 mu kwemeza ko ukwo kunagurwa kw’Umutima ari Ingabire idasanzwe yahawe Ekleziya n’isi yabikuye kuki?
Igiti cose kimenyeshwa n’Ivyamwa vyaco. Yabivuze aravye ivyamwa Umuryango w’abanaguwe wama. Birakenewe rero ko nawe, natwe tuzirikana ico ciza, tugatangarira n’igikorwa ca Mutima Mweranda mur’uyu mwaka wa Yubile.
1. Igikorwa c’Umukama
2. Ivyamwa vyaco

1. Igikorwa c’umukama
Petero rero niko guhaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, ashira ijwi hejuru ababwira ati : Yemwe Bayuda, namwe mwese muba ngaha I Yeruzalemu, ni mubimenye neza kandi mutege amatwi amajambo ngira mbabwire :
Haba na mba, abo bantu ntibavugishwa n’akaborerwe, nk’uko muvyiyumvira (…). Ivyo mubona ni bimwe Umuhanuzi Yoweli yari yaravuze ati :
“Mu minsi yanyuma, uko niko Imana ivuga, nzokwiragiza Mutima wanje ku muntu wese, abahungu n’abakobwa banyu bazokwigisha ka bahanuzi, imisore yanyu ibonekerwe, abakurambere banyu nabarokotse indoto. Ego cane, muri iyo minsi, nzokwiragiza Mutima wanje kubasuku banje no kuncoreke zanje, kandi bazokwigisha ka buhanuzi. Nzogira ibitangaro hejuru mw’ijuru ntange ibimenyetso hasi kw’isi.” AC2, 14-19
Ng’ico igikorwa c’Umukama Petero yatumiriye Abayuda n’abanyayeruzalemu kumenya no gutegera, ari naco agutumiriye nawe. Igikorwa nyabaki ?
Ni Pentekoti ya mbere Imana yaranguye I Yeruzalemu mu ntara y’Abayuda, nk’uko Yezu yari yabibaraganiye aho yabasezera.
Yari yabategetse kuguma I Yeruzalemu ngo barorereho wa muhango wa Data.
Petero aremeje ko data yaranguye Umuhango yatanze aciye ku Muhanuzi Yoweli, mu kubakwiragizako Mutima Mweranda.

Abantu babibona bari bajorewe birabasiga.
Ntaibashobora gutegera ingene abo banyagalile, basanzwe batize na mba, bakaba n’abantu bo ngaho (bakengeretse) bashobbora kwigisha ishengero ry’abantu, kandi bakigishanya ubwenge n’ugushika amakenga. Igitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa kitubarira ko :
“Bose bari batamariwe, bazazaniwe, babazanya ngo :
Mbega ivyo vyoba ari ibiki ?
Abandi nabo ngo bakitwengera bati : “Baraborewe umuvinyu mushasha”.
Petero niko kubakurira inkoni ku gishitsi ati : “ Haba namba abo bantu ntibavugishwa n’akaborerwe nk’uko muvyiyumvira. Ahubwo ni bimwe umuhanuzi Yoweli yari yarabuye vyarangutse”.
Muyandi majambo, si igikorwa c’inyobwa ni igikorwa c’Umukama.
Mutima w’Umukama, Umwe yavugisha abahanuzi niwe atwuzuye, niwe ariko aratuvugisha natwe. Abari bazi Petero , na bagenzi be abari bazi ingene bari abanyabwoba, abari bazi ingene bataye Yezu bagahunga, Petero nawe akamwihakana kubera ubwoba, bitegereje ubutinyutsi ugushiramakenga n’ubwenge bavugana mu kumenyesha bose ko Yezu ari muzima baribonerako.
- Ari igikorwa c’Umukama
- Bavugishwa na Mutima
- Bafise Ubukomezi n’ubutwari bitangwa na Mutima Mweranda
Ijambo Yezu yabaraganiye ryararangutse ngo :
“Muzoronka Ubukomezi Mutimwa Mweranda azobazanira, muheze rero muje kumbera ivyabona I Yeruzalemu no mu Buyudeha bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira” Ac.1,8
Ico gikorwa c’Umukama nico Papa Yohani wa 23 yatumiriye abakristu bose gusaba mu mwaka w’1959, basabira inama nkuru y’Ekleziya yabereye i Vatikano ubwa kabiri.
« Ewe Mutima w’Imana, ongera urangure muri iki gihe cacu ibitangaza vya Penetkoti nshasha.
Nuhe Ekleziya nyeranda ihurikiye mu gisabisho irikumwe na Bikira Mariya nyina wa Yezu kandi iyobowe na Petero [ari] muzima mu musubirizi wiwe gukwiza ubwami bw’Umukiza, ubwami bw’ukuri, bw’ubutungane, bw’urukundo n’amahoro ».
Imana irumvira abayisaba. Yezu we nyene yaravyemeje ati :
“Ko mwebwe naho muri babi muzi guha ibintu vyiza abana banyu, hari akantu So wanyu wo mw’ijuru! Ni we yobura guha Mutima Mweranda abamumusaba?”(Lc 11, 13).
Ibitangaza vya Pentekoti Nshasha abakristu barikumwe na Papa Yohani wa 23 basavye Imana, yarabiranguye mu gusuka Mutima Mweranda ku bahungu n’abakobwa bashika 30 bo mw’ishule kaminuza yitiriwe Umugabekazi w’i DUQUESNE yo mu ntara ya PENNYSLVANY muri Ruhuhuma 1967.
Ivyo Yoweli yabuye, ivyabaye mw’Isenakulo y’I Yeluzalemu, vyaraharangukiye? Umwe mu babibayemwo (Kevin na Doroty RANAGAN) barabitwiganira. Umwe mu bigeme, bari bamaze umwaka wose basaba Mutima Mweranda bazirikana igitabu c’ibikorwa vy’abatumwa, yiga I DUQUESNE yitwa PattiGALLAGHER, yumvise mu mutima yohejwe kuja mu gasengero, aca aragendayo. Ashitseyo aca yumva ku buryo budasanzwe ko Mutima wa Yezu ahari (la présense). Ubwo nyene aca arasohoka atinya, aja kwakura abandi ngo bamusangeyo. Baca baratangura kuza, umwumwe abandi baza ari babiri babiri mu gasengero bamaze gukorana bose, batanguye gusenga, Mutima aca arabashwara (…).
Bamwe batangura kuninahaza mundimi batazi, abandi bagakorora amosozi y’umunezero mu gacerere, abandi bagasenga kandi baririmba. Baraye barasenga kuva sayine (22h) gushika sakumi n’imwe (5h).
Ico gikorwa c’Umukama bacise “Ukubatazwa muri Mutima Mweranda” (Baptême dans l’Esprit Saint) ari navyo twita “Ukunagurwa muri Mutima Mweranda” (Effusion).
Umwe muribo aratwiganira ingene yamerewe muri ico gihe no mu misi yakurikiye:
Ukwo kubatizwa muri Mutima Mweranda vyambereye nkuko noba nibijwe mu kiyaga ari amazi yari Imana, amazi yari Mutima Mweranda (…)
Ivyerekeye ukwemera n’ubuzima Rukristu nigishijwe kuva nkiri umwana narabigumanye. Icahindutse ni uko vyagize urugero rushasha, ubukomezi bushasha, ubukomezi bushasha, ububasha bushasha, nkavyumva imbere mu Mutima kera bitari uko.
Iyo batisimu muri Mutima Mweranda yampaye ukujijuka kuvyo nahora ngerageza kwitunirako no kwiboherako.Ubu sinihatita gusenga, gukorana n’abandi, guhindukirira Imana canke kuyitwararika n’ukuyigira ihangiro ry’ubuzima bwanje.Ubu bimbera nk’ibidudubiza biva imbere muri jewe atakwihata.
Ico gikorwa c’Umukama ca Pentekoti nshasha yatanguye ico gihe carasasagaye mu bihugu no mu makungu, kirama ivyamwa vyatumye aba Papa bemeza ko ari Ingabire idasanzwe yahawe Ekleziya n’isi.
Kuva kuri uwo mugoroba wa Ruhuhuma 1967 I DUQUESNE gushika uyu musi, iri jambo ngo “Nzokwiragiza Mutima wanje ku muntu wese [ku bahungu n’abakobwa banyu] riguma riranguka mu muryango w’abanagurwa muri Mutima Mweranda (Effusion) kandi bikaboneka mu buzima no mubikorwa vyabo.
Uyu musi abantu bararaba bakajorerwa, babonye ingene abakristu bafatwa nk’abantu bo ngaho bakengeretse, bafata ijambo mu makoraniro, bagasigura ivy’Imana mu mvugo irimwo ubwenge n’ugushiramanga kumwe kwo mu ntango y’Ekleziya.
Uyu musi turabona ingene abakristu banaguwe muri Mutima Mweranda bagenda intara n’izindi buzuye ishaka ryo gushingira intahe Yezu Kristu kandi inyigisho batanga zigaherekezwa n’ibimenyetso n’ibitangaro.
Uyu musi turabona kandi tugahimbarwa n’abakristu bavuga nka Petero na Yohani ngo Twopfuma dupfa hako duhemukira umukunzi wacu Yezu.
Uyu musi turabona kandi tugatangarira igikorwa ca Mutima mu miryango no mu mibano y’abanaguwe muri Mutima Mweranda.Uyu musi turibonera, turiyumvira abakristu bafise muribo isoko ridudubizamwo igisabisho c’imvamutima, ugukorera Imana n’ukwitangira abandi kuva ku rukundo rubabiramwo. Igikorwa ca Pentekoti nshasha rero kiriko kiraranguka.
2. Ivyamwa vy’ico gikorwa
Ivyamwa vy’ico gikorwa ca Mutima bitangura kuboneka mu buzima bw’abanaguwe, bikabandaniriza mu mibano. Ibikuru bikuru twovuga
2.1. Ubuzima bwahindutse :
Umukristu yanaguwe ntasubira kubaho no kugira nk’abandi bose. Yubakira ubuzima bwiwe n’imigambi yiwe kuri kristu Umukama
Ak :
- Umunyeshule yanse kuraba ikibaco cibwe
- Umwigeme yanse kuja I Bulaya ku manyanga

2.2. Kugira ubucuti na Mutima Mweranda no kwemera kugenzwa nawe
Ivyo bihera mu gutegera, kunwe kwa petero, ko Mutima Mweranda Imana iha abayigamburukira bose turi kumwe (Ac 5, 32).
Bikabandaririza mu kumwumviriza no mu kumugamburukira.

