2eme Cogres national à GITEGA : Inyigisho zatanzwe

INYIGISHO YA MBERE : NIWISHONGORE UTERE IMPUNDU WEWE UBA MURI SIYONI (Is 12,6)/Patiri Amando KANA; Uùwibutsamana wa RCC mu Burundi
I.0. Intangamarara

Ego cane birakwiye kandi biratunganye kwishongora no gutera impundu muri uyu mwaka w’i Yubile y’inzahabu [ya RCC] y’umuryango w’abanaguwe muri Mutima Mweranda. Birabereye kwishongora no gutera impundu Imana yacu kubera ibitangaza yakoze muri Ekleziya na kw’isi yose, ibicishije kuri RCC, muri iyi myaka 50 imaze.
None rero muvukanyi, mwana w’Imana na Ekleziya, waba uri muri RCC canke utari muri yo, raramura amaso witegereze ; garura ubwenge wibuke, uheze ubone kandi utangarire ibitangaza Mutima w’Umukama ariko arakora muri Ekleziya yiwe. Maze « ukure ivyambarwa vy’ukugandara wikwize uutamana w’urweze uheze wishongore, utere impundu wewe uri muri iyo Ekleziya. »
Intumbero nyamukuru y’iri koraniro kaminuza ryacu, ni iyo. Ni ukwishongora no gutera impundu Imana. Kubera iki ? kubera:
1. Umuhamagaro wacu;
2. Ingene tuwitaba.

I.1. Umuhamagaro wacu
Mukristu mwana w’Imana, urafise umuhamagaro. Urafise ico Imana yaguhamagariye mu kuguha ubuzima no mu kuwinjiza mu muryango wayo Ekleziya. None uwo muhamagaro wawe urawuzi? Umviriza umauhanuzi Izaya yatumwe n’Imana awukubwira: «Niwishongore utere impundu wewe uba muri Siyoni kuko umweranda w’Israël aba iwawe ari agahambaye».
Ngiyo imvo ya mbere igutuma kwishongora no gutera impundu “Umweranda w’Israêl aba iwawe ni agahambaye”.
Wahamagariwe kwihweza, gutamarira no gutangarira uyo Mweranda w’Israël ari iwawe, maze ubone, ulenye ushikwe n’ingene ameze, n’ingene ari agahambaye, buheze bivyure muri wewe urweze rugutuma wishongora, utera impundu uyo Mukama wawe. Waba rero ukiri kw’isi canke uri mw’ijuru, uyo niwo muhamagaro wawe mukuru. Ni ukwishongora no gutera impundu mu kwihweza no mu gutangarira ingene umweranda w’Israël ari iwawe ari agahambaye.
Iryo jambo agahambaye “rivuga ubukuru bw’iyo Mana ariyo Mweranda w’Israëli”, ubukuru budahagaze kw’iterabwoba canke ku gikenye, canke ku bubasha bwo gukandamiza abantu. Ahubwo buhagaze ku bweranda; ku buntu ntangere, ku rukundo rw’umusalaba, ku igongwe cuzuye, ku bubasha butananirwa na rimwe kandi bwuzuyr ubutungane n’ingingo, ku bukomezi n’inganji ntangere vyuzuye impuhwe n’imbabazi kivyeyi. Ku mwakaka n’umukayangano w’ubuninahazwa buva ku bweranda n’ubumana ….
Ng’ubwo ubukuru bw’Imana y’Iisraëli ariyo Mana yacu wahamagariwe kwihweza noo gutamarira, muvukanyi muri Kristu, kugirango wuzure urweze rugutua wishongora, utera impundu.
Erega birabereye ko ubitegera neza, akanyamuneza k’umutima kazanwa no kwihweza, no gutamarira ibintu vyiza, vy’agahore, vy’agatangaza. Ukuri gushitse rero, ni uko akanyamuneza gahozagaza umutima wa muntu gaterwa no kwihweza Imana no gutamarira ubwo bukuru bwayo. Niko kanyamuneza k’Abamalayika n’Aberanda bashitse mw’ijuru. Niko umwanditsi w’izabuli ya 27 avuga ati: «Hari ikuntu kimwe nsaba Umukama ndagicambirwa. Ni ukwibera mu ngoro y’Umukama imisi yose y’ubuzima bwanje ngo nihweze ubwiza bw’Umukama ntangarire ingoro yiwe (Ps 27, 4) ».
Umwanditsi w’izabuli ya 42 nawe ati:«Umutima wanje uranyotewe Imana ariyo Mana nzima; Mbega nzogenda ryari kuyihweza imbonankubone? (Ps 42, 3)».
Aka kanyamuneza niko Izaya avuga gatuma uwuba muri Siyoni yishongora Kuko umweranda w’Israëli aba iwawe ari agahambaye = ari n’ubukuru.
Kkubw’umuhamagaro wacu, ako kanyamuneza tuzoshikira kuburyo bwuzuye mw’ijuru, dutangura kukaronka tukiri hano kw’isi. Tugahabwa no kwiga kwitegereza, kwihweza no gutamarira ubukuru bw’Imana yacu. Kuva Jambo yigize umuntu akabana natwe umweranda w’Israëli ariwe Mana nzima ari iwacu; aba iwacu mw’isakramentu ry’Ukaristiya, ari kumwe natwe ubutakituvirira gushika ku uhero w’isi (Mt 28, 20).
Umuhamago wacu wa mbere ni ukuba kuwe nawe ngo twihweze, dutamarire ubukuru bwiwe, maze twuzure urweze rudutuma twishongora nka Tobito avuga ati: «Ndahayagiza Imana yanje, Umwami w’ijuru. Umushaha wanje wanje uhimbarwa n’ubukuru bwiwe» (Tb 12, 9).
None rero muvukanyi ihweze, tamarira ubukuru bwa Yezu Kristu, umweranda w’Israëli uheze nawe wishongore, utere impundu wewe uba muri Ekleziya Gatolika kuko Yezu Kristu Umweranda w’Israël aba iwawe [iwanyu] ari n’ubukuru. Aha mbere duca dutegera igituma Ekleziya Mawe wacu yadutegekanirije ibihe vyinshi n’uburyo bwinshi bwo kwihweza no gutamarira Imana yacu kugira ngo yame itwuzuza urweze rudutuma twishongora:
- Mu nkuka y’imisa turatera impundu iyo Mana yacu tugatamarira kandi tugatangaza ubukuru bwayo turikumwe n’ab’ijuru tuti: «Turaguhaya, turakuyaga, turagusenga, turakuninahaza, turakengurutse inganji yawe y’agahebuza. Wewe Mukama Mana Mmwami w’ijuru Mana Data Rugiravyose, Mukama Mwana w’ikinege Yezu Kristu … Muri kumwe na Mutima Mweranda mu buninahazwa baw Mana Data …;
- Mu guhengerera Yezu Umweranda w’Israëli yibera iwacu m’Ukaristiya, umutima wacu urashikwa, ukinovora agahimbare k’ukubana n’Imana n’ukuyaga nayo akayago k’umutima, gushika aho natwe tuvuga tuti ukumara umusi umwe mu ngoro yawr biruta kumara ilisi igihumbi ahandi;
- Mu gisabisho vy’Ekleziya ca buri musi na buri kiringo c’umusi (Liturgie des heures) turatangaza, tugatangarira ubukuru bw’Imana yacu turi kumwe n’abanditse amazabuli na Ekleziya yose;
- Mu gisabisho co kuninahaza Imana turakirurutsa umutima, tukifatanya n’abari mw’ijuru, tugatangarira iyo Mana, tukayitazira kandi tugatangaza ko ari agahambaye, tukishongora mu mvyino no mu ndirimbo twuzuye urweze rwa Mutima Mweranda kandi twohejwe tkarongorwa n’uyo Mutima Mweranda nyene.
Ishongore rero utere impundu wewe uba muri Siyoni y’Imana ariyo Ekleziya. Nico watorewe. Mbere ndagucire agace, umwansi wawe ariwe shetani, ntashaka ko wishingora; ntashaka ko utera impundu, kuko aziko bibohora umutima, bikawukirurutsa, bikawuzuza agahimlbare ku mutima wawe. Nico gituma buri musi yama yateze imitego yogutuma uhugumbwa, ushavurira, ubabara kugira ngo aho kwishongora n’akanyamuneza, wirirwe wihebuye uvemwo uyinga (dépression). Kandi tutagavye turashobora kugwa mu mitego yayo kubera ibibi n’ububisha bikorer muri iyi si, amaradiyo n’ibindi bilenyeshamakuru bikabisamiriza, ukamengo mbere sekibi yarigaruriye vyose. Oya na mba! N’aho ibibi bikorwa kw’isi ari vyinshi, ivyiza bikorwa birabiruta, ni uko gusa, nk’uko abavukanyi bo muri Afrika y’uburengero babivuga. Nanone, igiti kiguye kirasumvya urwamo ikibira gihagaze (un abre qui tombe fait beaucoup de bruit qu’une forêt qui pousse).
Vyongeye twebwe abakristu dukurikira Yezu Kristu yapfuye akazuka. Uyo yapfuye akazuka, yaratsinze ikibi n’urupfu atwugururira ijuru. Niwe nyene aturemesha ati : « Kw’isi muzobona amagorwa yamara nimureme naratsinze isi (Jn 15, 33).
Natwe rero turihongora mugutera impundu nka Izaya kukoi tuzi ko, umwanditsi w’izabuli ya 46 abivuga « Imana niyo mahungiro yacu, niyo bkomezi bwacu niyo yama iduserukako no mu marushwa igihe cose nico gituma ata bwoba tugira n’aho isi yonyiganyiga n’aho imisozi yosenyukira hagati mu biyaga n’aho amazi yavyo yosuma agasebagira akigera hejuru akanyiganyiza imisozi UMUKAMA NYENINGABO ARI KUMWE NATWE NIWE ADUKINGIRA WE MANA YA YAKOBO (Ps 46, 2-4).
Umwishongoro n’impundu rero niisamirane imitima yacu itere impundu Umukama wacu ishimagizwa ryiwe ritwuzure akanwa kuko ariwe bukomezi bwacu [n ururirimbo] ni urweze rwacu niwe mukiza wacu twama twizigiye. Niwe yatwugururiye isoko ry’amazi y’urukiza ariryo umushaha wa Yezu wasogoswe. Nacurarangirwe, aririmbirwe kuko yaturokoye … (Jewe nzohaguruka ndirimbe ndirimbire Imana …).

Umupapa wacu Fransisiko mw’ikete yandikiye abakristu b’isi yose aradutumirira gufata umwanya ukwiye wo gutamarira Imana no gusenga, ko ariho ubutumwa bwacu birema, bikomera. Avuga ati : « Tudafashe imyanya miremire ya « adoration », yo guhuriramu gusenga Jambo, yo kuganira n’Umukamamu kuri, ibikorwa bica bitakaza intumbero natwe tugacika inkokora kubera uburuhe n’ingorane, igishika c’ukurondera Imana kikazima » (EG n° 262).
I.2. Ukwitaba uyo muhamagaro wacu
Kugirango twitabe uwo muhamagaro buri musi, turakeneye kwihatira :
1. Kwihweza ;
2. Kwityorora ;
3. Kuba mu kuri no murukundo.
I.2.1. Kwihweza
Ukwishongora, ugutera impundu, ukuninahaza ni icamwa c’ukwihweza no gutamarira (contemplation). Twihweza iki?
- Ubwambere twihweza Imana, maze ubwiza n’ubuntu bwayo bikabakura umutima wacu, bikawuzuza igisharara c’urukundo n’urweze, tukabona rero kuyininahaza mu mutima no mu kuri. Aho rero igisabisho kiza gifise ububasha bwo gukora mu mitima no kuyihindura, kuko kivuye ku mutima wihweje Imana, washitswe n’uguhura nayo.
!
Igisabisho c’imvamutwe gikora ku mitwe nayo igisabisho c’imvamutima gikora ku mitima kikayihindura (cfr E G n°362).
Regardons Dieu = Twihweze Imana;
Regardons-Le souvent = tuyihweze kenshi;
Regardons-Le longuement = tuyihweze igihe kirekire ;
L’âme devient belle = Umushaha ugira ubutore ;
En se nourissant de la beauté = mugufungura ku butore ;
Elle devient bonne = ugira ubwiza ;
En s’abreuvant à la bonté = mu kunywa ku bwiza ;
Igisabisho co kuninahaza Imana kiva ku mutima utamarira Imana ntaho bihuriye n’abahurira mu makoraniro yo kwinyuguta no kwikuramwo ibinyugunyugu n’ibivumvuri. Tweho tuninahaza twihweza Imana, Imana imwe, irimwo ubutatu bweranda : Data, Mwana na Mutima Mweranda.
- Ubwakabiri tuninahaza ivyiza Umukama yagize, ivyo yaremye, ivyo yatugiriye n’ivyo yagiriye abandi benshi. Umwanditsi w’izabuli ya 91 ati :« Ewe Mukama ivyo wakoze birampimbara. Ibikorwa vyawe ndabibona nkagorora agahogo ( Ps 91, 5-6)».
Tobito nawe ati: «Nimwitegereze ivyo yabagiriye muheze mumushemeze n’ijwi ryanyu ryose muhezagire Imana y’ubutungane mninahaze umwami w’amahoro (Tb 13, 7)».
Nawe muvukanyi, ntukemere ko umutima wawe ucurama muvyo kurondera inyungu n’amaronko gusa; kirurutsa umutima uwerekeze ku Mukama maze wige kumwihweza no kwihweza ivyo yakugiriye (nturabe ivyo ubuze) uninahaze Imana yamaho, utere impundu umweranda w’Israëli ari iwawe.