2.3 Ijambo ry’Imana :
Inyota yo gusoma no kuzirikana ijambo ry’Imana ku munsi ku munsi, mbere no guhanuza Imana biciye kw’ijambo ryayo.
Ak : Umuryango wagomba kumenya ko wohunga canke wotaha.
2.4 Igisabisho :
Inyota yo gufata umwanya ukwiye wo gusenga bivuye ku mutima cane cane ukuninahaza Imana, ugushengerera Yezu no gusoma ishapule.
2.5 Ubutumwa
Ishaka ryo gukora ubutumwa no kwitanga mu gushingira intahe Yezu no gukorera Ekleziya
2.6 Amasakaramentu
Uguhurumbira amasakaramentu cane cane iry’ukaristiya n’iry’ikigongwe, no gushima kuyahabwa kenshi.Mutima niwe akora mu masakramentu. Nico gituma uwumwakiriye aca ayamukundisha
2.7 Bikira Mariya
Mutima Mweranda niwe Mucance wa Bikira Mariya,, yama amutwikiriye. Uwumwakiriye aca amumukundisha.
2.8 Ekleziya
Mutima Mweranda riwe ayobora Ekleziya.Uwumwakiriye aca amuha inema yo gukunda Ekleziya no kugamburukira abakuru bayo muri vyose.
2.9. Ubumwe
Mutima Mweranda niwe yungira ubumwe vyose. bose na vyose. Uwumwakiriye aca amugira umukunzi n’umuremesha w’ubumwe mu muryango wiwe, mu murwi no mumubano arimwo, muri Ekleziya no hagati y’abemera Kristu bose, ndetse mbere no mu gihugu.
Ivyo vyamwa vyose n’ibindi tutadondoye, nko kwitabirana umutuma wose mu misa; kuririmbana akamwemwe gaserukira no ku mubiri mu gutambira Imana; ugutanga ic’icumi gituma Ekleziya ironka uburyo bwo kubaho, n’ibindi, …
Vyaranashitse ku nyota abakuru b’Ekleziya, gushika aho kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante 1994 Papa Yohani Paulo wa 2 abwira abanyamuryango w’abanaguwe ati:
“Muri iki gihe muriko muhimbaza imyaka 25, ndashaka na jewe nyene gushemeza Umukama n’umutima wanje wose kubera ivyamwa vyinshi uwo muryango w’abanaguwe uzana. Ivuka ry’umuryango w’abanaguwe ryakurikiye inama nkuru ya 2 y’I Vatikano, yabaye ingabire idasanzwe Mutima Mweranda yahaye Ekleziya”.

II. UMWAKA W’UKUBOHOKA N’UKWIGINA (Lv. 25, 8-22)
0. Intangamarara
Ng’uyu umwaka wa Yubile, Umwaka wo kunezerwa no kwigina kuko ari umwaka w’inema n’imihezagiro myinshi. Umwaka wa Yubile washinzwe n’Imana nk’uko tubisoma mu gitabu ca Lv 25, 8-22.
None Imana yashaka gushika kuki?
Birabereye ko tuzirikana tukamenya ico Imana yashaka gushikako kugira tumenye ico idushakira n’ico itwitezeko muri uyu mwaka wa Yubile.
Dusomye rero Lv 25, 8-22 dusanga Imana yari ifise intumbero yo gushikana abantu bayo ku:
1. Kubohoka;
2. Ukugaruka iwabo;
3. Ubutungane;
4. Ukwigina.

1. Ukubohoka
“Uzoharura amasabato indwi y’imyaka (…) umwaka ugira mirongo itanu muzowugira umwaka mweranda, hanyuma mutangaze umwidegemvyo mu gihugu kubakibamwo bose. Izuba ari Yubile yanyu (25, 10).
Ng’ico icambere Imana ishaka kudushikanako muri uyu mwaka wa Yubile: ukwidegemvya, ukubohoka. Wa mu “charismatique” we, vyumve neza: mu mwaka wa Yubile, Imana yama itegekanya gutanga inema zidasanzwe. Yarazigutegekanirije rero. Iyi ntango ya vyose ni ukubohoka kugira widegemvye, ushobore kwinjira mw’isezerano ryayo nkako nyene, ntawugira isezerano n’umuntu aboshwe canke ari mu buja. Ni ngombwa ko abanza kubohoka; abanza kuva mu buja. Amaze kwidegemvya rero, niho isezerano rishoboka.
Reka tubanze tudondore ingene ibintu vyari bimeze mu gihe ca Musa, tubone gutegera imvo y’ukuri y’iryo tegeko rya Yubile.
Mu gihe ca Musa, ibiraba ubutunzi n’imibano ntivyari nk’ivy’ubu. Ivy’ubu bishingiye ku buguzi : uwufise ni uwugurisha (Vendeur/propriétaire) uwudafise ni uwugura (client).
Mu gihe ca Musa ho, ubutunzi n’imibano vyari bishingiye ku bucuti bwa shebuja-n’umuja wiwe canke umusuku wiwe. Vyaza gute ?
Iyo umuntu ariye umwenda, hanyuma akabura ico yishura, niwe nyene yaca yishora kuwo afitiye umwenda akemera kumukorera, gushika igihe uyo afitiye umwenda azomurekura abonye ko igihe amukoreye yoba yishuye umwenda wiwe.
Vyarashobora gushika aho umuryango wose, abavyeyi n’abana bagirwa abaja imyaka myinshi kugira ngo bishure umwenda (Mt 18, 5). Muca mutegera yuko ivyo bintu, iyo ndinganizo y’ubutunzi n’imibano vyorohereza abatunzi bigahohotera aboro, na ba ntahonikora.
Imana rero yo muremyi wa vyose, ikaba n’umuvyeyi wa bose, yashize umwaka wa Yubile kugira ngo ishireho:
- Urubibe rubuza abatunzi kugumiza aboro na ba ntahonikora mu buja ubuzima bwabo bwose;
- Ibohore abantu/imiryango bohava bamara ubuzima bwabo bwose mu buja kubera ukubura ico bishura umwenda bariye.
Umwaka ugira mirongo itanu, muzowugira umwaka mweranda, hanyuma mutangaze umwidegemvyo mu gihugu kubakibamwo bose. Izoba ari Yubile yanyu. Lv 25,10.
Uyo mwaka utamaje rero, baravuza inzamba y’akanyamuneza mu gihugu cose, bagatangaza ko umuntu wese yahora ari imbohe canke ari mu buja abohowe kuva ubwo yidegemvya kubera ubuntu bw’Imana. None ivyo bisigura iki kuri twebwe muri iki gihe ?
Buca dutangaza kuri Radio Mariya no kuyandi maradiyo ko twuguruye umwaka wa Yubile.

1. Ninaba ndi mu baboshwe n’indinganizo y’ubutunzi n’imibano canke y’akazi bintuma mba umuja w’abafise uyu mwaka Imana yaranteguriye inema zizontuma mbohoka nkidegemvya;
2. Nihaba hari umntu canke umuryango umeze nk’imbohe kubera jewe, uyu mwaka Umukama askaha ko ndawuvugiriza inzamba iwumenyeshako widegemvya.
Ivyo rero ntibiraba imigenderanire mu butunzi n’imibano gusa. Birashikira kandi biraba cane cane ivy’umutima :
• Muntu uboshwe n’impengamiro mbi igutuma uba umuja w’ikintu: itabi, urumogi, inzoga, iradiyo, TV, terefone, internet, umuziki, … ng’uyu umwaka wo kubohoka kwawe uratamanzuye Ngiyo inzamba y’ukwidegemvya kwawe iriko irasamiran-ihereze Mutima umwiyegurire akubohore;
• Muntu uboshwe n’ingeso mbi canke igicumuro uguma ugwamwo wisubiriza kugeza aho wihebura ko uzorinda upfa uri umuja, inzamba y’ukwidegemvya kwawe irasamiranye. Uwakubambiwe, agasesa amaraso yiwe ngo ubohoke, afise umugambi wo kukugira uwidegemvya muri uyu mwaka mweranda ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Mwugururire, mwiyegurire;
• Muntu uboshwe n’imigozi n’imyandu wanduye ku bapfumu na ba rumenyi canke ibimazi wamanitse anke wazitse ahantu bigatuma wama utegwa n’amashetani kuko wayashingiye “antenne” ituma uguma muri « réseau yayo », nguyu umwaka w’ibohorwa ryawe
Yezu Kristu yapfuye akazuka, we yataye hanze umwami w’iy’isi, agatangaza ko yahawe ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi, uyu mwaka ashaka kuguha umwidegemvyo;

• Muntu urambaraweko n’umuvumo ugutuma uburanirwa canke ugira ivyago, nguyu umwaka wo kubohoka kwawe. Yezu Kristu yaremeye gutukwa no kuvumwa amate gushika aho ayoberana, yaragucunguye, kandi ashaka kukwuhagiza no kukubohoza amaraso n’amazi biva mu mushaha wiwe wasogoswe.
Inzamba y’akanyamuneza k’ibohorwa Yezu ashaka ko isamirana hose, kuri bose. None kugira ngo inema y’ibohorwa igushikire wokora iki ? Usabwa iki ?