I.2.2. Kwityorora
Igisabisho co kuninahaza, coshwa kandi kikayoborwa na Mutima Mweranda. Uyo nawe kugirango aze mu mutima wacu, bisaba ko uba utartyoye. Igitabu c’ubwitonzi kiti: «Erega ubwitonzi ntibwinjira mu mutima ugira inabi kandi ntibuba mu mubiri wiganziwe n’igicumuro nkako umutima mweranda wimero urahunga ububeshi kandi ukaja kure y’ivyiyumviro bitarimwo ubwenge (Sg 1, 4-5)».
Izabuli ya 33 nayo iti: «Tera impundu Umukama mwa ntungane mwe abantu b’umutima ugororotse nibo baberewe no kumushimgiza (Ps 33, 1)».
Umutima wuzuye ibicumuro ntuvamwo ishimagizwa. Ugurtyororwa mw’isakramentu ry’ikigongwe ni ngombwa, kuwushaka gutera impundu Umukama.
I.2.3. Ukuba mu kuri no mu rukundo
Ko abantu b’intungane; ko abafise umutima ugororotse aribo baberwa no gutera impundu, duca duddutegera ko uwuri mu kuri no mu rukundo ari we aninahaza mu mutima no mu kuri. Uwuri mu kinyoma no mu buryarya uwugendana inzigo n’urwanko, uwutitaho mugenziwe, cane cane umworo n’umurushwa ntashobora kuninahaza mu mutima no mu kuri kuko aba yataye “réseau” ya Mutima w’ukuri, w’urukundo.
Kuva mu kinyoma no mu rwanko ni ngombwa kuri uyo wese ashaka kwihweza Imana no kuyininahaza. Nkako Imana ntiyigera yakira igisabisho c’umunyakinyoman’umunyenzigo. Abahanuzi bose bagiye bagiye barabivuga bashimitse. Izaya ati: «Iyo munyayie amaboko, nca ndabahisha amaso, kandi n’aho mugwiza ibisabisho, sinumviriza, iminwe yanyu yuzuye amaraso. Nimwiyuhagire, mwirtyorore! Nkure mu maso ibikorwa bibi vyanyu, reke gukora inabi! (Is 1, 15-16)».
None rero muvukanyi wihatire kwamana umutima uzira ikibi, utunganye. Niho uzoninahaza Imana ikakira amashemezo yawe.

INYIGISHO YA 2: AHARI MUTIMA W’UMUKAMA NIHO HABA UMWIDEGEMVYO/ Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA (2 Cor 3, 17); Umwepiskopi w’i Ngozi
II.0. Intangamarara
Mbanje gushimira abatunganije iri hwaniro rikuru (Congrès), ko banyiyumviriye, bagashima kuntuma, kugira ngo nanje hagire ico nterera muri uyu Muryango Katolika w’Abanaguwe muri Mutima Mweranda. Mu gihe twariko turasozera i Ngozi umwaka wa Yubile y’umwakaka y’uyu Muryango w’Abanaguwe ku rwego rwa diyoseze, narabwiye abakristu ko nkunda uyu Muryango w’Abanaguwe. Ndawukunda kubera imvo zibiri : imvo ya mbere, ni uko ushingiye ho nyaho, kuko ushingiye kuri Mutima Mweranda, nawe muri ya Mana Muryango wa batatu akaba ari we ameze nka kirumara, atabonetse ntagishoboka kuko ni we yatumye na Yezu asamwa aravuka ; atuma n’uyu Muryango wacu w’Ekleziya uvuka; noneho nta mukristu ashobora kuba we atabifashijwemwo na Mutima, kuko ari we adutuma twubahuka kwita Imana “Data”. Imvo ya kabiri, ni uko kw’isi yose, kumwe n’iyindi Mihari iwukomokako, uyu Muryango wa Renouveau uriko urasubira kunagura Ekleziya nzima, kandi ndamaze kubona ko, no mu maparuwase yose ushitsemwo ibintu bihinduka : paruwase ikaba paruwase-muryango, abayo biyumvamwo bakiyumvanamwo, bakerekana itoto ry’umuvukano be n’ubutwari mu butumwa. Ivyo rero, nk’Abungere b’Ekleziya y’i Burundi, turamaze kuvyibonera, kandi turabishima. Ngira n’ico gituma mubona twasidukanye n’iyonka ! Nimushimirwe rero, kandi mureme.

Mu gutangura iki kiganiro nyezina, nagomba mbanze nsabe imbabazi, kuko ndabona ko ntaza kubashikira aho mushaka. Aho mboneye ingene mwacise ngo: «Ahari Mutima w’Umukama, ni ho haba umwidegemvyo» (2 Kor 3,17), natanguye kugira akoba, kuko nasanze bihuriranye n’ijambo shimikiro vy’ibi biganiro vyose bigize iyi Congrès. Kugira ngo rero ndabashikire aho mushaka, nobwirijwe guca ku masonga ibiganiro vyose bitegekanijwe, nkamera nk’uwubabiruriye ku nsembwa zose babateguriye ngo mube murazumviriza. Ivyo rero ntimuvyitege kuko ntavyo noshobora. Ariko iruhande y’ukugira akoba, nararemeshejwe n’intumbero mwahaye ibi biganiro muri rusangi, kuko mwagize muti: tugomba turonke akaryo ko kumenya neza Mutima Mweranda be n’igikorwa ciwe c’ukutubohora, gurtyo dushobore kwishongora mu Mukama. Naciye ngira nti: ivyo nza kubabwira vyose bizoba bimaze, kuko kuyagira Mutima Mweranda abanaguwe muri we, ni nk’ugusiga umwiza. Navyo biroroshe. Rero ico ntaza kubabwira n’ico ntaza kubashikirako, nsavye Mutima Mweranda we afise ingabirano zose ngo aze kukibongorera, maze ntihaze hagire uwuva ngaha nk’uwuvuye kuragirira inarume. Mwese muze mugende mugabanye kandi mugabanye umusesekara.

II.1. Dutahure iri jambo rya Paulo mweranda duhereye ku mvo yamutumye arivuga

II.1.1. Imvo yatumye Paulo Mweranda avuga gurtyo

Kugira ngo umuntu ategere neza iri jambo, ni vyiza kubanza gusoma neza amajambo aritangurira, kuko iri jambo riza nk’umusozo w’ayo yandi. Mu turongo tubiri tubanziriza iri jambo ryacu, Paulo mweranda yandika, ati: «Egome, gushika n’ubu, iyo basoma ibitabu vya Musa, umukingo uguma mu mitima yabo; Igihe umuntu yerekeje amaso ku Mukama, ni ho uwo mukingo uhava; None rero Umukama, ni we Mutima; naho ahari Mutima w’Umukama, ni ho haba umwidegemvyo» (v.15-17). Mu kuvuga ayo majambo, Paulo mweranda yariko aragereranya uguhishurirwa kwo mu Bwuzure bwa kera be n’uguhishurirwa kwo mu Bwuzure bushasha. Uwugumye kuguhishurirwa kwo mu Bwuzure bwa kera gushimikiye kw’ibwirizwa ryazanywe na Musa, aguma ameze nk’uwukiriko ararabira ibintu mu mukingo, nka kumwe nyene Musa yahora aza avuye kubonana n’Imana kuri Sinayi, mu gushikiriza igihugu c’Imana amabwirizwa, akabanza kwikinga umukingo, kugira ngo umwakaka yarasiweko n’Imana ntuhume amaso Bene-Israeli. Uyo mukingo rero yashira hagati y’uruhanga rwiwe n’igihugu c’Imana, watuma badatahura neza iry’Imana, ugatuma ritabashika ku mutima, bagapfa kuryakira uko nyene, ku bwoba, ritabahinduriye umutima.

Ni co gituma bari bahavuye baza barongera kuri ya mabwirizwa icumi ibindi vyinshi gushika n’aho arenga amajana atandatu. Babigira bibaza ko kumbure ari vyo Imana yashatse kubabarira. Uko bavyongerako na ko, ni ko vyabongerereza ibicumuro, kandi bikabaremera nk’umuzigo. Nico gituma Yezu amaze kuza, yabwirijwe kubasubiriramwo amabwirizwa yose, ayasubiza intimatima yayo, yongera ayashikana ku mutima. Ninaco catumye ababwira ati: «nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwiremeke umutwaro wanje, mube abigishwa banje (...). Ni ivy’ukuri, umutwaro wanje nturemereye kandi umuzigo wanje urahwahutse» (Mat.11, 28-30). Iryo bwirizwa Yezu ababwiye riruhurira kandi rihwahutse, ni rya bwirizwa ry’urukundo rw’Imana n’urukundo rw’abantu. Ni muri ryo Agustino mweranda abonamwo umwidegemvyo ushitse, gushika aho agira ati: ni waba ukunda vy’ukuri, kora mu mwidegemvyo ico ushaka cose (“Ama et fac quod vis”). Mu rukundo ni ho hari umwidegemvyo wose; mw’itegeko umuntu yumva aremerewe !

II.1.2. None ico Paulo mweranda yagomba kuvuga ni igiki ?

Paulo mweranda ngaha yariko ariyama abamwagiriza ko atari umutumwa w’ukuri ngo kuko bimwe mu vyo yigisha bitari bihuye rwose n’ivyari vyanditswe mu mategeko ya Musa. Ico ababwira ni ukugira ati: jewe ndi umutumwa nyene w’ukuri, mugabo umutumwa yamaze kuba umuntu mushasha muri Kristu Yezu, nsigaye, nka Kristu ndi umwana mu nzu kwa Data, ndi mu mwidegemvyo w’abana b’Imana basigaye bagenzwa na Mutima. Mu yandi majambo agize ati: kubera ko naronse Mutima w’Umukama, sinkibona amategeko ya Musa nk’uwurabira mu mukingo; narabohotse ku mutima, ndatahura mu Mutima w’Umukama ico Imana yagomvye kutwigisha ngo dukire. Ni co gituma ntigisha nk’uwuboshwe n’Ibwirizwa, nigisha mu mwidegemvyo wa Mutima. Erega iyo Paulo Mweranda atigisha nk’uwabohotse, ntiyari kwubahuka kuba umutumwa mu bapagani; murazi ko nk’ivy’igenyerwa babikuyemwo kuko bumviye Mutima w’Umukama.