2. Ukugaruka iwawe
« Umuntu wese muri mwebwe azosubira kw’itongo ryiwe, kandi umuntu wese muri mwebwe, azosubira mu muryango wiwe ».
Uwagizwe umuja ntiyaba akija iwe, ntiyaba akiba mubiwe canke muvyiwe. Umukama yashinze Yubile ngo umuntu wese asubire kuronka akanyamuneza ko kuba iwe; mu biwe no muvyiwe. Muyandi majambo, Imana yashatse ko umuntu wayo wese agaruka iwe kugira ngo asubire ku karanga kiwe k’ukuri, abe we nyene.
Umuntu aba mu karanga kiwe koko, umuntu aba we nyene vy’ukuri, igihe ari iwe. Iyo umuntu atari iwe, iyo ari iw’abandi ategerezwa kwifata uko bashaka, gukora ibintu uko babishaka, n’aho yoba we bimugwa nabi; ategerezwa guca indaro, guca ibagwe, kwikundwakaza, kwiyerutsa, kwiyorobeka, ….
Ukugaruka iwe nivyo bimuha kuba wenyene ko ivyo ari ivy’ukuri ku vyerekeye ikibanza, harakantu mu vyerekeye umutima. Inzira y’ukubooka ni ukugaruka iwawe. Kuki? Kubera imvo zibiri:
1° Kugira umuntu abohoke bisaba ko aba mu kuri
Ukuri nikwo kuzobagiro abidegimvya: Jn8,32
Ukuba mu kuri bimusaba rero kugaruka, kwemanga ico yakoze, ubukene n’ubumuga afise, mbere n’ububegito bwiwe. Ukwo kwemera ukuri, ukwo kuba mukuri vyugururira amarembo urukiza rwa Yezu, we kuri. Yezu nawe uwunwakiriye wese aca amubohora
Ak: Zake (Lc 19, 1-10).
Mwibuke ko na wa mwana w’igishushungwe kugira ngo akire, intambwe ya mbere kwabaye ukugaruka iwe.
Yipfuza kurya ibishishwa vyagaburigwa ingurube, ariko ntiyoronka uwubimuha. Niho rero yiyumvira Niho rero yagaruka iwe.Lc ,15,17

Imbere y’ugufata inzira imujana kwa se, yabanje gufata inzira yo kugaruka iwe, arisuzuma, aribona, arigaya, aremera ukuri : “Nara cumuye kuwo mw'Ijuru nongera ndagucumurako….. Lc 15,18
2° Ntawushobora guhura na Yezu Atari iwe, kuko agasengero duhuriramwo na Yezu ni ako we nyene yiyubakiye imbere mu mutima, hamwe hadashikwa n’uwundi n’umwe Atari we musa na Jewe tuhahurira. Ivyo navyo binsaba kuva mu mihana, kuva mu vyo hanze, ivyo kwisamaza no kureremba; Ivyo gusambuka, nkagaruka iwanje, nkinjira koko imbere mu gasengero aho mba jewe mu kuri, ngahura na Yezu we kuri, agaheza akambohora.
Umuntu wese azosubira mw’itongo ryiwe kandi umuntu wese azosubira mu muryango wiwe.

Uwagarutse iwe, niwe aca ashobora gusubira mu biwe no muvyiwe kuko aba yahevye kwihunga no guhunga.
Aca ashobora guhura n’abiwe. Marthe Robin ati :
Ntukagume na rimwe ku muryango w’umutima wawe, ni ngombwa kwinjira imbere, ukamarukayo, ukiyumvirirayo, ukazirikanirayo, ugakorwayo, ukemera gukorerwayo amaso mu yandi n’Imana.
Burya igisabisho ic’arico cose, cane cane ico kuninahaza, kirafise ububasha bwo kubohora. Ariko bisaba ko uwukigira akigira atareremba, adasamaye, yinjiwe imbere mu mutima. Niho rero aba umusenzi Data ashima kuko asenga mu mutima no mu kuri.
Aha mbere niho igisabisho ca muntu (prière personnelle) gishingiye kuko gisaba ko mpura buhure n’Umukama wanje mu kamenyabake k’agasengero k’Umutima wanje, aho nyagira nawe akayago k’umutima, kandi mu kuri.

3. UBUTUNGANE
Ntihagire umuntu azozimba uwo basangiye igihugu, urubaha Imana yawe, kiko ni jewe ndi Umukama Imana yanyu. Lc25,17
Kubona Imana yarashitse aho iha abantu bayo amategeko y’ingene boshinga ibiciro, biratwigisha ko:
- Imana yitwariritse rwose ko haba ubutungane hagati y’abantu bayo. Kandi niyo nyene ubwayo ihagarikira ubutungane hagati y’abantu.
Urubaha [Umukama] Imana yawe, nkako nije Mukama Imana yawe.
Icerekana ko umwene Israeli yuabaha Imana, ni Ukutazimba mugenziwe na rimwe, n’ukuvuga, kutamurenganya narimwe. Kugira uyo mwaka ube mweranda n’uko ata n’umwe yorenganywa no mu kantu na gatoyi. Nkako, ubwereanda bw’uyo mwaka, ubuhabwa n’ibikorwa vyeranda, n’imigenzo nyeranda, n’imigenderanire itunganye abantu bihatira kugira uyo mwaka.

- Imana ntaho yimigwa, irafise ijambo n’ubukuru kubikorwa vy’abantu vyose, no kurudandanzwa nyene. Nkako, igihugu ni icayo, ibihimburwa ni ivyayo, bitegerezwa gukoreshwa mu butungane nk’uko ibishaka. Ntawovuga rero ngo “Les affaires sont les affaires”
Uyu mwaka wa Yubile, wateguriwe inema zo gukora ubutungane n’ibitunganye kugira ngo ubohoke. Uwukora akarenganyo aba yiboshe we nyene kandi aba azibiye imigisha y’Imana.
Umuryango w’abanaguwe waje kurangura Ekleziya n’isi. Iyi si nayo icambere ikenye ni Urukundo. Ica kabiri, ni ubutungane kandi ubutungane bubuze, ibindi vyose bica bibura ishingiro. Nico gituma dushaka ko Eklesiya n’isi binaguka, dutegerezwa kwitwararika gushira ubutungane muvyo dukora vyose no mu migenderanire yacu yose :
- Yaba iyo dufitaniye n’Imana, tukirinda kuyirenganya haba no kuyiba umwanya wayo haba mu kuyiba ic’icumi cayo.
- Yaba imigenderanire dufitaniye n’abantu :
o Haba ku masezerano twagiriraniye
o Haba kuvyo tuba twabemereye
o Haba kuvyo tuba tubafitiye, etc…..
Uwukunda ubutungane, niwe Imana ikunda kandi niwe iha Mutima wayo w’ubukomezi
- Le Seigneur aime les justes : Umukama arakunda intungane
- Il est fort le Roi qui aime la justice (Ps 98,4). Arakomeye Umwami akunda ubutungane.
Mwiyubare cane, mwirinde akarenganyo.

4. UKWIGINA
Ukwezi kugira indwi, igenekerezo rya cumi, uzovuza inzamba y’akanyamuneza kumusi w’ikigongwe, muzovuza inzamba mu gihugu cose.

Umwaka wa Yubile ni umwaka wo kwigina kubera akanyamuneza. Imvo z’ako kanyamuneza ng’izi :
- Ukwidegemvya :
Iyo inzamba ivuze, abantu baba bari mu buja imyaka n’iyindi barafatwa n’ikigumbagumba kuko Umukama ababohoye ubuja batopfuye bikuyemwo.
Kuribo caba ari nk’igitangaro kubohora abari abaja, mu munota umwe bakaba abidegemvya kuko inzamba yayubile ivuze, bagasubira kugira iteka.

- Ugusubira iwabo no mu vyabo
Ntakintu kiryoha nko gusubira kuba munzu no mu muryango, ata mutima usimba, ugasangira ubuzima n’abawe. Turazi ko mu kuramutsa umwana bamugira bati :
- Gira so
- Gira izina
- Gira iyo uva n’iyo uja
Umuntu ari iwe, mubiwe no mutwiwe niwe yiyumva ko afise iteka n’akaranga bimubereye, niwe ahimbarwa k’umutima. Imana yashatse gutera akanyamuneza abantu bayo, cane cane abatobato n’abakene.
- Ubutungane
Umuntu yaba ari mu buja adashobora kwikuramwo kandi ata n’uwo afise yabumukuranwa, yumvise inzamba ivuze yaca yibwira ati :
“Imana iranciriye urubanza rutunyanye irankuye mu mvuto z’ubuja.”
Vyongeye kubera ko iyo nzamba yasamirizwa ku munsi w’ikingongwe, abahora mu buja barushirizaho gutegera ko Imana ico urubanza mu kuburanira no mukubohora abatobato n’impahazwa. Ivyo vyavyura muribo akanyamuneza k’umutima karimwo urukundo n’ubukengurutsi.
- Uburuhuko
Umwaka ugira mirongo itanu, uzoba Yubile yanyu. Ntimuzotera imbuto.
Inzamba ivuze abari barishwe n’umuruho w’ibikorwa bose baranezerwa, bakiruhutsa, bagashimira Imana ibahaye umwaka wose w’uburuhuko, bakumva yuko Imana ibitwarararika. Kandi rero, uyo mwaka wahera igihugu kirimwo abidegemvya basa, ico kikaba ikimenyetso c’uko imbere y’iyo Mana bose banganya iteka n’agaciro.
Hejuru y’ivyo vyose, ukuruhuka ibikorwa vya misi yose vyabaha umwanya wo guhindukirira umukama.
Natwe uburuhuko bwacu ntiburi mu kudakora burimo mushaha wa Yezu. Niwe avuga ati: Ni muze mwese murushe kandi muremerewe nzobaruhurira (Mt 11, 28)
- Imigisha
“Muhava muvuga muti: tuzorya iki mu mwaka ugira inddwi ko tutazotera imbuto canke ngo dushwabure ivyimburwa vyacu? Ehe, nzobaha umuhezagiro wanje mu mwaka ugira gatandatu, kandi mwimbure ibikenewe mu myaka itatu.”

Umwaka wa Yubile wari umwaka bene Israeli n’ababa muri ico gihugu bose bibonera ko Imana Y’Israeli ari INDAVYI koko, kuko yabamenyera ibibatunga, ikabaha umugisha utuma baronka ibibatunga imyaka ibiri yose. Ico carababera isoko ry’akanyamuneza kuko vyabereka ko Imana yabo ibari hafi ikitwararika gushika no kubifungurwa vya buri munsi. Vyongeye umugisha w’Imana wabera abo bose barekuriye abari bagizwe abaja iwabo impembo y’uko kurekura imbohe. Uyu mwaka waYubile natwe, Imana yiteze ko tubohora imbohe zose kandi rero umugisha Imana izowutuvotorera ku rugero rw’ingene tuzobohora abandi
Yezu ati : Tange niho bazobaha, bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye. Ingero mugeresha niyo namwe muzogererwako. (Lc 6,38)

Ko Imana yarinze itegeka ibintu nk’ivyo bene Israëli, harakantu twebwe abanaguwe. Ntitwitezeko ibiruta ? Kandi mubimenye neza igihe cose Imana idusavye ikintu, tuyikundiye tuba tuyihaye akanya ko kuduha imigisha.