II.1.3. Ico iryo jambo rya Paulo mweranda ryodukeburako mu kwemera kwacu

Turakeneye cane gushika kuri urwo rugero rwa Paulo mweranda mu vy’ukwemera kwacu muri aya ma-Ekleziya yacu. Abakristu batari bake womengo baracemera ku bw’inkuru mbarirano. Womengo baracari ku rugero rw’intango rwa ba Banyasamariya bashwabaduka kuraba Yezu ku bw’inkuru y’umugore yababwiye ko yabonye Mesiya. Kugira ngo bashobore gukurikira Yezu vy’ukuri, babwirijwe kugira iyindi ntambwe, bati:«Ubu ho ivyo watubwiye si vyo gusa bitumye twemera, ubwacu twamwiyumviye, none twamenye ko mu vy’ukuri ari we Mukiza w’isi» (Yoh.4, 42). Iyo ntambwe dushikanwako na Mutima w’Umukama iracakenewe cane mu Burundi, kugira ngo tubashe kuba umwambiro muri iki gihugu cahindanijwe n’igicumuro. Ku vyo mbona abakristu batari bake baracakeneye ko bahura na Yezu nka Sauli ku nzira y’i Damasi, kugira ngo abakure urukingo ku maso mu kubona ivy’Imana, abaronse Mutima w’Imana abatuma baba abana babayeho mu mwidegemvyo (Ibik.9, 17-19). Ni ho bashobora kuba abatumwa bidegemvya.

Hari utuntu tumwe tumwe twoshobora kudufasha gutegera ko benshi bakiri ku rugero rw’itegeko gusa ryica: ntimurumva abakristu bamana akabazo ngo «mbega none ngize gurtya noba ncumuye ?» Ngo mbega ntiwompa uruhusha nkaza guherekeza abacikiranye ? Imigenderanire y’abakristu bamwe bamwe n’Imana ntiraba koko imigenderanire y’umwana ku muvyeyi; womengo amabwirizwa ni amategeko babaremeka atababuza gukora inabi. Yezu mu mwidegemvyo w’umwana wo mu nzu, igikuru yama yibaza kwari ugukora iciza, ugukiza umuntu; ntikwari ukwibaza ngo mbega iki kirazira canke kirarekuwe, kuko iyo umuntu akiri kuri urwo rugero aba akiboshwe n’itegeko, ntaba arabohoka. Paulo mweranda yigisha nk’uwabohotse, nico gituma yashoboye gushikana inkuru nziza mu bapagani, mu kuza arababohora ibitari bikenewe.

Vy’ukuri turakeneye kwakira Mutima w’Umukama, kugira ngo ntitugume gusa kw’itegeko ryica. Turakeneye kubohoka ngo aho kwama twirimbura ukwemera kwacu duhereye gusa ku mategeko y’ibirekuwe n’ibibujijwe, tumenyere kuza turirimbura dukoresheje vya biyo bibiri vy’urukundo: icirori c’Urukundo rw’Imana dushira imbere, n’icirori c’urukundo rw’abantu dushira inyuma. Uko ni ko kubaho muri Mutima, kuko ni yo mabwirizwa abiri Yezu yadusigaranye. Ntitukabandanye tuguma gusa k’urugero rw’ukwemera ku bw’itegeko, kuko itegeko rikaza kuremera, ariko urukundo ruraruhurira. Turakeneye kwakira Mutima w’Umukama ngo tube ibiremwa bishasha bitakiboshwe n’itegeko

II.2. Tugomba kuba abatumwa b’umwidegemvyo, nitube ibiremwa bishasha

II.2.1. Mbega umwidegemvyo w’uwabohotse ni uwuhe ?

Umwidegemvyo, si ugukora ico umuntu yishakiye icari co cose, ikimworoheye canke ikimuzanira inyungu ziwe. Ni ukwemera nyabuna kwama uyoborwa muri vyose na hose na wa wundi kuva kera hose yamye yosha abantu gukora ivyiza.

Mu nyigisho y’Inama nkuru ya kabiri yabereye i Vaticano ni ho batubwira bati: «Muri kami ka muntu, umuntu yiyumvamwo ijwi rimeze nk’itegeko ndemanwa kandi yumva ko abwirijwe kugamburukira. Iryo jwi ritamuha agahengwe mu kuguma rimusaba gukunda n’ugukora ineza be n’ukwirinda gukora inabi, ni ryo muri vyose iyo hageze rimubwira riti: ‘kora iki, wirinde kirya». (GS n.16)

Muca mwumva rero ko umuntu yabohotse, yama yerekwa na Mutima w’Umukama iciza yokora kandi akagikora, n’ikibi yokwirinda kandi nyene akacirinda, kuko Mutima w’Umukama adatanga gusa umuco w’ugutandukanya iciza n’ikibi, aratanga n’ubukomezi n’ubutwari bw’ugushobora gukora iciza n’ukwirinda ikibi. Paulo mweranda ni we ariko aravuga amagara make yiwe nk’umuzi w’igicumuro, agira ati: «Ugushaka iciza birambangukira, ariko ukugikora bikananira. Nkako iciza nshaka sico nkora, nkora ikibi ntashaka. (...) Nkako muri jewe, itegeko ry’Imana rirampimbara, ariko mu ngingo zanje hakaba irindi tegeko rigwanya itegeko ryo mu mutima wanje kandi rimbohera muri rya tegeko ry’igicumuro» (Rom 7,18-23). Umuntu rero atera imbere mu mwidegemvyo w’ukuri, mu gihe agerageje kurushirizaho kwumvira Mutima w’Umukama n’ukwemera ko amugenza uko ashaka, kugira ngo rya tegeko ry’igicumuro ntiribe ari ryo rimuganza. Yezu we karorero nyako k’uwabayeho yidegemvya yagira ati: «icukurya canje, ni ugukora ishaka rya Data» (Yoh.4, 34).

Mu ncamake rero, uwidegemvya, uwishira akizana, ni uyo wenyene abohotse kugira ngo ashobore kwama ariko arakora ineza kandi agashobora kwama yirinda gukora ikibi. Bisigura ko iyo ukiyoborwa n’itegeko ry’igicumuro, uca uba umuja w’inabi, nta mwidegemvyo uba ugifise. Ariko iyo wemeye kwumvira n’ukuyoborwa na Mutima muri vyose na hose, ni ho uca uba uwidegemvya.

II.3. Mutima w’Imana ni we wenyene agira abantu ibiremwa bishasha vyidegemvya

Iri jambo nashimye kurivuga gurtya gusa ntarinze kurisigura, kuko hari uwundi ategekanijwe kuzoridusigurira neza. Gusa ico noba ndavuze, ni uko naho twohera mu Bwuzure bwa kera, uwutararonka Mutima w’Imana aguma ameze nka wa muntu akibumbwa yagumye ari igishusho gushika Imana imuhuhiyemwo Mutima wayo (raba Amam. 2, 7). Burya ntituri agashusho k’Imana ku bw’iforoma y’umubiri, turi agashusho k’Imana kubw’uwo Mutima w’Imana Imana yadushizemwo mu kuturema ngo tube abidegemvya.

No mu Bwuzure bushasha, rabe abatumwa batararonka Mutima Mweranda, umengo vyari ibihwiji biri aho, vyize mugabo bitategereye, bubahuye gukora ivyiza mugabo bigikongatajwe n’ubwoba. Ariko igihuhusi ca Mutima Mweranda kimaze kubahuhutira, baciye baba abandi bantu, bagira umwidegemvyo utuma abantu banabayoberwa bakibaza ko nkeka hari ibiyayuramutwe bihereje. Nkako Mutima Mweranda arahindura umuntu akamuha umwidegemvyo nk’uw’umusazi, mugabo ubusazi nk’ubwa Yezu yemera umusalaba ku bw’urukundo. Nta n’ukundi vyoba, kuko Mutima w’Umukama ni Rukundo rwa Data na Mwana, urukundo na rwo rusa n’urusarisha. Murarabe iyo abakundanye bahuye bataherukana uza ubona bahuriye no mw’ibarabara hagati bahoberana, ukamengo ibarabara ryose ryabaye rwabo, ntibibaze ko n’imodokari ishobora kubahitana. Urukundo ni nk’ubusazi! ndabipfurije gusarishwa n’urwo rukundo rwa Mutima w’Umukama.

Hari mugabo ico noshima ko mwokwama mutegera muri uko kuba bashasha. Ukuba bashasha ntibishoboka tudahindutse ngo tuve mu gicumuro. Ntitwibagire ko ari mu gihe Yezu yariko araha Mutima Mweranda abatumwa, yaciye abaha n’ububasha bw’ugukiza ibicumuro. Yabigize gurtyo kugira ngo tumenye ko uwugomba ko agenzwa na Mutima, abwirijwe kubanza kuvavanura n’inabi yose y’igicumuro. Ni naho rero amahoro y’Imana ashika mu mutima wa muntu, umuntu akaba umunyamahoro, akumva aremye, agashobora gurtyo kuba indemeshamahoro aho ari. Murame mwibuka ko na Yezu ubwiwe abarira abigishwa biwe ati: uwugomba kuguma mu rukundo rwanje azigama amabwirizwa yanje, nkuko nanje nazigamye amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe. (Ukuzigama amabwirizwa ni ukuvuga ukudacumura, ukigumira mu bucuti bw’Imana n’abantu). Mugabo ukuba ikiremwa gishasha ntibigarukira aho. Kudacumura ni intambwe ya mbere. Ukuba mushasha ukabohoka muri Mutima, ni ukuba ikiremwa cama kirazwa ishinga n’ugukora ineza. Rya bwirizwa rya kera ngo ico udashaka ko abandi bakugirira ntukigirire abandi, Yezu yarihinduye ngo: «ico ugomba ko abandi bakugirira, kibagirire nawe». Uko ni ko kuba ibiremwa bishasha, vyabohotse.

II.4. Mbega Mutima Mweranda twomutegera gute muri Mana Bbutatu Bweranda ?

Mu mvugo isanzwe, muri ba Batatu bagize Imana imwe, Mutima Mweranda ni we agoye kuronka ingene twomuvuga mu ngereranyo yo mu buzima bwa minsi yose dufise. Murabona iyo tuvuze “Data”, turafise ico duherako, kuko turazi abavyeyi batuvyara, abo dukomokako. Iyo tuvuze “Mwana”, turumva ko ari uwavyawe, uwukomoka k’umuvyeyi. Mugabo uwo twita «Mutima Mweranda», ntiyoroshe kugereranywa «nk’umu-persona». Kuko nta «mutima» ubaho wirebanga ngo tuwubone, duhereke kugereranya. Ni naco gituma mbere no muri twebwe twemera ya Mana muryango wa Data na Mwana na Mutima Mweranda, uyo agira gatatu ni we tudahurizako: bamwe tukamwita «Mutima Mweranda»; abandi «Mpwemu yera». Burya ivyo ntibikaduteranye, kuko twese tuvuga kimwe, kuko Ijambo ry’Imana iyo rivuga uyo wa gatatu, rivuga ngo «haza umuyaga usa n’igihuhusi». None si Impwemu. Canke Yezu ageze kumutanga, none ntibavuga ko Yezu yabahushe ati: nimuronke «Mutima Mweranda». Noneho ntiturondere kubitegera ngo tuvyumve ivyo vy’Ubutatu Bweranda, kuko n’ivyo tugira ngo turumva vya Data na Mwana, ntibimeze nko mu bantu; ni ingereranyo gusa.

Naho bigoye kumenya ingene twovuga ivya Mutima Mweranda, hari ingereranyo yatanzwe n’Umukurambere mu kwemera (Père de l’Eglise) kandi yanshimishije, kuko idufasha gutegera ubumwe bwa Data na Mwana n’uwo Mutima nyene, ikongera ikagerageza n’ukutwumvisha akamaro k’umw’umwe wese. Iyo nyigisho igereranya Ubutatu Bweranda ari Yo Mana Muryango wa batatu n’izuba, imishwarara, n’amasonga y’imishwarara. Izuba iyo riserutse, ritangura kuboneka rirungitse imishwarara ibonesha. Mana Mwana ni nk’imishwarara ituma tumenya izuba. Nico gituma tuvuga ko Yezu Kristu ari we atumenyesha Data, nka kurya imishwarara y’izuba itumenyesha ko hari izuba riyirungika. Mugabo iyo mishwarara ukiyibonera kure, akamaro kayo ntikaba karuzura, imishwarara y’izuba wumva akamaro kayo kose iyo igushikiriye. Ni ho uca wumva ko ususurutse, ugahera ikinya. Akazuba kataragushikira, uguma umeze nk’uwakongataye, ntaco ubasha gukora. Mutima Mweranda rero ni nk’ayo masonga y’imishwarara adushikira akadususurutsa. Ni ho ho nyene ushobora kwidegemvya, kuko waheze igikonyozi muri wewe.