III.AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NI HO HABA UKWIDEGEMVYA

0. INTANGAMARARA

Turashikiriye itsitso rya Yubile yacu, twashimye ko yoshimira kur’iri Jambo ngo : AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NI HO HABA UKWIDEGEMVYA. 2 Co3,17.
Mur’ibi bihe abantu bashobora kubohwa n’ibintu vyinshi, birabereye ko tuzirikana ingene twobohorwa na Mutima. Vyongeye, ko Yubile ari igihe c’ukubohorwa, birabereye ko aba “charismatique” bose bazirikana ingene ahari Mutima Mweranda harangwa umwidegemvyo. Tubizirikane mu kwihweza:
1. Aho Mutima aba
2. Umugambi wa Data n’iranguka ryawo

1.Aho Mutima aba
Paulo Mweranda avuga ati : “AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NI HO HABA UKWIDEGEMVYA.”
2 Co3,17. Ikibizo gica kivyuka n’iki : none uyo Mutima w’Umukama aba hehe? Paulo nyene arahaturangira, aho avuga ati :
Abarongowe na Mutima w’Imana nibo bana b’Imana.
Nkako, ntimwaronse umutima w’abaja ngo musubire kugira ubwoba, yamara mworonse umutima w’abana barezwe nu nzu utuma tuvuga tuti : “Aba, Dawe”
Ng’aho rero aho Mutima aba. Ni ahari abana, abana bo mu nzu, abana b’Imana. Uwa mbere muri bo ari nawe dukesha kuba abana, ni Yezu Kristu Umwana w’Ikinege w’Imana. Aho ari, niho Mutima w’Umukama aba, nk’uko we nyene avyemeza ati :
Mutima w’Umukama ari kuri jewe kuko yansize amavuta ngo menyeshe Inkuru Nziza
aboro … Lc 4,18
Aho Mwana ari rero, niho haba Mutima w’Umukama, kuko ni Mutima w’abana bo mu nzu.

Yezu yabwiye abayahudi ati :
Umuja ntahora mu nzu
Umwana we arahaguma.
Mwana rero niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.(Jn 8,35-36)
Mwana niwe dukesha iteka ryo kuba abana bo mu nzu, abana b’Imana. Nawe aridusangiza mu kuduha Mutima wiwe adutuma twidegemvya mu kuri.
Ivyo birangukira mu kuronka rya sigwa ryo mw’ibatisimu yadutumye dushigwamwo ikimenyetso ca Mutima, no mw’iconfirmansiyo yaduhaye kuzuzwa uyo Mutima, mbere no mu kunagura ingabirano ziwe igihe co kunagurwa muri Mutima Mweranda. Ng’iyo rero inyishu ya ca kibazo “Mutima aba hehe”.
Mutima aba ahari Mwana
Mutima aba ahari abana b’Imana agaheza akabaha umwidegemvyo w’abana b’Imana.

2.Umugambi wa Data n’iranguka ryawo

Mbega Imana yaremye umuntu imufitiye uyuhe mugambi ? yashaka iki ku muntu ? Paulo Mweranda araduha inyishu :
Yaratwikoreye muri Kristu isi itararemwa kugira ngo tube beranda kandi ntitugire amahinyu imbere yiwe mu rukundo, kuko ariyo yatugeneye kuyibera abana kubwa Yezu Kristu.
Ng’uyo umugambi wa Mana Data ku muntu wese. Uyo ni wo mugambi Mana Data agufitiye wa muntu we. Ni uko womubera umwana, umwana wo mu nzu kubwa Yezu Kristu Umwana wiwe w’ikinege. Bimenye neza, kandi ubizirikane ujijutse. Mana Data yakuremye kandi yakugeneye kumubera Umwana, kandi ukagendera mu bweranda buzira amahinyu mu rukundo.
None uyo mugambi Mana Data awurangura ate ?
Ivyo yagiriye Bene Israël birabitwereka : Abo Imana yageneye kuyibera abana ibibashikanako mu kubakura mu buja.

Mukubakura mu buja
Yezu ati : Umuja ntahora mu nzu, Umwana we arahaguma.
Uguhora mu nsu, bisigura ukuba mu bunywanyi bw’Imana. Iryo ni iteka ry’abinjiye mw’isezerano ryayo bakarizigama. Nibo baba bari mu nzu. Mu ngiro yayo rero, Imana ntiyigera yunga isezerano n’umuja. Ibanza kumukura mu buja igaheza ikamusaba kwinjira mw’isezerano ryayo. Kanatsinda umuja aba aboshwe na sebuja, nta mwidegemvyo aba afise, ntashobora rero kwunga isezerano. Nico gituma, kugira ngo Bene Israëli babe abana bo mu nzu mu kwinjira mw’isezerano ry’Imana, yabanje kubakura mu buja. Reka tuvyihweze, tubone gutegera ingene natwe Imana igomba kudukura mu buja mur’uyu mwaka wa Yubile ufise intumbero yo kubohoka no kwigina.

Tubanze tumenye ko ubuja buri gutatu :

1. Ubuja bwa shetani n’ivyo vyose bizana urufu
2. Ubuja butegwa n’abantu
3. Ubuja butegwa na jewe nyene

1.Gukira ubuja bwa shetani

Kugira ngo ibagire abaja, shetani itera abantu ubwoba bw’urupfu. Gutryo rero, kubera ugutinya gupha, umuntu agaca yemera kuyibera umuja, akaba mpemuke ndamuke. Ng’uko uko Imana yakijije Bene Israëli ubwoba bw’urupfu (ex.14,1-31).
Umunsi Imana ibakura mu Misiri, aho kubacisha mu buraruko hasanzwe hari inzira y’ikiraro (harya haciwe umugazo wa SUEZ 1867), yabategetse guca amaja epho ahitwa Pihahiroti. Aho naho nta nzira yariho kuko baca batangirwa n’ikiyaga gitukura.
Baciye rero baba baracumbitse iruhande y’ico kiyaga. Niho rero Faraoni yagomora ingabo zikaza kubatsinda aho bari bacumbitse. Bene Israëli bagiye bumva umugigimbo w’imikogote n’amafaransi isinzi. Ngo bararamure amaso babonye zije zarakaye ngo zibahonye nabo batagira n’iyo bahungira,
Ubwoba burabatekera baca batakambira Umukama. Babwira Musa bati : Mu Misiri nta mva zariyo muko utuzana gupfira mur’ubu bugaragwa ? (…) Ntitwari twakubwiye mu Misiri tuti : n’utureke dukorere abanyamisirei ? Kubwacu twophuma dukorera abanyamisiri haguphira mur’ubu bugaragwa.
Ng’iyo imvugo y’abatekewe n’ubwoba bw’uruphu, baremeye ko bapfuma baguma mu buja hako bopfa, hakuba imva boba imbwa.
Mur’ico gihe bari bageramiwe n’urupfu. Niho Imana yabakorera igitangaro batazopfa bibagiye mu kubacira inzira mu kiyaga no mu kwibiza murico abari baje babahigiye ngo babice, ikoresheje Umuyaga. Uyo muyaga ni ububasha bwa Mutima Mweranda (Ex 14,21).
Kur’uyo munsi, Umukama arokora Israëli ayikura mu minwe ya Misiri.
Israëli irabona imivyimba y’abanyamisiri ku nkombe y’ikiyaga. Israëli irabona ububashabw’ikiganza Umukama yakoresheje mu kurwanya Misiri.
Igihugu gica cubaha Umukama, cemera Umukama n’Umusavyi wiwe Musa (Ex.15,30-31).
Ng’uko uko Umukama yakijije Israëli ubwoba bw’urupfu: yaberetseko ububasha bw’ikiganza cayo bushobora kubakura mu kaga akariko kose, bukabacira icanzo aho bo babona icobo. Mur’ico gitangaro, Imana yashatse kubereka ko n’aho serupfu ariwe shetani yobacira icobo, Imana ifise ububasha bwo kubacira icanzo; naho serupfu yoba yaje azanye ingata n’imigozi, Umukama afise ububasha bwo gukiza no kurokora abakunzi biwe, kandi ntacobashikira atariwe akirekuye.
None weho ? ugezehe ? Uhagaze he ? Na wewe hariho umunsi Imana yakweretse ububasha bw’ikiganza cayo. Hariho umunsi Imana yakweretse ko iguhagarikiye; hariho umunsi serupfu yari yakwimbiye icobo Imana iragucira icanzo kubera urukundo igufitiye. Kubera ico, nawe Imana yiteze ko uyubaha, ukayemera, ugakira ubwoba bw’urupfu, ntiwigere uba mpemuke ndamuke . Ukavuga nyabuna nka Petero na Yohani babwiye ababahigira, babatera ubwoba bati :
Ahacu, ntidushobora kureka kuvuga ico twabonye kandi twumvise (Ac.4,20).
Uyu mwaka wa Yubile, ni umwaka wewe wanaguwe muri Mutima Mweranda utumiriwe kuva mu buja urimwo kubera ubwoba bw’urupfu, ukaba intwari n’umutinyutsi, ugashingira intahe udatinya Yezu Kristu; Umukama wawe, we yemeye kubambwa no kwicwa hanyuma akazuka kugira ngo agukize ubwoba bw’urupfu n’ubuja bwa serupfu shetani n’abayikorera. Umwanditsi w’ibaruwa ry’abahebreyi nawe ati :
Kwari ukugirango mu gupfa kwiwe yambure ububasha uwahora afise inganji y’uruphu ariwe shetani, kandi abohore abo bose bari mu buja mu buzima bwabo bwose kubera ubwoba bw’urupfu. (He 2, 14-15).
Ng’iyo rero intsinzi y’Imana be n’inganji ya Kristu wayo, yagaragaye mw’izuka rya Yezu Kristu, kandi n’ubu yama igaragazwa n’abo Yezu yabohoye, bakamushingira intahe, badatinya urupfu: Témoignages.
Nawe rero bohaka, va mu buja.

2.Mukubakiza ubuja buva ku bandi bantu

Hariho ubundi buja butegwa n’abandi bantu : abafise amaronko, amatungo n’ubukuru. Kubera ko bafise ivyo batanga, bakavyishimikiza mu gushira abandi mu buja, bakabagira ibikoresho vyabo. Iyo rero bahuye n’umuntu ashonje, akenye, yaburaniwe… bakamuboneraho, bakamugira umuja wabo.
Kugira ngo Imana ibohore Bene Israëli, ntibazokwemere kujakazwa n’umuntu n’umwe, Imana imaze kubakura mu Misiri yabacishije mu gahinga k’ubugaragwa. Bashonje canke banyotewe, canke bafise ubundi bukene ubw’aribwo bwose, beza amaso Imana, nayo ikabagaburira umukate uvuye mw’ijuru ; banyotewe ikabaha amazi avuye mu gitandara c’ibuye kugira ngo babone kandi bategere ko iyo Mana yabo ari Umuvyeyi abitwararika kandi ko bari kumwe nayo ataco bazobura. Umwanditsi w’igitabo c’Amategeko abasaba kutigera bavyibagira :
Israëli we, urame wibuka inzira yose Umukama Imana yawe yagucishijemwo no mu bugaragwa imyaka mirongo ine yose (…) yaragucishije bugufi, agutera inzara, hanyuma akugaburira amana utari bwabone kugirango akwereke ko umuntu atabeshwaho n’indya gusa ariko abeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Umukama.(Dt.8,2-3).
Ukwibonera ingene Umukama yitwararika ubuzima bwabo vyatuma Bene Israëli bazi kwitegereza bakabona kandi bagategera, bemera ko Imana yabo ari INDAVYI ibarabira, ikabamenyera vyose ; Gurtyo bakabohoka, bagakira uguhagarika umutima kubera ivyo bokenera vyerekeye ugufungura n’ukwabara. Yezu Kristu amaze kuza kw’isi, yarababazwa cane n’ukubona ingene abantu bahagarikwa umutima n’ivyo kurya n’ivyo kwambara, nk’uko umengo n’impfuvyi zirya zikimara.

Yabwiye abagishwa biwe ati :
Ntimurazwe ishinga n’ubuzima bwanyu mwibaza ico muzorya, ico muzonywa canke impuzu z’ukwambika umubiri wanyu (…).
Ni mureke gusimbwa n’umutima muvuga muti : mbega tuza kurya iki ? canke muti : tuza kunywa iki ? canke muti tuza kwambara iki ? (…). So wanyu wo mw’ijuru arazi ko mukeneye ivyo vyose. (Mt.6,25. 31-32
Nawe muvukanyi, itegereze mu buzima bwawe aho hose Imana yakweretse ubuvyeyi n’uburavyi bwayo mu bukene warimwo, uheze ubohoke ubuja bwose bw’abagomba kukujakaza canke kuguhemukisha kw’ibanga canke kw’iteka ryawe, no mukwemerera utwokurya, udufaranga canke ikindi kintu.

Nakare ntimwaronse umutima w’abaja ngo mugume mu bwoba, yamara mwaronse umutima w’abana barezwe munzu utuma tuvuga tuti “Abba, Dawe! (Rm.8,15).

Uwabatijwe wese, uwujujwe Mutima Mweranda ariyumvamwo ko Mana Data ari Umuvyeyi amumenyera vyose.

Mutima we nyene ubwiwe, niwe afasha umutima wacu kwemera ko turi abana b’Imana.
(Rm 8.16).

Umwana nawe ntiyigera ahagararika umutima iyo afise umuvyeyi ashoboye. Ugutegera ko Imana y’Israëli ari Umuvyeyi abamenyera vyose, no mu bugaragwa nyene, nivyo vyatumye bene Israëli bahinduka :
• Abari bafise ivyiyumviro vy’abaja bagira ivyiyumviro vy’abana barezwe mu nzu
• Abagenzwa n’umutima w’abaja bagenzwa n’umutima w’abana barezwe mu nzu
• Abari bafise imigenzo n’imibereho y’abaja bagira imigenzo n’imibereho y’abana barezwe mu nzu. (Ils sont passes de la mentalité/esprit d’esclave à celui de fils).
Uyu mwaka wa Yubile nu wo guhinduka kwawe nawe muvukanyi :
 Va mu buja winjire mu mwidegemvyo utangwa na Mutima w’abana barezwe mu nzu
 Vavanura n’ivyiyumviro vy’abaja, bagendera kuri ya migani ngo :
- Uwutabeshe ntasumira umwana
- Uwugowe aragoka
- Ibondo risumba ikibondo
Akira ivyiyumviro vya Mutima Mweranda akugire nawe umwana yarezwe mu nzu.
 Vavanura n’imvugo, ingiro n’imigenzo y’abaja wiyegurire Mutima Mweranda aguhe nawe imvugo, ingiro n’imigenzo y’abana barezwe mu nzu nk’uko yabigiriye Petero n’abandi bigishwa bambere.
N’aho wokena, n’aho wosonza, n’aho wogorwa, ntukemere kuba umuja w’umuntu n’umwe. Wagenewe kuba mu mwidegemvyo w’abana b’Imana barezwe mu nzu.

3.Kuva mu buja bwa jewe nyene

Umuntu agwa mu buja bwa wenyene kubera igicumuro. Yezu arabitomora ati :
“N’ukuri n’ukuri ndabibwiye, uwukora igicumuro wese ni umuja w’igicumuro” Jn 8,34
Mu kubohora bene Israëli ben’ubwo buja, Imana yabigishije kwigumya no kurwanya impengamiro mbi ya kamere muntu.
Akarorero :
Umukate wa mana : Umuntu wese yaragenda akandura imikate. Ariko Imana yategetse ko atawohirahira ngo arenze iyo afungura uwo munsi. Baza kwandura rero ku munsi kumunsi bakurikije ivyo umwe wese afungura. (Ex 16, 9-21)
Mu gushinga iryo tegeko, Imana yashatse kubigisha kwigumya n’ukwitsinda, boye kuba ba Ruganzwaninda, ba Ndayamutaye. Bategerezwa kugira urugamba rw’umutima mu kurwanya agatima k’umunoho, ugucuranwa n’ukwikwegerako itunga rusangi. Uko niko nawe muvukanya utegerezwa kurwanya kamere muntu yawe kugirango ntuzobe umuja w’impengamiro mbi, umuja w’ukwikunda n’ukwikwegerako, w’ubwishime n’inambu n’umwina w’amaronko n’ibiryoheramubiri. Muri urwo rugamba rw’umutima, turafise umutabazi adukomeza, akaduhagarikira ngo dutsinde.
Niwe mbere atujana kurugamba nk’uko yarujanyemwo Yezu (Mt 4, 1-11), akagirako akatwuzuza umuco n’ubukomezi vyiwe kugira dutsinde umwansi shetani ashaka kutugira abaja b’impengamiro mbi ya kamere-muntu.
Mutima Mweranda twaronse n’Umutabazi w’abanyarugamba rw’umutima.
Paulo arabibwira Timote ati :
“Imana ntiyaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ukwitsinda” 2tm1,7
Nico gituma ahari Mutima w’Umukama ariho haba umwidegemvyo kuko uwumwugururiye, uwamyiyeguriye, uwumugamburukira, aramukiza ubuja bwose, akamuha umwidegemvyo w’abana b’Imana.

Urakaza Mutima w’Umukama wewe utugira abidegemvya

IV. UKWIBOHORA

Muri uyu mwaka wa yubile, hari ikintu gihambaye dukwiye gushira mu ngiro kugira ngo umugambi wo Kubohoka no kwigina uranguke. Ntawushobora kwigina agoshwe. None ko umuntu abohwa n’umutima mubi, umukristu yahawe Mutima w’ubutwari, yobozwa n’iki kuwibohora akawirukana, kandi Yez yaramuhaye ubwo bubasha aho yagira ati :
« Ibimenyetso bizoranga abazoba bemeye nivyo vy’ibi : Kw’izina ryanje bazokwirukana amashetani…. Mc16, 17 »
Twaraye twinjiye mu mwaka w’ibohorwa Ni wigerero muvukany kwibohora umutima wose ukubuza kwidegemvya :
- Umutima w’ubwoba
- Umutima w’ishavu
- Umutima w’urwanko n’inzigo
- Umutima w’ububeshi /w’uburyarya
- Umutima w’ubusuma
- Umutima w’ubuhumbu/w’ibiterasoni n’ibindi vyinshi.
Ni waba wemera koko, urashjobora kwirukana uwo mutima mubi kw’izina rya Yezu, nk’uko yabitwemereye. None bigirwa gute ?
Ng’uko uko wobigenza. Bigise intambwe zitanu :
1. Ikwigaya n’ukugaragaza ukwemera
Umutima mubi winjira ahari igicumuro. Iyo umuntu acumuye, aba ahaye icanzo Shetani. Nico gituma intambwe yambere y’ukwibohora ari :
- Ukugaya bivuye ku mutima igicumuro canke ikibi nakoze, cabure ububegito mfise.
- Ukugaragaza ko nemeye Imana, nemeye n’ukuri yatumenyesheje twigishwa na Yezu Kristu muri Ekleziya yiwe.
Niho ukubohoka bihera, kuko uwigaye akagaragaza ukwemera aba yemeye ukuri, ukuri nako kumugira uwidegemvya.
2. Ikigongwe
Ikigongwe niyo ntambwe igira kabiri yo kubohoka :
- Ugusaba ikigongwe Imana nacumuyeko mbere n’umuntu nagiriye nabi canke nababaje mu gihe bishoboka.
- Ukwakira ikigongwe mpabwa n’Imana mw’isakramentu ry’ikigongwe, n’ico mpabwa n’uwo nucumuyeko mu kuganira nawe (igihe bishoboka)
birabohora agatima mpanuzi bikongera bikazana amahoro mu mutima.