Na none barayamaze bati: «ukugereranya si ukuringaniza». Mugabo iyo ngereranyo irahuye n’ivyo dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Mu Bwuzure bwa kera, ijambo ry’Imana mu kudushikiriza iremwa ry’umuntu rigira riti: «Umukama Imana araheza ahingura umuntu mw’ivu akuye mu gataka, hanyuma ahuhira mu mazuru yiwe impemu z’ubuzima, nya muntu aca aba muzima» (Amam. 2, 7). Womengo rero umuntu atararonka wa Mutima w’Imana (ubuzima bw’Imana) yari ameze nk’igishusho, kitumva, kitavuga, kitikoma. Ni igihushanye c’umwidegemvyo. Erega n’ipentekoti yo mu Bwuzure bushasha, itubwira ibintu bisa n’ivyo. Tubihereye kw’ipentekoti Yezu yatanze we nyene ubwiwe akizuka, batubwira ko Yezu yasanze abatumwa biyugaranye, akabahuha ati: nimugire amahoro. Gatatu kose wamengo ariko arabwira ibishusho biraho, bitumva, bitabona, bitikoma ! Ariko uciye usoma mu Bikorwa vy’Abatumwa Mutima Mweranda amaze gushika, urabona neza ko abatumwa baciye baba abandi bantu, ikinya kirabaheramwo, ururimi ruragoboroka, ubutwari burabuzura, batangura kuyaga ibitangaza vy’Imana, ata n’umwe batinya, kandi n’intwari muri bo yitwa Petero yari yahoze atinya kwemanga izina rya Yezu imbere y’incoreke isanzwe. Igitangaje kuruta ni uko iryo hinduka ryose ryabaye mu minsi itarenga itatu, kuko Petero yatinye incoreke ku wa kane- wa gatanu mweranda, yemanga izuka ry’Umukama ku munsi ukurikira isabato ! Rero Mutima Mweranda arashobora guhindura umuntu ikiremwa mu kanya gatoyi, nkuko ashobora n’ugukenera iminsi mirongo ine n’amajoro mirongo ine !

II.4. Mutima Mweranda adushikana mu mwidegemvyo mu kuduhishuka ukuri
II.4.1. Yezu yemereye abigishwa biwe Mutima nk’uwuzobashikana ku kuri kwose

Mu gihe Yezu yagira asubire iwa se, hari umuhango yahaye abatumwa biwe werekeye Mutima w’Umukama. Muri Yohani 15, 26, agira ati: «Aho wa Mutabazi nzobarungikira ava kwa Data azozira, Mutima w’Ukuri». Yita rero Mutima w’Umukama «Mutima w’Ukuri». Mu kigabane gikurikira, agaca avuga akamaro k’uwo Mutima w’Ukuri ati: «Aho Mutima w’ukuri azozira, azobahishuka Ukuri kwose» (Yoh.16, 13).

Iri jambo rirahambaye rwose kuri Mutima Mweranda no ku mwidegemvyo w’umukristu. Naho ntarinda kubisigura kuko navyo nyene bifise uwundi azobibasigurira neza, nobibutsa ko Yezu aca yongerako ati: «uko kuri ni ko kuzobagira abidegemvya»(Yoh.8,31-36). Yezu abibwira Abayuda muri aya majambo ati: «Nimwagumya ijambo ryanje, muzoba vy’ukuri abigishwa banje. Muzomenya ukuri, maze ukwo kuri kubagire abidegemvya» (Yoh. 8, 31-32). Iyo umuntu abandanije asoma impari Yezu yagiriraniye n’abo Bayuda ababwiye iryo jambo, ni ho ategera ko yababwira ukuri kubakura mu kinyoma cari cabatumye baba abaja b’igicumuro. Burya kuba mu gicumuro ni ukwizizirwa na wa Sekinyoma (Père du mensonge) yitwa Shetani, ari we Mwami w’imizimagiza (Prince des ténèbres). Kenshi rero abantu babuzwa umwidegemvyo n’uko babayeho mu mizimagiza. Ntushobora kwishira ukizana, canke kuba mu mwidegemvyo uri mu mwijima. Hidegemvya uri mu muco : ni we akora iciza yashimye kandi ashaka, kuko yamaze kugitegekwa na ka kami ka muntu kamurikirwa na Mutima w’Umukama. Ariko none uko kuri twosaba Mutima Mweranda akadushikanako ni ukuhe ?


II.4.2. Ukuri dukeneye kumenya ngo tuje mu mwidegemvyo w’ababohotse

Mbega uko kuri kutugira abidegemvya nkuko Yohani Mweranda abitwigisha ni ukuhe ? Ukuri Mutima Mweranda atumenyesha imbere ya vyose ni uko twese dukomoka ku Mana ari umuvyeyi wa twese. Mutima Mweranda ico twokwama tumusaba imbere ya vyose, ni uko yodushikana k’ukumenya ukuri kwose ku Mana, tukamenya ko ari Yo Rurema Rugaba kandi Muvyeyi Rukundo kuri twese. Uwuramutse ahushije kumenya uko kuri, aguma mu muzimagiza, kandi ntiyigera amererwa neza canke ngo amerere neza abandi, kuko aca aguma ameze nk’umwana batoye mw’ibarabara atigeze amenya abavyeyi biwe. Murazi ko n’umwana nk’uyo kugira ngo avemwo ikinntu habwirijwe kuboneka abamubera nk’abavyeyi, abo yita abavyeyi biwe; ubundi arahindana akaba igikoko. Ubwo abantu ba none aho siho bateye ? Ubwo baracamenya Imana, baracemera Imana nka Rurema Rugaba Indavyi, Serukundo ? Iyo utamenye uko kuri, uguma mu mwijima kandi ugashira abandi mu mwijima. Kuko uko urusha abandi igikenye n’amaronko ni ko wiyita Bugabo bwigize kandi bwigaba, kandi ukanduruka utegeka abandi ko bagusengasenga.

Ukundi kuri twosaba ko Mutima w’Umukama yodushikanako kandi gukomoka kuri uko kuri kwa mbere, ni uko twese turi ibiremwa vy’iyo Mana, kandi nk’abana b’Imana, Imana ikaba iturema tunganya iteka twese, iteka ndemanwa. Iyo Mutima w’Umukama atadushikanye kuri uko kuri kwerekeye iteka ry’umuntu ringana kuri bose, duca tubaho nk’ibikoko kandi tukabana nk’ibikoko! Ibikoko na vyo burya ntivyidegemvya, kuko hidegemvya uwufise ugushaka muri we. Vyo bigenzwa n’ikibiribiri gusa, ni co gituma mu gahinga aho bibaye, itegeko rihari ari uko «akaruta akandi kakamira» . Erega iyo Mutima w’Umukama yagushikanye kuri uko kuri, ni ho uca utegera ko uri ikiremwa gishasha, kibwirijwe kugendera kuri rya tegeko rya Mutima atari rya tegeko ry’ikibiribiri. Aho rero niho uba usigaye uri ikiremwa gishasha kandi widegemvya.

Iyo Mutima Mweranda yagushikanye kuri uko kuri, ninaho uca utegera icari co ubutungane bw’Imana. Ubutungane bw’ukuri buca buba ubw’ukuronsa n’ugukorera zina muntu wese ibikwiye vyose kugira ngo iryo teka rya munntu muri we no mu bandi ryubahirizwe kandi ritezwe imbere.

Muri uyo muco w’uko kuri tumenyeshwa na Mutima w’Umukama, urukundo nyarwo narwo uca utegera ko ari ukwama witwararitse iryo iteka rya zina muntu ku buryo n’iyo ritosekawe, vyaba bivuye kuri we canke ku bandi, urukundo rurakugutura rukagutuma ukore ibishoboka vyose ngo urisubize umuvukanyi ryatosekaranye. Aha ni naho hashimikiye umutima w’ukurekuriranira n’ukugiriranira ikigongwe vy’ukuri kandi vy’abakristu.

Vy’ukuri umaze gutahura ko umuntu wese ari ikiremwa gifise iteka, n’iyo uwundi ari we yakugiriye nabi, ntubabazwa gusa n’iyo nabi ugiriwe, urababazwa kandi ni uko umugenzi wawe yikuyeko agateka, bigaca bikwanka mu nda ko womurekera muri ako kaga, kandi ari umuvukanyi. Ukugenda umugana ngo musubize hamwe, bica biba nk’uwukora igikorwa c’ugushayura umuvukanyi ubona ariko arasoma nturi. Ni co gituma ari na wewe ugira intambwe ya mbere.

Iyo washitse rero kuri uko kuri kwerekeye Imana nk’Umuvyeyi, umuntu wese nawe nk’umuvukanyi munganya iteka, ni ho wumva umwidegemvyo nyawo, ugutuma uba indemeshamahoro udatinya. Nta n’umwe ushobora gutinya, kuko wama uzi ko Imana Muremyi wawe ariyo ikwamiza mu biganza vyayo. Nta n’umwe usubira gutinya iyo hageze ko urwanira iryo teka ryawe muri wewe no mu bandi, kuko wumva utabigize, woba uhemukiye Imana nk’umuvyeyi yakuremye, ukaba wihemukiye mw’iteka ryawe canke uhemukiye umuvukanyi wawe mu kutagwanira iteka ryiwe.

Urwo ni rwo rugero Yezu yariko igihe yagira ati: «Mutima w’Umukama ari kuri jewe kuko yansize akandungika kubura umwaka w’Umukama n’ukubohora ababoshwe» (Luka 4). Nkako nyene ikizokumenyesha ko Mutima Mweranda yakubohoye ukaja mu mwidegemvyo w’ukuri, ni uko uwo mwidegemvyo uzogutuma witwararika ko abandi bobohoka mu kumenya n’ukugendera ukuri, ubutungane n’urukundo vy’abana b’Imana, kugira ngo bivyare amahoro ya Mutima aho ubaye, no mu gihugu cose. Ndabipfurije mwese kubohoka Mutima Mweranda abashikane kuri urwo rugero rw’ukuri, gutanga umwidegemvyo, kugatuma urazwa ishinga n’ukubohora abandi.

II.5. Umusozo : Mbega mu Burundi none habuze iki ?
Nidushimire Imana, kuko mu Burundi hari abemera Imana benshi. Egome ntihabuze kumbure abashobora kuyiyitirira gusa kugira ngo bayikamishe kubera izi mvo canke izindi. Ni bamwe usanga batagira ikinya mu kwica, mu gusambura ingo z’abandi mu kurya igiturire, mugukumira abandi, mugabo ku karimi bakama bihaya ko bashira imbere Imana. Ariko i ruhande y’abo, ndemera ko dufise abantu benshi bemera Imana, bakemera ko ari Yo Rurema, Rugaba n’Indavyi.

Ndemera mbere ko mu Burundi hari n’abamaze kumenya Yezu Kristu batari bake kandi bazi ko atari Umuhanuzi asanzwe. Mugabo kandi ndemera ko abatari bake bakiri kuri rwa rugero rwa ba bigishwa imbere yuko Mutima Mweranda abashikana ku kuri nyako akabaha n’ubutwari bukomoka ku Mana. Abakristu batari bake baracatekewe n’ubwoba. Bakabona ukuri, ntibubahuke kukuvuga. Bakabona ubutungane, mugabo bagatinya kubugwanira. Mbere hari n’ababonye abafise ubwo butwari bw’ukuvuga ukuri rw’ukugwanira ubutungane, baca biha imigambi y’ukuja kumuhanura ngo ariko arikwegera ! Mbega twaronse Mutima w’ubwoba ?