- Ugutanga ikigongwe n’ukurekurira bivuye ku mutima uyo wese yambabaje canke yongereye ikibi, yaba akiriho canke yarapfuye, biraremurira umutima umutwaro w’umutima , bikazana amahoro

3. Kwanka no guhakana ikibi na Sekibi
Kugira ngo umuntu abohoke, ategerezwa gutangaza icese ko yanse kandi ahakanye ivyamuboha n’ivyamugira umuja (refuser et rejeter). Nkako ico umuntu yanse, ico umuntu hakanye nta bubahsa gisubira kumugirako. Nico gituma imvere yo gutanga ibatisimu habanze uguhakana Shetani n’ibikorwa vyayo n’inyosha mbi zayo, kugira ngo ububaha bwayo bwose buve kuwungira ngo abatizwe.
4. Gufata ingingo
Iyo umuntu abahotse, kugirango ntasubire kugwa mu buja yarimwo, abwirizwa gufata ingingo ituma umwansi abura icanzo yinjiriramwo. (cfr EP4, 29-32)
Ak : - uwahora aborerwa, ashaka kuzigana ibohorwa ryiwe ; afata ingingo yo kudasubira mu (kabare) mu kirabo/mu bunywero.
- Uwahora mu buhumbu ashaka kugumana ibohorwa ryiwe, afata ingingo yo kutaraba amasanamu y’ibiterasoni canke inyandiko zavyo.

5. Umuhezagiro n’ukwishikana
Uwuhejeje kubohorwa aca ahamagarira umuhezagiro ku buzima bwiwe, ku bakunzi biwe no kubansi biwe bose, akongera akishikana mu kwiyegurira rwose Yezu na Bikira Mariya, ngo babe aribo bamugabo, bamuzigama, bamukingira.
Akarorero k’igisabisho co kwibohora.
Jewe ………………………
1. Ndemeye ko nahaye icanzo shetani mu kuvuga…. mugukora… Ndigaye rwose kuko nahemukiye Yezu…. Ubu Ndemeye ko Yezu ariwe …………….
2. Ndasavye ikigongze kur’ico ……….navuze/nakoze ndemeye kurekurira N…. na N….. ku kibi bankoreye.
3. Ndahakanye kandi ndanse Umutima w’urwanko/w’inzingo/w’ubwoba/w’ubuhumbu…. wa mutima w’i…… ndakwanse kandi kw’izina rya Yezu w’I Nazareti ndakwirukanye, hoshi genda ku musaraba wa Yezu akuganze nk’uko waciriwe urubanza. Nta bubasha na bumbe umfiseko, jewe ndi umwana w’Imana na Bikira Mariya. Ndatangaje ukubohoka n’umwidegemvyo wanje w’umwana w’Imana.
4. Ndiyemeje kudasubira…. Kugirango nigenze koko nk’umwana w’Imana.
5. Ndahamagariye ku buzima bwanje, ku bavyeyi, ku bavukanyi, ku bakunzi, no kubansi banje bose imihezagiro myinshi, kandi ndiyeguriye rwose ubukuru bwa Yezu Kristu n’ubuvyeyi bwa Bikira Mariya. Ndugururiye Mutima Mweranda ngo anyuzure anyiganzire kandi anyobore.
Amen.
III. AMAMUKO YA RCC

0. Intangamarara
RCC yabaye inyishu Imana yatanze kubera igisabisho cashikirijwe n’aba Papa n’abakristu bose, basaba Pentekoti nshasha.
1. Amamuko ya RCC kw’isi yose.
Ng’uku uko vyagenze:
Mu mwaka w’ 1897: Papa Léon XIII yandikiye abakristu ikete ribatumirira kunagura amasabo ya Mutima Mweranda (Divinum illud munus).
Papa Léon XIII yasavye abakristu b’abakatolika bose kugira uko umwaka utashe”neuvaine”, igisabisho c’imisi icenda co kwambaza Mutima Mweranda hagati ya Asensiyo na Pentekoti.
Ku wa 1 Nzero w’1901: Niho uyo mu Papa nyene (Léon XIII) yegurira Mutima Mweranda ikinjana ca mirongo ibiri agirako atera ururirimbo rwo kumuhamagara (Veni creator spiritus).
Ibihe vya Mutima Mweranda vyari vyuguruwe. Ivyo ntivyizanye. Ni Mutima Mweranda we nyene yabisavye Papa Léon XIII aciye ku mubikira yitwa ELENA GUERRA, Mama mukuru w’Umuryango w’ababikira we nyene yatanguje, bitwa “Imperezwa za Mutima Mweranda” (Les Soeurs Oblates de l’Esprit Saint). Uyo mubikira ELENA GUERRA yari amaze kwandikira Papa Léon XIII amakete cumi n’atatu (13).
Muri ayo makete yandika yohejwe na Mutima Mweranda yabwira Papa ko hari ikintu gihambaye rwose Ekleziya yibagiye, bituma ibura impwemu, umuco, n’ubuzima: naco ni amasabo ya Mutima Mweranda ati:
“Abakristu bagira «amaneuvaine» menshi, ariko « neuvaine » nkuru ari nayo zose zikomokako kuko yategetswe na Yezu Kristu, neuvaine ya Mutima Mweranda nta n’umwe ayibuka.
Amasabo y’aberanda ni menshi cane muri Ekleziya, ariko amasabo y’uwugira abo beranda ariwe Mutima Mweranda, ntawuyagira.”

Papa Léon XIII amaze gusoma ayo makete, niho yahava atumirira Ekleziya yose kunagura amasabo ya Mutima Mweranda, mbere akegurira ikinjana ca mirongo ibiri Mutima Mweranda kuko, Mutima Mweranda abimusavye aciye kuri Mama ELENA GUERRA.
Uyo musi nyene w’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa Nzero 1901, aho Papa Léon XIII yatera ururirimbo rwo guhamagara Mutima Mweranda, niho muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, mu gisagara ca TOPEKA kiri muri Leta ya KANSAS mw’ishure ry’abiga Bibliya bise Bethel rikukira ishengero Méthodiste, niho Mutima Mweranda yatanga “effusion” ya mbere ari nayo yabaye itanguriro ry’abazokwitwa abapentekoti.

Mu mwaka wa 1906: Niho umupasitori William John SEYMOUR yakwiragiza inyigisho zerekeye Mutima Mweranda, atanguza artyo amashengero (menshi) y’abapentekoti.
Kuva ico gihe, Mutima Mweranda yaciye aguma anagura ubukristu bw’abemera Yezu Kristu.
Pentekoti nshasha
Mu mwaka wa 1936: Mutima Mweranda yahaye abantu babiri kubura ibitangaza agiye gutangura gukora mu bemera Kristu.
Igenekerezo rya 10/2/1936: umwigeme w’umufransakazi yitwa Marthe Robin, yatumwe kubwira Patiri Georges Finet ko hagiye kuza Pentekoti nshasha y’urukundo izotuma abakristu b’aba « laîcs » bagira ishaka ryinshi ryo kumenyesha abandi inkuru nziza.
“Amasengero yubatswe azoba mato kuburyo amakoraniro atazoba akihabera, bivuye ku bwinshi bw’abantu basenga.”

Uyo mwaka nyene 1936, umuvugabutumwa w’umwongereza yitwa Smith Wigglesworth yatumwe kubwira umupasitori w’umupentekoti David Du Plessis ko Mutima Mweranda agiye gukabura abemera Kristu ku buryo butari bwigere buboneka, maze isinzi ry’abantu bahurumbire Imana.
Mu mwaka wa 1959: Papa Yohani XXIII yahamagaje inama nkuru y’Ekleziya yose kugira ngo Abepiskopi bashingire hamwe imigambi n’amategeko mashasha vyotuma Ekleziya yugururira amarembo Mutima Mweranda ngo ayihuheremwo ubuzima bushasha, agire pentekoti nshasha. Yaciye mbere yandika igisabisho co kwambaza uyo Mutima Mweranda:
“Ewe Mutima w’Imana, subira urangure muri iki gihe turimwo ibitangaza vya pentekoti nshasha. Gabira Ekleziya nyeranda ihurikiye mu gisabisho, iri kumwe na Bikira Mariya Nyina wa Yezu kandi irongowe na Petero abonekera mu musubirizi wiwe, gukwiza hose ubwami bw’urukiza, ubwami bw’ukuri, bw’ubutungane n’amahoro.”
Mutima Mweranda ntiyatevye kwishura. Inama nkuru ya Vatikano II yatanguye mu mwaka wa 1962 ihera mu mwaka wa 1965.
Igenekerezo rya 14/2/1967: Niho Mutima Mweranda yatangura icese igikorwa co kurangura igitangaza ca pentekoti nshasha mu kwuzura no mu kunagura abahungu n’abigeme bo mw’ishure kaminuza yitiriwe Bikira Mariya Umugabekazi wa Duquesne mu gisagara ca Pittesbourg kiri muri Pennsylvany muri Leta zunz’ubumwe za Amerika. Kuva ubwo, uyo muriro wa Mutima Mweranda wagumye urandagata urashika I Buraya, muri Aziya, muri Afrika no mu Burundi. Abakristu buzuzwa Mutima Mweranda baguma bongerekana, mbere ubu kw’isi yose bararenga imiliyoni ijana na mirongo ibiri, bahurikiye muri RCC. Uko niko umuryango wa RCC watanguye. Ubandanya waguka biciye mu kunagugwa muri Mutima Mweranda (effusion de l’Esprit Saint) kw’abakristu bavyitegurira amayinga indwi (7).
Ubu biragaragara ko turi mu bihe vya Mutima Mweranda kuko amajambo y’ubuhanuzi yatumwe Marthe Robin na Smith Wigglesworth ariko araranguka. Ibitangaza vya Pentekoti nshasha biramaze kuboneka.
2. Amamuko ya RCC mu Burundi
Rcc yatanguye mu bihe bikomeye ihugu carimwo ci ntambara.
Hari 5 juin 1995 niho haba inagurwa muri Mutima Mweranda ya mbere y’abakristu bashika 80. Abo bakristu baciye bagira inyota nyishi y’Imana.Niho twabona kandi ivyamwa vyinshi kuri bamwe bamwe nko gukunda gusenga, gushengerera Yezu mu Karistiya, gukunda gusoma ijambo ry’Imana, urukundo, akanyamuneza, benshi bagiye guhagurutsa abakiri kure mu vy’ Imana, umuvukano, gutyo umuriro wa M M uba uratse.
1. Intenguza
2. Intango
3. Uburyo twasenga
4. Ivyamwa twabonye
5. Ubu aho tugeze