Muri ubu Burundi mubona hashobora kuba hari abagize ubuhizi ingendo y’ugukamisha ivy’Imana bayiyitirira ku karimi gusa no mu dukorwa tw’uruhendo; hakaba hari n’abamaze gukongatarira mu ngendo y’ikibi: aho uwivye akaduza igorofa atumira abandi gukengurukira Imana ngo ni Yo yabimuhaye, harakenewe ababohotse vy’ukuri, kandi baba inshingwarimenetse mu kugwanya ikibi, batagiye mu ntumbero ya wa mugani w’abakera ngo: «ikinyoma c’umukuru gisasirwa indava”, mugabo bumviye Yezu agira ati: “ukuri ni ko kuzobagira abidegemvya» (Yoh. 8). Ico twomenya ni uko mu buzima ubwari bwo bwose, hama harimwo uguhitamwo kuba umuja mu Misiri (mu gihe c’Ihunguka) ukaguma mu vyuya vy’ikibi ca Faraoni (kandi ni yo mpengamiro y’umuntu wa kera); canke naho kwemera ko Mutima w’Umukama agucisha mu bugaragwa, mugabo bushikana mu mwidegemvyo wagenewe abana b’Imana. None rero, hitamwo neza mu gukurikira Mutima w’Umukama.

Icipfuzo gikuru canje, kumbure gishobora gutangaza bamwe bamwe, si uko mwogiza igitigiri c’abitwa ko bari mu Muryango katolika w’Abanaguwe muri Mutima Mweranda. Icipfuzo gikuru kandi mpereza n’Imana kuri mwebwe, ni uko nyabuna abemeye kunagurwa, bonaguka vy’ukuri, bakamenya ko bataronka Mutima w’ubwoba. Kuko akambiro naho koba gake, ari ko nyako, k’uwuzi kwenga, aramenya ingene agashira mw’ifu, bigakunda. None ntibatanguye ari Abatumwa icumi na babiri gusa ! Rabe ivyo Mutima w’Imana yiranguriye kw’isi yose aciye kuri abo cumi na babiri ! Mweho, n’aho hoba ubu honyene, murarenga cumi na babiri. Kundire rero Mutima w’Umukama. Ntakimunanira. Erega ni mubimenye: simwe muzohindura isi, pfe kumugamburukira gusa, ni “We azoba ahindura n’isi” y’ubu Burundi bwacu.
Muri kumwe na Mutima Mweranda, nimwerere Ekleziya yacu, mwerere Uburundi, mwerere isi yose. Murakoze!

INYIGISHO YA 3: UWURI MURI KRISTU ACIKA IKIREMWA GISHASHA (1 Co 5, 17)/ Musenyeri Yohani NTAGWARARA; Umwepiskopi w’i Bubanza
Ubuzima ndangamutima bw’uwanaguwe gatorika muri Mutima Mweranda

II.1. Uwanaguwe ni uwakristu yabatijwe kandi yakomejwe

Uwanaguwe yemeye rero kunagura ubuzima bwiwe bw-umukristu ku gushaka kwiwe, ata wumuhase. Yashatse ko Mutima Mweranda amufasha guhinduka ngo ashushe na Yezu, abe umukristu atari kw'izina gusa, yiyumve mu bukristu bwiwe.

Uwabatijwe arazi ko mw'ibatisimu yaronse ingabirano 3, ukwemera, ukwizigira n’ugukunda, avuka ukundi gusha, aba umwana w’Imana, ingingo ya Yezu Kristu n'ingoro ya Mutima Mweranda. Asangiye rero ubuzima n’Imana Data Mwana na Mutima Mweranda. Ni umuvukanyi wa Yezu Kristu. Ababatijwe bose batewe iteka ridasanzwe kuko ni abana b’Imana. Baravukana rero mu budasa bwabo. Ubwo budasa nabwo ni itunga rikomeye kuko ababatijwe bose bameze nk’amashurwe asharije umurima w’Imana, ariwo Ekleziya. Ubwo buvukanyi burengeye ubudasa bw’abantu babatijwe, butegerezwa kuba umushinge bubakirako ubumwe buzira amacakubiri iyo aturuka hose.

Uwanaguwe yemerera Mutima Mweranda ngo abe ariwe amuyobora, amurongora mu buzima bwiwe bwose bw’umutima n’umubiri, mu vyiyumviro vyiwe, mu mvugo yiwe, mu bikorwa vyiwe, mu migenderanire yiwe, mu ngingo afata, izo yigira n’izo afashisha abandi kwigira. Ntameze nk’agati kazungagizwa n’umuyaga. Ntahuruduka muvyo avuga ariko avuga ivyo yarimbuye neza, yahanuje Mutima Mweranda.

Ivyo navyo,bisaba umwanya, igisabisho mbere biranakenerwa ko, ndetse ukubaza umutima wiwe, aja imbere y’Imana mu gacerere, agasenga, akareka Mutima Mweranda ngo asenge muri we kuko twebwe tutazi gusenga neza: «Ni ko na Mutima aradufasha kubera intege nke zacu, kuko tutazi ico twosaba nk'uko bikwiye. We nyene ubwiwe aradusabira, akaniha iminiho itagira amajambo. Uwitegereza imishaha na We aramenya ico Mutima yipfuza, kuko Mutima atwambariza nk'uko Imana ishaka» (Rm 8, 26-27). Biranashika akanabanza guhanuza uwo yizigiye abona kandi azi ko atomuta mu ru dubi.

III.2. Abarongowe na Mutima bamera bate ?

«Ko tubeshwaho na Mutima Mweranda, ni tuyoborwe na Mutima nyene»( Ga 5, 25).

Amurikiwe na Jambo w-Imana, uwanaguwe arondera kumenya neza ubucuti bukomeye bafitaniye n’Imana. Imana ntibe ikiri inkuru mbarirano. Ariko yiyumvemwo we nyene ubwo bucuti. Yumva ko Imana itakiri kure yiwe. Amenya urukundo Imana yamukunze kandi imukunda, ngo rube ari rwo rumufasha kwakira Ijambo ryayo ryose, amurikiwe na Mutima Mweranda. Yishimira iyo Mana mw’Ijambo imushikiriza, agaheza akarigendera.

Ntaba acemerera ko ivyipfuzo vy’umubiri bimuganza. Pawuro Mweranda ati : « Erega ibikorwa vya kamere y'umubiri biribonekeza: ni ubusambanyi, nibiterasoni, ubuhumbu, ugusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, umuryano, ishari, ishavu, impari, amatati, amacakubiri, akayigo, akaborerwe, ubuhumbu burenze urugero be n'ibindi mwene ivyo» (Gal 5,19-21),

Ariko yemera ko Mutima Mweranda amuha ubwigenge bushingiye ku waduhaye kwigenga vy’ukuri, Yezu Kristu (2Co 3,17)

 Uwukora igicumuro wese ni «umuja». Uwo rero ntiyigenga kuko araboshwe n-igicumuro. Uwanaguwe ahunga igicumuro rero nk’iyirashwe.
 Mutima Mweranda amurongora akoresheje za ngabirano ziwe ndwi, ni ukuvuga ingabirano ziwe zose.
 Uwemeye kugenzwa na Mutima Mweranda aramwemerera adahigima ngo amuyobore na za ngabirano ziwe zose..
 Mutima Mweranda ashira, mu wumwemereye kubeshwaho na We, ugushaka kwidegemvya. Za ngabirano za Mutima zifasha umuntu kurangura ibikorwa bimuranga kandi bimutuma acambirwa ubuhirwe budahera. Kanatsinda ni bwo Imana yaturemeye. Twaremeye ngo dusangire ubuhirwe budahera. Mu kwemera kunywana na Yezu Krisu yapfuye none ari muzima, tuba twemeye guca mu nzira itujana mu buhirwe budahera. Ubwo nabwo ni kubona Imana amaso mu yandi. Imana tutabona tuzoyibona kuko ni nzima kandi ni Yo itanga ubuzima nyabwo.. Ko twahamagiriwe kuba beranda dutegerezwa guhinduka ngo dushushe n’Imana Rukundo. Uwanaguwe rero ahitamwo gufata iyo nzira mu mwidegemvyo w'abana b'Imana.

III.3. Mu nzira hariho imitego myinshi

Iyo mitego tuyitegwa n’umwansi, akomeye, azi amayeri,
kandi ataturondera ubwo buhirwe.

 Imana irasonera Ukwishira n’ukwizana twaremanywe. Imana ntigobera umuntu n'umwe. Ico ni ikimenyetso kigaragara c’urukundo rutagira ingero ikunda zina muntu wese.

 Muri urwo rugamba urwana na Sekibi, Uwanaguwe arazi kandi aremera ko atari we nyene.

Ni Yezu wenyene abitwibwirira ati : «Jewe ndi kumwe na mwe imisi yose gushika ku muhero w'isi» (Mat 28,20). Wewe urashobora kuvyibagira, ariko Imana Yo ntikuvirira, kanatsinda ni Mudatanamundagano. Iyo utanguye kwuzura amaganya kubera ibintu vyinshi nk'ingorane zo mu rugo, incuti n'abagenzi batagutegera, wame wibuka ko ari Shetani igomba kugutuma wihebura. Ntuyikundire kwihebura, mbere n’iyo uronse ibigeragezo vyogusuka mu kabi, mu gicumuro, wibuke ko Mutima Mweranda akurwanira, kanatsinda ni We atuburanira.

III.4. Uwanaguwe amenya ko igikuriro ciwe kiva kuri Kristu
Kuko ni We atanga ubuzima bushasha mu masakramentu, mw’Ijambo ryiwe (uryakiriye, ukarizirikana mugacerere k'umutima, rikagushika, ukarishira mu ngiro), mu bikorwa vy'urukundo, mu gisabisho. Uwanaguwe muri Mutima Mweranda akora ibikenewe ngo aronke ingoga n’umutima wo kugumana na Yezu Kristu. Ntiyigera amuvirira.

Uburyo : Uwanaguwe yihatira gusenga imisi yose, akagira igisabisho kivuye ku mutima.
Ntagira nka gasuku ! Akunda guhabwa amasakramentu : ukwirega no kuja mu
misa.

- Arakunda gusoma no kuzirikana Ijambo ry’Imana ryo ku musi ku musi. Bishobotse akarondera abo barisabikanya banaguwe canke batanaguwe. Abanza kwambaza Mutima Mweranda We yaryoheje abaryanditse. Ni We arisigura neza.
- Uwanaguwe arondera guhura n’abandi banaguwe ngo basengere hamwe cane cane bakoresheje ca gisabisho co kuninahaza Imana kandi basangire n'Ijambo ry’Imana.
- Uwanaguwe arakunda ukuruta Umuryango w’Ekleziya, akarondera ingene yofasha mw’iparuwasi aherereyemwo : nko mu kumenyesha Imana, gukora ibikorwa vy'urukundo, ugutunganya mw'isengero, n'ibindi bikenerwa. Ikimuraza ishinga ni uko Umukama Yezu yomenyekana kandi akwubahwa.
- Akarorero : Nariboneye imisore, abize hamwe n'abtatize, ija gukubura mw’isengero hamwe n'abigeme n'abapfasoni.
- Arondera gusangira ubuzima bwiwe n’abandi cane cane abakene, abagowe (Phil 4, 4-7).

III.5. Urazi ko wewe waranaguwe, wubuye intabonwa (Mt 13, 45-46).

Wubuye ikiruta ikindi, wubuye inzira irashe igufasha gushikira Ubwami bw’Imana. Ni Yezu We nyene atubwiira ati : «Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima» (Jn 14, 16). Mutima Mweranda ni We muco akaba n’inkomezi zawe. Uwanaguwe areka ngo Yezu Kristu amucakamire wese (Phil 3, 7-14). Ntihagire rero ikigutera ubwoba, kuko Yezu agumana nawe yaratsinze urupfu n’inkomoko yarwo, ari co igicumuro. Uwanaguwe yemera kugumana na Yezu, kuguma muri Yezu ngo atsinde inabi n’aho iva hose : akarenganyo, ikinyoma, ubusuma, ukwankiriza ubuzima nk'ugukorora inda, uguhohotera abandi ku karenganyo, igikenye ukwihora, n'ibindi.

Ivyamwa biva kuri Mutima Mweranda, Paulo Mweranda arabitubwira (Ga 5, 22-25). Ivyo vyamwa bitegerezwa gutagata mu buzima bw’uwanaguwe, maze bikaba arivyo bimuranga : “Urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubukundanyi, ubuntu, ukwemera, ukugenza buhoro n'ukwigumya”..