1. Integuza
Foyer de Charité yatanguje neuvaine ya mbere yo kwitegurira pentekote kuva 29/05 au 8/06 / 1992 yarifise intumbero yo kumenyesha buke buke MUTIMA MWERANDA uwariwe ni bikorwa akora mu buzima bwa bakristu no muri Ekleziya. Ico gihe twariga gusenga no ku mwambaza spontanement. Niho twatumira P Boulanger wo mu muryango wa Bapatiri Bera , P BLANC aze kugirisha amafungo. Yarashimangiye mu kutwigishije akamaro ka Mutima Mweranda , nigene twakira ingabirano ziwe mu buzima bwacu. Ico gihe yatanze intahe y’ingene yahindutse( conversion) ahuye n’abanaguwe muri MUTIMA MWERANDA mu ighugu c’u ubufaransa (RCC).
Muri 1993 niho basubira kugira kandi iyo neuvaine yo kwitegurira umunsi mukuru wa pentekoti iyo neuvaine yantanguye italiki 21/05 au 30/05/1993. Muri yo twambaza MUTIMA MWERANDA ngo aze atunagure. Abakritu bari batanguye kubitegera bakaza ari benshi. Niho kandi basubira gutumira P Boulanger ngo aze kubandanya yigisha ubuzima bushasha bwo muri MM( la vie dans l’Esprit) mu mwiherero wabereye kuri Grand Seminaire y’ ibujumbura ari kumwe na foyer de charité kuva 2 au 8-07- 1993. Umutwe wuwo mwiherero wari « kwiga Kugenzwa na MUTIMA MWERANDA »(Retraite Charismatique).
Igikuru kwari ukwakira MUTIMA MWERANDA n’ingabirano ziwe (yita des cadeaux, dons gratuit du Seigneur). Yasaba amasaha 4 yo kuzirikana ijambo ry’Imana no gushengerera isakramentu ryeranda, ku mugoroba tugasozera tuninahaza Imana.Nyumayaho
yaramenyesha inkuru nziza mu bubasha bwa MUTIMA MWERANDA ku bantu bose, arasengera n’abagwayi , benshi barakira bwari bwambere tubonye Yezu Muzima mw’isakramentu ry’ukaristiya akiza abarwayi k’umutima no kumubiri. Mugabo benshi nti batahuye kuko ntavyo bari bamenyereye kubona. Ingabirano za Mutima Mweranda zarabonetse , nazo zari kuvuga mu ndimi( Parler en langue et, interprétation, prophétie. Imana yarekanye ko Iri kumwe natwe, kandi ari Nzima.
P Boulanger Yasize inyota mu mitima yabo bose bamwunvirije. Asiga abwiye Patiri Ntagwarara Jean na, Anne Bitega ngo bobandanye ico gikorwa ca MUTIMA MWERANDA mu gutegura inyigisho zo kunagura abakristu kuko yari yabonye ko hageze . Iryo Jambo bararifashe nkankama, batangura gushira mu gisabi
2. INTANGO ya RCC mu Burundi
Imbere yo kuvuga intango nohera mu kuvuga ingene ico gihe vyari bimeze muri Ekleziya, ibintu vyari bimeze mu Gihugu no mico y’abantu.
• Mu Gihugu
Muri 1993 niho bica umukuru w’igihugu Melkiore Ndadaye haca haduka intambara ishingiye ku moko, harapfa abantu benshi abandi barahunga.
Igihugu carangwa n’umubabaro n’amarira, umwiheburo, ubwicanyi hagati yabandasangiye ubwoko. Abantu barinubana, mbere no mw’isengero basenga binubana. Ama quartier yo mugisagara yari yatandukanye vyari bigoye kuja mw’i quartier yuwo mudasangiye ubwoko. Ivyo vyatuma abantu bigoye kubashira hamwe. Ibihuha nivyo vyavugwa hose, ijambo ry’Imana ntanumwe yaryitwararika.
• Muri Ekleziya
Ekleziya yari yabuze abakritu benshi na bihebeye Imana bishwe muriyo ntureka. Imhari Gatorika ntiyahura, aho bishobotse nta ngupfu z’umutima bari bafise. Amasengero yari vide sauf les dimanches naho twasenga twiyorobeka ku Mana.Ukwemera kwaragoyagoya,ukwizigira kwaratakaye, urukundo kwarazimye. Umuntu yariraba nutwiwe.Nta rwaruka rwarangwa mu misa.

• Mu mibano
Imiyrango yongaha mugisagara yari yaratatanye kubera ubwicanyi… Abana barigenga umwe wese yakora ico ashaka niho urwaruka rwinshi rwaja mubiyayura umutwe, ubwicani, ubusambnyi… amaligala niyo yaragwiriye. Ubukene buragwira mu miryango.
I. Kunagugwa muri Mutima Mweranda yabaye inyishu

• RCC yabaye inyishu
Kubera ingorane zari ico gihe, hari abakristu baza gushengerera Yezu bakamutakambira ngo akize igihu cacu. Niho muri Foyer biyumvira gutanguza inyigisho z’ukwinagura za sozerewe n’igisabisho co gusabira abo bari biteguye bashika 80 hari kuri pentekote 1995. Hari italiki 5. Benshi batashe banezerewe cane, baninahaza Imana, baririmba vyari imboneka rimwe tubona abantu bahimbawe mu Mukama. Barabohoka….
Munyuma twashiye dutanguza umugwi wa louange hari itariki 8/06/1995 kuko uwo muriro wari watse wari ukeneye kwenyegeza kugirango ivyo vyiza nibihere ukwo.Hariho na bakristu basaba ko twobandanya.
• Uburyo twasenga :
Imisi ya gatatu yo mu ndwi twarahura, tukishara ku zingi twigana cenacle ya mbere.
Tugatangura kwakira abashitsi, tukiga indirimbo nyuma yivyo tugatangura kuninahaza Imana turirimba, ica ranga gose ico gisabisho n’ubukomeze cari gifise mu mitima y’abaza bose benshi bataha bavuga ivyiza vy’Imana, bigisha ijambo ry’Imana…
Hageze gusoma ijambo twararitora haho nyene, M M nawe yaba ari kuri rendez vous akaduha amajambo ajanye nigihe turimwo. Twararonka n’amajambo y’ubuhanuzi akarorero (Prohptie) : wk’italiki 2/10/1996 « Nzobakurako umutamana mubi, nzobambika umutamana mwiza, nzokura mukanwa kanyu amajambo mabi »
Le 29/1/1997 « Ndabakunda nku muvyeyi , ibuka irwo ndabakunda nshaka kubihishuka. Nzobihishuka ko mwatoranye kuninahaza ». le18/02/97 : vous verrez ma gloire se realiser au milieu de vous, soyez dans la confiance, soyez dans l’Amour.
Mutima Mweranda naninahazwe kw’iteka yaduteye tukamwumva, agahindura ubuzima bwacu, akatwigisha gusenga bivuye ku mutima, yaradukoranya akatwungira ubumwe aho henshi havugwa amacakubiri, iwacu havugwa Imana, urukundo, ininahazwa ry’Imana.

• Ivuka y’Imigwi Y’ugusenga :
Twarabandanyije kunagura abakristu buri mwaka kuva muri 1995 gushika muri 2002 nitwigeze dusiba narimwe.Ariko muri 1999 niho haba inagugwa ry’urwaruka, niho Mutima Mweranda yasubira akatsa umuriro udasanzwe muribo. Benshi barahinduka bava mu ma ligala batangura ama fraternité. Kubera bo kandi niho hatangurwa imigwi yo gusenga mu ma paroisse hamwe hamwe, nka paroisse Ngagara, Nyakabiga, Kinama…. Imbera yaho hari uwo gusa wo muri Foyer de Charité wayoborwa ahanini na ba membre ba Foyer. Ico nicamwa cabonetse kubera urwo rwaruka. Mgr Ngoyagoye arabashigikira cane mbere aca arondera umusacerdoti yo gwitwararika. Aca atanguza n’amahwaniro y’urwaruka. Na Patiri mukuru barakira iyo ngabire ya Mutima Mweranda. Guryo Foyer de Charité irahimbarwa n’ukwibaruka iyindi mirwi y’ugusenga (Groupe de prière).
Muri 2002, Niho iccrs yarungika Jean Pliya kubera Patiri Amando Kana yari yasavye umuntu , wo muri renouveau yoza gufasha abanaguwe guterimbere mu buzima bwa Mutima Mweranda. Niho haba formation yabagize iyi mirwi
Niho twasanze bikenewe gutangura groupe de prière ya mbere hari 8 juin 1995 iminsi 3 inyuma ya effusion. Kuvubwo ntivyahagaze. Muri 1999 niho twategura effusion ya mbere y’urwaruka naho nyene Mutima Mweranda aratsa umuriro, urwaruka ruca rukwira mu gisagara ca bujumbura rwigisha urukundo rw’Imana murundi rwaruka. Icamwa nyamukuru twabonye n’ uguhinduka, umuvukano,niho imigwi yo kuninahaza Imana mu ma Paroisse amwe amwe yatangura n’ amafraternité.
Muri 2002 niho Jean Pliya yaza ubwa mbere agira Evangélisation mu bubasha bwa Mutima Mweranda aca agira na formation ku banaguwe muri MM, cane cane ku ba Bergers na Noyaux.Muri iki gihe RCC yarateye itambwe, Mutima Mweranda aguma atanga Ingabirano nyinshi mu bakristu benshi.
• Ivyamwa vyabonetse
Harabonetse ivyamwa vyinshi vya Mutima Mweranda nkuko tubisoma mw’ibaruwa Paulo yandikiye aba Galati (Gal 5, 22) ati « Uurukundo, akanyamuneza, amahoro, ubukundanyi, ubuntu, ukugumya umutima, ugutekereza, ukwiyumanganya, ukwumira kw’ibanga, ukwitsinda,… ivyo twarabibonye muri RCC. Hariho n’ibindi :
- Ukwemerau kwarakomeye mu bantu, Yezu arinjira mu buzima bw’abantu, atubera umugenzi, Imana, Umukiza n’Umwami w’imitima ;
- ugukunda gusenga mu miryango, ahahora havugwa ibihuha, havugwa Imana. Imibano myinshi yarahindutse. Mutima Mweranda arafata ikibanza kinini mu buzima bw’abakristu no mu gisabisho cane cane ico kuninahaza Imana ;
Imitima irakira akabonge, umwiheburo, ahari amarira haraba akanyamuneza n’amahoro. Abantu barize gusubiza hamwe, abahora bankana urunuka kubera amacakubiri bacika abavukanyi basangira akabisi n’agahiye. Intahe zarashinzwe ata gutinya, bigatuma abantu biyongera mu kubona ivyo Mutima Mweranda ariko arakora mu bantu.
Gukunda ijambo ry’Iimana
Abantu bariyumvisemwo muri paroisse nk’umuryango bategerezwa gukunda no kwitangira : batangura ibikorwa vy’isuku mu ngoro y’Imana. Kwitwararika abasaseredoti mubibatunga n’ibibafasha kurangura neza ubutumwa.