III.6.Ugusozera

 Uwanaguwe agumya umutima mu nda, n’aho hoza ibimeze gute bishaka guhungabanya ubuzima bwiwe bw’umutima kuko Mutima Mweranda aba inkinzo yiwe n’uruzitiro rwiwe rutamenwa : ibuka “abamartiri” : bemeye kuzira ukwemera kwabo, bemera kurinda amagorwa ku kwanka guhemuka.

 Uwanaguwe arazi ko atari we nyene mu rugamba rwo kurwanya inabi ahereye muri we nyene. Yezu Umukiza yatsinze Sekibi n’igicumuro, Yezu ari muzima, ni We buzima bwiwe. Uwanaguwe nawe yemerera Mutima Mweranda ko amugenza nk'uko na Yezu yari yuzuwe na Mutima Mweranda mu butumwa bwiwe bwose gushika ku musaraba.

 Bikira Mariya afise ikibanza gihambaye mu buzima bw'uwanaguwe.. Kanatsinda nta ndagukunda nkakwankira umwana. Uwo Muvyeyi w'Ekleziya ni uwiwe. Ni co gituma uwanaguwe muri Mutima Mweranda atangarira ubwiza bwa Bikira Mariya, akamushemeza. Akwongera akamwambaza ngo amurinde ico cose coza gishaka kumutandukanya n'Umwana wiwe Yezu Kristu.

INYIGISHO YA 4: UMWANA W’UMUNTU YAJE GUKORERA ABANDI NO KWITANGA (Mc 10, 45)/Musenyeri Blaise NZEYIMANA, Umwepiskopi wo mu Ruyigi
IV.0. Intangamarara
Iryo jambo ni Yezu yarivuze kandi rirahambaye kuko abanditsi b’Inkuru Nziza bose bararidushikirije (raba Matayo 20, 20-28) ; Mariko 10, 35-45 ; Luka 22, 25-27 ; Yohani 13, 1-20).
Kugira ngo turitegere, turakeneye kumenya neza umuzi w’iyo nyigisho, icatumye Yezu yiva inyuma akabwira abatumwa biwe artyo. Ico twoherako ni umurava w’amajambo dusoma mu Nkuru nziza twandikiwe na Mariko : « Umwana w’umuntu ntiyaje ngo bamukorere, ahubwo yaje gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo abere incungu benshi » (Mariko 10, 45).
Umwana w’umuntu turamuzi : ni Umwana wa Rudasumbwa (raba Luka 1, 32) ; ni Umwami kandi ingoma yiwe ntizohera (raba Luka 1, 33). Uwo Mwami yotegerejwe gukorerwa, none ni we aje gukorera abotegerejwe kumukorera. Ni Imana yotegerejwe gushikanirwa amaturo, none ni We aje gutanga ishikanwa ry’ubuzima bwiwe ngo abomushikaniye baronke inzira y’amashikanwa meza.
None iyo ngendo ayitumwa ni iki ? Ayitumwa n’ukugamburukira uwamutumye, Se ari we Dawe. Ayitumwa n’urukundo akunda uwamutumye, Se ari we Dawe, be n’urukundo akunda abo yatumweko, abantu bose ata n’umwe avuyemwo. Ayitumwa kandi n’ukwicisha bugufi gutangaza isi n’ijuru. Vyongeye s’abatumwa gusa, umukristu wese ategerejwe kurangwa n’urukundo, ubugamburutsi n’ukwifata ruto mu maso y’Imana no mu maso y’abantu. Ubukuru nyabwo ni ugusukurira abandi bavukanyi.
Yezu yabwiye iryo jambo abatumwa biwe ngo bategere ko batohahamira ubukuru bw’ab’isi, ariko barondere ininahazwa ry’abo mw’ijuru :
« Murazi ko abitwa ngo baratwara amakungu bayatwaza igikenye kandi ko abakuru bayo bayakandamiza. Ariko muri mwebwe, si uko, ahubwo uwushaka kuba umukuru muri mwebwe arababera umusuku, uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe na we abe umushumba wa mwese» (Mariko 10, 42-44).
Uwoshaka kuzirikana iryo jambo yorazako bukamukerako, bumaze guca bukira bugasubira bukamukerako... Ingendo ya Kristu iradutangaza twese, ni co gituma itugora gukurikiza. Nkundire rero tuyihweze, duheze turabe ko bikunda ko twitaba ako kamo yateye abigishwa biwe :
- Umutumwa Paulo mweranda arabitwigisha mu majambo atomoye, naho asiga ubwenge bwacu (raba Abanyafilipi 2, 1-5 . 6-11) ;
- Yezu wenyene ubwiwe arabitwigisha, mu majambo atomoye na we nyene, mugabo tudashoka dutegera. Ni we yabwiye abatumwa biwe gatatu kose ko azobabara, akabambwa, agapfa hanyuma akazuka, mugabo ubwenge bwabo bukaguma buyerera mu bindi bisayangana, bitaragama.


IV.2. Inyigisho ya Paulo mweranda : Abanyafilipi 2, 1-5 ; 6-11
Kwamana umutima umwe nk’uwo Kristu Yezu yarafise : (s’uw’ari wow ose, ni nk’uwo Kristu yari afise) : « We, naho yamyeho muri kamere y’Imana, ntiyigeze yihambirira ku kungana n’Imana. Ariko yigize ubusa, afata kamere y’abasuku. Mu kwigira umuntu asa n’abandi, yigenjeje nk’umuntu asanzwe, aricisha bugufi, aragamburuka gushika apfe, kandi apfa urupfu rwo ku musaraba» (6-8).
Ni nde muri twebwe yotegera igituma Yezu yaciye bugufi gushika iyo, igituma yagize urukundo rumushikana ku rupfu rwo ku musaraba ! Kwitanga wese gushika apfe !
« Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira rya zina rirengeye amazina yose, kugira ngo, kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro hasi, abari mw’ijuru, abari kw’isi n’abari mu kuzimu, kandi ngo ururimi rwose rwature yuko Yezu Kristu ari Umukama mu buninahazwa bw’Imana Se » (9-11).
Kubera ko Yezu yicishije bugufi, akigenza nk’umusuku, akagamburuka rwose, ntiyobuze ishimwe ryerekana agaciro k’izo ngeso nziza zizana ubunywanyi ku Mana no ku bantu. Muri We, Imana ntiyashimye ubuhizi, inguvu canke ubuhinga, yashimye urukundo rurimwo ukwifata ruto n’ubugamburutsi.
Paulo mweranda ntatwereka Yezu ngo tumutangarire gusa, kumbure twibaze n’ibibazo, amutwereka ngo tumwigane kuko bihimbara mu maso y’Imana ati: « Nimwuzuze akanyamuneza kanje mu kwamana umutima umwe, mugasangira urukundo, mugahuza imitima n’inama » (Abanyafilipi 2, 2).
Umutumwa yipfuza ko bunga ubumwe, kandi arazi ko bitoroshe na gatoyi : abantu bashobora gukora ibintu bitangaje, mugabo bikabananira kurengera ya kamere y’ukwigungirako canke y’ukwihayagiza. Urukundo n’ukwifata ruto vyunga ubumwe bw’abantu ntibihuta biraboneka, kandi bisumvya agaciro kure n’iyo ubuhinga canke ubwenge umuntu yoba afise ubw’ari bwo bose.
« Ntihagire ico mugira mubitumwe n’ishari canke n’ubwishime, ariko mwicishe bugufi, umwe wese akiyumvira yuko mugenziwe amuruta. Umwe wese ntiyiyumvire ivyiwe ariko yiyumvire ivy’abandi. Mwamane muri mwebwe umutima umwe, urya nyene Kristu Yezu yari afise » (Abanyafilipi 2, 3-5).
Ntiturazwe ishinga n’ivyacu gusa, turazwe ishinga n’ineza y’abandi ; ntidushime kugendera hasi kubura hejuru ngo hari ico turushije abandi, ahubwo twame twibuka ko umuvukanyi, uw’ari we wese, ari n’ico aturusha.
Twisunge Kristu, dusangire ivyiyumviro n’ingendo mu cipfuzo ciwe c’ukugamburukira Se uko vyoba kwose. Gutyo, tugire urukundo nk’urwiwe : yama ashira mbere ishaka rya Se n’urukiza rw’abantu yamutumyeko.
IV.2. Inyigisho ya Yezu Kristu: ni ukurabira ku ngendo yiwe
Ntaho itaniye n’iya Paulo mweranda, n’uko nyene Yezu avuga yiroreshako, Paulo nawe akamuroreshako. Noneho, ni We yarahuyeko amaze guhinduka, agaheba guhama abigishwa biwe.
Iyo ngendo ya Yezu yari yarabuwe mu Bitabu vyeranda, cane cane Umuhanuzi Izaya (raba Izaya 52, 13 – 53, 12 = igisomwa co ku wa Gatanu Mweranda).
« Kubera amakuba umutima wiwe warinze, azobona umuco yongere ahimbarwe. Kubera ivyo yahamenyeye, iyo ntungane, uwo musavyi wanje azotunganiriza isinzi ry’abantu, yiremeke ivyaha vyabo» (Izaya 53, 11).
«Ni co gituma nzomutoranya hamwe n’isinzi ry’abantu, akagabangana ivyanyazwe hamwe n’intwari, kuko yitanze we nyene gushika apfe, agaharurwa mu bagarariji, aho nyene yari yiremetse igicumuro c’isinzi ry’abantu kandi yitangira abagarariji» (Izaya 53, 12).
Ivyo ni vyo Yezu yaranguye mu buryo bubiri :
- Igihe yagira Ukaristiya yabwiye abigishwa biwe ati: «Iki ni amaraso yanje y’isezerano, aza guseswa ku bwa benshi» (Mariko 14, 24) : mw’Isakramentu ry’Ukaristiya, Yezu aritangako inkuka idukiza nk’uko yoba abambwe uwu musi !
- Bukeye, yaciye yemera aramanikwa ku musaraba, bamuharura mu nkozi z’ikibi kandi ariko aracungura inkozi z’ikibi (ni zo zari zikwiye kubambwa ku musaraba). Ntivyabaye ibimenyetso gusa canke ibigereranyo, umusi uri izina, ku wa Gatanu Mweranda, Yezu yarabambwe ku Musaraba, ata kibi yigeze akora, ararangura umugambi wamuzanye kubana na twebwe: kudukiza igicumuro n’urupfu. Yitiranijwe n’inkozi z’ikibi ngo akize inkozi z’ikibi !

IV.3. Yezu ntiyaje kw’isi ngo akorerwe n’abantu, yazanywe n’ukubakorera be n’ukubapfira
Yezu yitanga ngo arokore isinzi ry’abantu ; yitanga ngo abe incungu mu kibanza c’isinzi ry’abantu bari bakeneye gutanga iciru c’ibicumuro vyabo. Yatumwe n’Imana-Rukundo, aza ari Rukundo. Nta musuku n’umwe yigeze akorera shebuja nk’uko Yezu, Umukama-Mwigisha, yakoreye abasuku biwe.
« Ko jewe Umukama n’Umwigisha ndabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge.» (Yohani 13, 14) “Ndabahaye akarorero ngo namwe mugire nk’uko ndabagiriye.” (Yohani 13, 15) «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, nta musuku aruta shebuja, nta ntumwa iruta uwayitumye.» (Yohani 13, 16) «Ko ivyo mubizi, muzoba muhiriwe nimwabikora» (Yohani 13, 17).
Vyari bikwiye ko twigenza gutyo mu buzima bwa misi yose, cane cane mu ngendo y’ukwubaha n’ukwubahiriza abo tuganza, abo dutegeka, abo dukoresha, abo dusumba canke ba nyarucari (ababoyi, abayaya, abakozi bo mu mirima, abazamu, canke abo dusumba mu kazi) !!!!!
IV.4. Ng’aka akagohe Yezu atuvuniye :
«Abami b’amakungu barayiganzako kandi abafise ubukuru bitwa abagiraneza. Mweho si uko, ahubwo umukuru muri mwebwe namere nk’umutoyi, uwugaba nawe amere nk’umusuku. None hagati y’uwuba yicaye ku meza n’umusuku, umukuru ni nde ? Mbega s’uwuba yicaye ku meza ? Ariko, jeho ndi hagati yanyu ka musuku» (Luka 22, 25-27).
Yezu ntiyemera gupfa kuko yipfuza canke arondera iteka ry’ugupfira Imana, yemera gupfa kuko arajwe ishinga n’ugukiza (ugucungura ) abantu.
Ntapfa kubera akunguko kiwe, apfa kubera twebwe : ubwa mbere ngo adutangire iciru, ubwa kabiri ngo atwigishe ko intumbero nyayo y’ubuzima ari ugukunda Imana n’abantu be n’ukubakorera (gukorera Imana n’abantu).
« Nimwigane Imana nk’abana bakundwa, kandi nimugendere mu rukundo nk’uko Kristu yadukunze na we, akihereza Imana ku bwacu nk’ishikanwa n’imbagwa bimoga neza » (Abanyefezi 5, 1-2).
IV.4. Iyo nyigisho ya Yezu ntiyadutse
Yaburiye abigishwa biwe gatatu kose ko azotabwa mu minwe y’abapagani, ntibategera namba !
Ubwa mbere :
Inyanduruko : « Mweho kubwanyu ndi nde ? » Petero aba ari we avuga yishura ati : «Uri Kristu.» (Mariko 8, 29)
1) Yezu yaciye ababurira ubwa mbere ko azokwicwa nabi, agapfa, hanyuma akazuka.
2) Petero yaciye amwihereranya --- turazi ko yamubwiye ati NTIRIKABE ! ---
3) Yezu yamara ati : ushaka kunyosha nabi : umugambi w’urukiza ntusiba
4) Yezu ati na mwebwe : «Uwushaka kungendanira ni yihebe we nyene, yikorer umusalaba wiwe, ankurikire» (Mariko 8, 34)
Ubwa kabiri :
1) Inyanduruko : Abigishwa bari babonye ubuninahazwa bwa Yezu, babona n’ububasha afise bw’ugukira amashetani ;
2) Aca arabagabisha mu kubabaurira ingene azopfa ;
3) “Ariko bo ntibategereye iryo jambo kandi baratinye kumubaza” (Mariko 9, 32); mugabo ntikibabuze guharira babazanya uwoba ari mukuru muri bo !
4) Yezu aca ababwira ati : «Ugomba kuba awa mbere n’abe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose…» (Mariko 9, 35-37)
Ubwa gatatu :
1) Inyanduruko : Yezu yariko arababwira ivyerekeye amatungo yo kw’isi batabitegera
2) Hanyuma asubira kubabwira ubwa gatatu : ….
3) Ariko n’ubu, ikiguma kibaraje ishinga ni ubukuru !
4) Yezu ati : «Umwana ntiyaje ngo bamukorere, ahubwo yaje gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo abere incungu benshi» (Mariko 10, 45).

IV.5. Umuvyeyi wacu Papa Fransisiko aripfuza ko iyo ngendo ya Yezu iba ingendo y’Ekleziya
Mw’Ekleziya, ubukuru butegerezwa kwibonekeza mu ngendo y’ugusukurira abavukanyi nk’uko Umwana w’umuntu ataje gukorerwa, yaje gukorera abandi. Abakuru (abasuku) b’Ekleziya ni abashikiriza b’inema y’Imana ; bategerezwa rero kuba abasuku b’umwe umwe mu bagize umuryango w’Ekleziya (Servus servorum Dei = Umusuku w’abasuku b’Imana). Umukristu wese ategerezwa kwiyumva mur’iyo ngendo. Ivyo bituma atawugendera hasi kubura hejuru ngo ni uko yoba aruta abandi. Imana ni iruta bose, abandi twese turarutwa. Papa agira ati : «Mw’Ekleziya, uwudashobora gusubirizwa ni umwe musa, Mutima Mweranda, Yezu nawe ni We musa Mukama» (Ijambo ryo ku wa 03/07/2015). Abantu bose bagenda baribabura baba biyobewe.

Iyo ngendo ibonekera cane cane mu bintu bibiri :
- Ukwiyegereza aboro n’abari mu makuba y’ubwoko bwose ;
- Umutima w’uguhinduka atuma dutera imbere mu rukundo rwa Kristu, twifashe ruto, ngo tube ivyabona vy’ukuri vy’urukundo rw’Imana. Kandi uwo mugambi ntiwoba uw’umuntu umwe ukwiwe, uraba n’uw’umuryango, ngo wose ube icabona c’urukundo rw’Imana.

IV.6. Umusozo
«Umwana ntiyaje ngo bamukorere, ahubwo yaje gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo abere incungu benshi» (Mariko 10, 45). Abatumwa yabatoye ngo banywane, nabo nyene bagire gutyo. Uwemera wese afise ubutumwa bw’ugushingira intahe Kristu mu buzima bwa misi yose. Nta kundi yobigira, atari ukugerageza kumwigana : mu bugamburutsi, mu kwicisha bugufi, mu kwihebera abandi, mu kubasukurira, mu kwamana umutima w’ikigongwe, mu kwitanga nk’uko Kristu we nyene yabiduhayeko akarorero.
Mutima n’aturongore mur’iyo nzira y’urukundo rwamuka ku Mana, maze aho turi hose hamote Kristu yitanze atiziganya ngo abantu bose baronke urukiza.