4. Kumensyesha Inkuru nziza
Abanaguwe bagize ubwira bwo kumenyesha Inkuru nziza mu zindi paroisse za Diocèse ya Bujumbura gushika no mu misozi badatinya guharura n’ingorane kandi bashize amazinda.
5. Kwitwararika abakene nk’abakristu bambere ;
6. guhurumbira amasakramentu ni kwijukura inkuka y’Iimisa ;
7. mu rwaruka, haravutse ivyipfuzo vy’ukwihebera Imana, tumaze kuronka abasaseredoti batari bake (barenga icumi), ababikira, mbere n’aba foyer
8. gutunganya amakoraniro kaminuza, haba ay’igihugu canke mpuzamakungu ya RCC.
Nkuko nabivuze mu ntango, ivyamwa ni vyinshi ntavyo noheza. Mutima Mweranda abandanya ahezagira igihugu ciwe mu kukirangura no mu kukironsa izindi ngabire.

3. AKARANGA KA RCC

Abatari bake baribaza bati « Mbe none RCC ni iki ? » Woba ari umuhari mu yindi, akaranga kayo ni akahe ? Reka twumvirize ingene Abungere ba Ekleziya babona RCC.
• Cardinal Joseph SUENENS : RCC ntitwoyita umuhari wundi nk’uko dusanzwe dutegera
iryojambo « umuhari » ahubwo ni umuhora w’inema uvyura kandi utuma ahantu hose havuka amakoraniro yo gusenga y’ubwoko bushasha[…]
RCC ntifise intumbero y’ugushinga imirwi n’indinganizo bishasha vyoza kubangamira ivyari bihasanzwe. Ahubwo izanira abakristu b’iki gihe inkabuzo n’akarusho mu vy’ubuzima bw’umutima (lettre pastorale, pentecôte 1973).

• Paul VI : Ekleziya n’isi yose birakeneye rwose ko igitangaza ca pentekoti nshasha kiguma
kiranguka uko imyaka ikurikirana [...] Ntakindi coba ngombwa kur’iyi si yikuye ku Mana congana n’intahe y’uko kwinagura mu mutima tubona Mutima Mweranda ariko aravyura mu mihingo no mu migwi itandukanye. Ni nde atovuga ko ukwo kwinagura mu mutima ari ingabire idasanzwe (« une chance ») kuri Ekleziya no kiw’isi yose ? (Doctrine sociale 1678 ; 562-563).

• Jean Paul II: Papa Paulo wa VI yavuze ko uwo muryango wa RCC ari ingabire idasanzwe (une chance) kuri Ekleziya n’isi yose. Imyaka itandatu iraheze kuva mugize ikoraniro kaminuza ryagaragaje ko uwo mwizero ari wo. Ekleziya yarabonye ivyamwa biva kugukunda gusenga kwanyu, k’umwete mushira mu kurondera ubweranda mu buzima bwanyu no k’urukundo mufitiye Ijambo ry’Imana
(Doc. Cat. 1981, N° 1810, Vol 569).

• Jean Paul II aux Evêques français: Turashobora kuvuga ko imirwi ya RCC, ubukomezi n’ukwitanga kw’abayigize ari ingabirano yaje hageze :
- Gutagatifuza Ekleziya n’ukunagura muriyo akanovera k’igisabisho ;
- Kwongera kwubura, ifashijwe na Mutima Mweranda, ubuzima bw’ukwihebera abandi (gratuité), bw’ukuninahaza kwuzuye urweze ;
- Bw’ukwambariza n’umutima wizera Imana, no kuba isoko rishasha ryo kumenyesha Inkuru Nziza.
Muri aya majambo y’Abungere b’Ekleziya, dutegera ko RCC ari umuhora w’inema wugururiwe abantu bose, b’imihingo yose, b’imirwi yose, atawukumiriwe n’umwe. Abagize RCC barangwa n’ibintu icenda (9)

2. Inyota yo gusenga: Raba imirwi y’abasenga, abashengerera, raba imisa zo mu ndwi;
3. Inyota y’ijambo ry’Imana ;
4. Guhinduka nyakuri gushingiye ku kwakira Yezu Kristu ngo abe Umukama w’ubuzima biserurwa no kugendera Inkuru Nziza ya Yezu Kristu;
5. Uguhurumbira amasakramentu : cane cane iry’ikigongwe n’iry’Ukaristiya
6. Ukunagura amasabo ya Bikira Mariya no kumwakira nk’umuvyeyi;
7. Ugukunda Ekleziya, kuyikorera no kuyishigikira mu bikorwa hamwe no mu biyitunga;
8. Uguhurira mu mibano, mu mivukano no gushigikirana;
9. Ukwitwararika no guharanira ubumwe bw’abemera Kristu;
10. Gukomeza amasabo ya Mutima Mwerenda no kwunga ubucuti bushitse nawe.
4. UBUTUMWA BWA RCC

Ni bwa butumwa bw’Ekleziya ya Yezu Kristu bumwe yayiha imbere y’ukwurira mw’ijuru ngo «Kwira isi yose mushikirize inkuru nziza ikiremwa cose …” (Mc. 16, 15).
RCC ibirangura mu buryo bune :

a. Intahe ibonekera m’ubuzima (le témoignage de vie):
Nkuko Papa Paulo VI yabivuze, RCC yaje hageze kuko abantu b’ubu bikuye ku Mana. Umuntu yikuye ku Mana aragoye kujijura. Akenera rero ko umwereka ibimunyura atari amajambo gusa ahubwo biseruka mu ngiro. Aba RCC rero nibo batoye ubwo buryo bushasha burangwa n’akanyamuneza ko gushingira intahe Yezu Kristu.

Intahe : Habaye muri Bénin, nk’uko umuhisi Jean PLIYA yabidushingiyeko intahe, umugore yama atukwa, yongera akubitwa n’umugabo wiwe igihe cose avuye mu gisabisho co kuninahaza Imana. Rero aca amugira inama y’uko uko amututse canke amukubise yoca yishura « Alléluia ». Nya mugore aca abigira ukoooooooooo ! Haciye iminsi, nya mugabo aca amubaza ati jewe nshaka kuguherekeza aho hantu wama uja. Baca bajana muri ca gisabisho co kuninahaza Imana.
Ngiyo rero intumbero nshasha, ubuzima bushasha mu kumenyesha Inkuru Nziza bw’umukarismatike. Kukaba nkako, amajambo, ivyo twandika, twigisha, umuntu arashobora kubihinyuza. Mugabo ntawuzopfa ashoboye guhinyuza inyifato yawe igaragarira mu bikorwa canke uko ubayeho.
b. Ijambo ry’Imana :

Ni ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu nkuko yayitumenyesheje n’uko Eklezia iyitwigisha ataguhubisha, atakugoramika, atakworosha (le souci d’instruire). Nkuko Paulo abisaba Timote ati « Ndagusavye nshimitse imbere y’Imana n’imbere ya Kristu Yezu azocira urubanza abazima n’abapfuye, k’ubw’iseruka ryiwe no k’ubw’ubwami bwiwe, ngo umenyeshe ijambo ry’Imana, wamizeko vyanse bikunze, uhanure, wihanize, uremeshe mu kwigisha utarambirwa » (2 Tim. 4, 1-2).

c. Ibikorwa vy’ikigongwe n’urukundo :

Ni ibikorwa bibonekera m’ugutabara aboro, abatishoboye. Ni uguseruka ku bapfakazi, imfuvyi n’abapfunzwe. Ni bo bategerezwa kwitabwaho imbere y’abandi kuko ubwami bw’Imana ni ubwabo. Inkuru Nziza ni bo bambere bayikeneye.

d. Ibimenyetso n’ibitangaro :

Aba RCC baremera ko ibimenyetso n’ibitangaro bishoboka kuko baramaze kwibonera ko biherekeza itangazwa ry’Inkuru Nziza. Ni naco Yezu Kristu yemereye abazokwemera bose (Mc. 16, 17-18).
Ibimenyetso n’ibitangaro sivyo bikuru. Ni ukugira ngo ahubwo bijijure intemera nka ba Thomas. Zimenye ko « Yezu » ari « Manirakiza » agendera izina ryiwe mu gukiza. Ivyo rero ntibiva k’ubweranda bw’abamenyesha Inkuru Nziza. Biva kuri Yezu we nyene akora kugira abamuvugira ntibatabwe nk’abangushi! Nico gituma rero Eklezia itegera ko RCC ari ingabire y’agakura! None iyo ngabire iyaba itariho, uyu munsi aha I Bujumbura, mu Burundi hose ibintu biba bimeze gute?
Haba hari ubukene butavugwa mu vy’ukwemera. Noneho Imana yaradutonesheje iciye ku batumwa bayo, uyu munsi naho ishaka guca kuri wewe.

Ajouter un commentaire

Restricted HTML

  • Vous pouvez aligner les images (data-align="center"), mais également les vidéos, citations, etc.
  • Vous pouvez légender les images (data-align="center"), mais également les vidéos, citations, etc.