INYIGISHO YA 5: GENDA … MU BIWANYU UHEZE UBIGANIRE IVYO UMUKAMA YAKUGIRIYE (Mc 5, 1-20)/Binevenu NTIMIGWA, Umu Berger wa RCC muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
V.0. Intangamarara
Umugambi w’Imana wogukiza n’ukubohora abantu, uragaragaza cane ko ivyo Imana yakoze kandi ibandanya gukora mu bayo ari ibinyegezwa ; ko vy’ukuri ariyo kwubaha gusumba vyose, kwemera n’ugusenga. Kubw’ivyo, niyo kandi ikwiye kuyagwa n‘ukuyagira abandi kuko ibintu ikorera umwana w’umuntu sivyo kwigumizamwo.
Dufashijwe n’ijambo ry’Imana twumvise, tubizirakane mu ntambwe 3 :
- Uwuboshwe ameze ate ?
- Uwubohora imbohe we ameze ate ?
- Uwabohowe ahamagariwe iki?
V.1. Uwuboshwe ameze ate?
(Soma V1-5) N’umuntu ubuzima bwiwe bubangamiwe ; ntagira amahoro ; aragowe ; ararushe ku mutima ; ararushe ku mubiri (arabohwa, ibisebe kubera ukwitabaguza amabuye) ; ntateka afise imbere y’abantu : yahunze abantu aja kwibera mu kaburi no mu misozi ; ntamwidegemvyo afise : kugira areke ku mena amatwi abantu canke ukugorana arabohwa (imigozi, iminyororo); mw’ijoro aho yoryamye ngo asinzire canke ku mutaga aho yokoze udukorwa nk’abandi, we imisi n’iyindi imyaka n’iyindi bugingo atarahura buhure na Yezu abohora imbohe, ibikorwa vyiwe ijoro n’umutaga ni kuvugiriza induru ku kaburi no mu kaburi, ku misozi no mu misozi.
Aho abandi ku murango no mw’ijoro bafata umwanya baninahaza Umuremyi kuwuboshwe we avuza induru, n’amaborogo kuko aragowe, ararushe, arahambiriye; hakubana n’abantu mu buntu we abana n’imitima mibi yibanira n’abapfu bashinguwe mu mva kandi abamena amatwi n’induru n’ukuboroga ; aho abandi buzuye ubuntu n’ububasha vy’Imana we yiziziwe n’imitima mibi (ububasha bwa Sekibi) ; araremerewe, aranka umubiri wiwe awutabaguza (imisi yose yakabaye) amabuye asongoye/ akarishe ; naho umubiri ari ibisebe, we ntababara , umubiri waratimvye, umubiri n’ubuzima bwiwe birabangamiwe ; kumbure ntanagashambara yambaye ntawe bavugana/ bumvikana kuko imvugo yiwe ni ugukoma induru n’ukuboroga gusa ku musozi no mu mva (azovuga abonye uwuzoba aje ku mubohora) ;
Ukubohwa biri kubiri : ukubohwa n’imitima mibi hamwe n’ukobohwa n’ibicumura n’ingeso mbi. Ivyo vyompi bitegwa n’uko umuntu yagiye kure y’Imana bivanye n’ivyo yisutsemwo, yikwegeyemwo, yakwegewemwo n’abandi, n’igicumuro yagumyemwo agifata gito (canke agifata nk’ igisanzwe). Ivyo n’ibindi ntavuze, biraheza bikavyara ingeso mbi n’ububegito mu muntu, kandi uko biba vyinshi niko bikwega amashetani n’ububasha bwayo, bikaboha umuntu, wa muntu amaherezo yiwe akaba ikigabizo c’amashetani (zivuye kuyerera niho zitaha, zikanagwira zikaba Gitero).
Kurya tuzi ko ubuhoma utinyukuye bukugumako, kandi uko imisi iba myinshi atinyukura (kandi yoga) niko n’umubiri w’umuntu uhinduka ukirabura ; ni ko n’igicumuro cose kitasabiwe ikigongwe kirakuboha kirakugira umuja wa shetani, kirakwaka iteka mu bantu n’imbere y’Imana.
Uburorero ni bwinshi, ariko munkundire nsigure kamwe muri bwo: Uri uwanaguwe muri Mutima Mweranda ariko, hari muri wewe, umutima mubi w’ukwipfuza umukobwa/umuhungu kanaka canke umugore/umugabo w‘abandi (ku bubabtse); utagiye ngo wirege ico gicumuro, ugashima kugifata nk’igisanzwe, uraboshwe kuko mu bwenge bwawe uyo muntu arafata ikibanza kidasanzwe kandi hariho uwarasanzwe ari uwudasanzwe. N ‘inkurikizi ni nyinshi cane : kububatse urukundo ruratituka, itunga rirasesagurwa, induru ku musozi (wivuganira n’uyo muntu ibitubaka, mukorana ibidakorwa…), kwibera ku kaburi (nturangwe muhira, naho uhaba ivyiyumviro n’ubwenge vyaragiye ahandi hantu) bref hari umutima mubi wavyigaruriye. Naho bakubohesha imigozi, iminyororo urayicagagura n’ukuvuga n’aho uhanurwa ntuvyemera (n’insaku zo mw’ibarabara), naho muri renouveau bigisha ntudonoka ntagihinduka, mbere n’urwanko rukaza ukanka ugashibura abaguhanura.
Yezu ntiyenze mu kuvuga aya majambo, «Mwarumvise iryavuzwe ngo: Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti, uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe azoba yamaze gusambana nawe» (Mt 5, 27) .
Ako karorero kadufashe kuraba no ku yindi mitima mibi: agatima k’ubwicanyi (mu vyiyumviro-mu mvugo bivyara iki/ bigusiga mw’iki???); umutima mubi w’ ubukunzi bw’inda, umutima mubi wo kutaba mu kuri (ububeshi, ikinyoma “bifatwa comme péchés mignons”), umutima mubi wo kurya no gutanga igiturire; umutima mubi w’urwanko n’inzigo; umutima w’ugutoteza abandi twishimirije ico turi, umutima mubi wo kwishigikira, wo kwiyeza no kwisigura….. ng’ivyo ibicumuro bituboha aho kuba n’ugusenga mu kuri, ibisabisho vyacu bikaba induru mu maso y’Imana; aho uko gusenga kwacu kwodushikanye mw’ijuru tukazohereza mu kaburi no mu muriro udahera. «Abavuga Mukama Mukama sibo bazoja mw’ijuru.»
V.2. Uwubohora imbohe ameze ate?
Mu kwigira umuntu kw’Imana, turatangarira ikinyegezwa c’Imana cerekeye ishaka ryayo ryo kwiyegereza abantu baruhijwe n’ibicumuro, baboshwe n’ingeso mbi. Ico kinyegezwa kigaragara mu kutubohora n’ukudukiza, kuko Imana ibirangura mu kudusangiza kuri kamere yayo biciye kuri Yezu kristu Jambo yigize umuntu, muri Mutima Mweranda tugaheza takaba abantu bashasha.
(Soma V6-17)
Uwabohoye uyo muntu yitwa Yezu, bisigura Imana irakiza=Imana irabohora=Imana iratabara. Ameze ate? Tugomba twiheze hamwe ukuntu ari intore yakira bose, yuzuye urukundo n’ikigongwe. Aje kuri rendez-vous y’ukubohora n’ugukiza uyo muntu yibera mu mva no ku misozi aboroga, yitabagura, nta migozi aje azanye, nta minyororo aje azanye, ntan’abantu azanye ngo bamufashe (V5 ntawashobora kumufata wenyene ngo amugumye).
Mu kubohora afatira kuki? Ni Yezu agira intambwe ya mbere mu kwiyereka umuntu (mu buryo bwishi/muri vyinshi). Ariko, n’umuntu ategerezwa kugira intambwe ya mbere (V2:«Yezu akiva mu bwato, ubwo nyene umuntu yari yiziziwe n’amashinga aza kumusanganira avuye mu kaburi» ; - (V6): «Abona Yezu akiri kure, aca ariruka, akubita inkoro hasi imbere yiwe.»
Igitangaje, amashetani muri uyo muntu arazi ko uyo muntu aje yitwa Yezu ko ari Umwana wa Rudasumbwa (V6: «Mbega dupfa iki ga Yezu, Mwana w’Imana Rudasumbwa ?») Ugukubita inkoro hasi= Yezu ari Imana Rudasumbwa nka Se, akwiye gusengwa. (Voir chez Mc10, 17) « Yezu afashe inzira, umuntu aza yiruka, akubita ibifukamiro imbere yiwe, amubaza ati: Mwigisha nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera ? » Amen, nibigigwe uko kuko haranditswe ngo: « Nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira rya zina rirengeye nyaryo rirengeye amazina yose, kugira ngo, kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro hasi, abari mw’ijuru, abari kw’isi , mw’ijuru no mukuzimu kw’inyenga, kandi ngo ururimi rwose rwature y’uko Yezu Kristu ari Umukama mu buninahazwa bw’Imana Se » (Abanyafilipi 2,9-11).
Yezu n’Imana yuzuye impuhwe, yuzuye urukundo. Yezu atarasokoroka zari induru, ukuboroga, ikitabagura. Iyo mbohe yapfuye kubona Yezu, (niko kubohoka kwa mbere, ukuboroga fini terminé) aca avuga atobora kandi avuga aciye bugufi (ukugwana, uguhangana fini terminé) .
Ihangiro rya Yezu : Ko Yezu yaje, iyo mbohe ntizosubira kuba mu mva, izoba mu nzu ; iyo mbohe ntizosubira kuvuza induru igiye gutangura iririmbira ininahaza Yezu ; ntizosubira gutabagura umubiri wayo n’amabuye asongoye kuko umubiri wiwe wacitse ingoro y’Imana. Ndatangaje icese ko no kuri wewe uyu musi, iryo niryo hangiro rya Yezu.
NB : Kugira dutahure neza, hariho ibibazo dushobora kwibaza:
- kubera iki yayibajije izina ? mu kuyibaza izina, nivyo vyari bikenewe kugira ayirukane ? il voulait plutôt, par cette question, kutwigisha mu kuduha umuco kuvy’ayo mashetani yari muri uyo muntu ayariyo n’ukuntu atari ayasanzwe kuko yari yarazingamitse/ yarishe uyo muntu. (Legion, Gitero=6000 fantassins kuko turi benshi).
- Kubera iki zamusavye kurungikwa mu ngurube? Ingurube Abayahudi ntibatunga ingurube, kuko zabatera ishishi, zikaba ibihumane (zirabereye rero kwinjirwamwo amashetani)
«ingurube, kuko ifise ikinono gisatuye kandi cihese ariko ntiyuze, kuri mwebwe irahumanye. Ntimuzorye inyama zavyo kandi ntimuzokore ku mivyimba yavyo, kuko kuri mwebwe birahumanye» (Lv. 11, 7-8).
- Ba nyenezo tuvireho, kubera ikii? Baragize ubwoba kubera ivyo vyashitse iwabo; barababaye bababajwe n’ingurube zabo zahonye kandi ntibavyakiriye : Ingurube (2000 zirahonye × 300.000Fbu = 600.000.000Fbu; ingurube 2000 zirashunguruka nziroha mu kiyaga, zirasoma nturi). Kuri Yezu, umuntu arasumba agaciro ingurube zingana ukuraho, canke amafaranga yozigura.
V.3. Inyifato y’uwabohotse
(Soma V18-20) Aho kubwira Yezu agumane nabo, bo bashimye ku mwirukana ngo abavire mu ntara, nawe aragamburuka pe. : ntuzofate bito / ntuzokwibagire ivyiza Imana yagukoreye canke yakoreye abawe ; umuntu asumba agaciro ingurube, bamwirukanye kubera ingurube zahonye, ariko ntibashimye kugumana nawe kandi abakirije/ababohoreye umuntu yabaye mu mva, imisi-amezi-imyaka/ ataba muhira-atabana n’abantu yibera n’imitima mibi/ uwirirwa aritabagura umubiri wuzuye ibisebe/ atagahuzu yambara, yirirwa arakoma induru mu mva no ku misozi ababuza gusinzira n’ugukora bagaca bamubohesha iminyororo kugira atekane. Uwamukijije baramwirukanye, aciye yifatira ubwato. «Bafise amaso yo kubona ariko ntibabona, bafise amatwi yo kwumva ariko ntibumva.»
Ya mbohe iratekanye, yabaye umuntu mushasha, umuntu muzima kuko ubwenge bwagarutse, ariyumviriye ivyo yahoramwo/ ivyo yakora kugwana n’abamuboha, ingene yatera ubwoba n’ibibazo abantu/iyo yabaye imyaka n’imyaka/ ingene yasa n’ingene yambara,… aramutakambira ngo amukurikire, Yezu ntiyabimwemereye, niho kumwishura ati: « Genda i muhira, mu b’iwanyu, uheze ubiganire ivyo Umukama yakugiriye uko bingana n’uko yakugiriye ubuntu. » burya nivyo vyari bikenewe kuko kuyaga Yezu = ugukurikira Yezu. Mw’ibatisimu tuba abera de, ariko Yezu ntiyokwemerera ko twoca dupfa, kandi yobikunze kugira twese tuje mw’ijuru. Ico Imana ivuze nico co, ico yashimye n’ico co.
Inyifato y’uwabohotse ni uguhaguruka, ukugenda, kuyaga ikigongwe n’ubuntu bw’Imana kandi birihuta. Kubera iryo shaka ryo guhagura, ryo kugenda kuyaga ivyiza vy’Imana tuagaheza tugatahura ko Imana yigize umuntu akabana natwe, kandi abantu bategere ko ahari Mutima w’Umakama haba umwidegemvyo. Donc, Imana iri kumwe natwe kugira ngo idukure mu mw’ijima w’igicumuro n’urupfu hanyuma ikatuzanira ukubohoka bidutwara mu buzima budahera ; uwabohotse niwe agira ishaka ryo ryo kugenda kuyaga Imana kuko vyabindi vyabimubuza vyacagaguwe.
Yohani (4, 28) ati: « nya mugore asiga aho umubindi wiwe, ariruka mu gisagara : nimuze murabe uwambwiye ivyo nakoze vyose, ntiyoba ariwe Kristu ? Barasohoka bavana mu gisagara baza aho Yezu ari ». Kandi ati: « aho abanyasamariya bamariye kumwegera naho, baramwinginga ngo agume iwabo, araheza ahamara imisi ibiri. Noneho abamwemera baca baragwira kuko biyumvira ijambo ryiwe, maze, babwira wa mugore bati : Ubu ho ivyo watubwiye si vyo gusa bitumye twemera, ubwacu twamwiyumviye, none twamenye ko mu vy’ukuri ariwe Mukiza w’isi »(Jn 4, 40-41) :
Iyo nagiye kurondera isakramentu ry’ikigongwe (neza) Yezu mu musaserdoti, genda amahoro : ngenda ntewenga nezerewe kuko nabohotse (ahari mutima w’umukama niho hari Umwidegemvyo). Uwabohotse aba ikiremwa gishasha : ahari umujinya n’umubabaro, ubu harangwa muri we akanyamuneza n’umunezero ; ahari ibikorwa, ivyiyumviro, imigenzo n’ivyipfuzo bibi, birahinduka bikaba vyiza gusa ; ahari induru n’ukuboroga mu mva, ku misozi, ku ma ligala wivugira ivyo ugomba bitubaka ubu ni ukugumana n’Imana mu gusenga ugira louange ;
Inzitizi n’ ibifashi ko vyaheze, wasubijwe mu bana b’imana, wambitswe agahuzu ubonwa n’abari bakuzi batere ibibazo ibibazo rero. Genda uyagire abantu uwakubohoye, genda ugendere ico wabaye/ wahinduwe, kandi birihuta nico gituma kumenyesha inkuru nziza vyihuta. N’abanyene ingurube babibemenye ko Yezu abohora imbohe zose. V20 : araheza ava aho, aca aja mu vyo kumenyesha muri Dekapori (ibisagara cumi) ayaga ivyo Yezu yamugiriye uko bingana, bose rero baratangara. Yatanguriye he ?? aho nyene muba gadara.
V.4. Ugusozera
- Fixons nos regards de notre foi sur celui qui, seul, en est le Vainqueur ;
- Auto delivrance : wewe mutima w’urwanko waboshe, ndagutegetse kw ‘izina rya Yezu mvamwo, ndagutegetse kuja munsi y’umusalaba wa Yezu wewe mutima w’ikinyoma, w’ubuhumbu,……
Genda uyagire abantu ivyo wagiriwe n’Imana, genda ugendere ico wabaye. Urugendo rwiza!

INYIGISHO YA 6 : ICO EKLEZIYA YITEZE MU KUNAGURWA MURI MM/Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
VI.1. Intangamarara
Tugize imisi tuzirikana uruhara rwa Mutima Mweranda mu buzima bw’umuntu wese, cane cane bw’uwemera Yezu Kristu, muri Ekleziya katolika. Twagiye turakurikira buhoro buhoro, mu madiyoseze yose ingene imbuto ya RCC yatewe, ubu igiti kiriko kirakura. Harageze kurimbura : tugeze he ?
Dufatire ku nyigisho ya Paulo Mweranda mw’ikete yandikiye Abanyefezi (Eph4, 1-7.11-16).
Gusoma ayo majambo. Urugero rw’uwemera ni Kristu wenyene. Turiko turubaka ubuzima bw’umwe umwe kandi umwe wese ariko araterera kubaka ingoro y’Imana. Umwe wese ni ibuye rizima. Kugira turimbure neza intambwe tugezeko, ngo dutereze akajisho inyuma, turabe iyo RCC yavuye, ingene yateye imbere muri iyi myaka 50. Duhimbaza yubile y’imyaka 50 ariko mu Burundi, abatanguye kera bamaze imyaka 20 canke 25 gusa. Abatanguye ino iwacu bavomye ahandi.
VI.1. Intango muri 1967 muri Amerika(USA).
Hari abigisha n’abanyeshule muri kaminuza bari banyotewe cane kwumva ko ari abakristu bashitse. Muri ico gihe, bumva ko ari muri Ekleziya yabo hari agahaze, ko umengo barakanye. Baraba Abapentekoti iruhande yabo, ukamengo barabasumvya akanyamuneza n’ingoga mu kwemera kwabo. Niho hatangura kurushirizaho gusenga, bakoresheje n’uburyo bushasha bwo kuninahaza Imana (louer le Seigneur). Buhoro buhoro, babona n’abandi birabaryoheye. Ubuzima buragaruka muri Ekleziya gatolika. Abakristu barahanahana ubwo buryo bushasha bwo gusenga. Ntivyagumye muri Amerika gusa. N’i Bulaya, hari abakristu basanze ubwo buryo bwonagura Ekleziya yaho, nko mu Bufransa, mu Bubiligi, mu Butaliyano n’ahandi. Mu Bubiligi, hari umukardinali yari abifisemwo uruhara runini: ni Kard. Suenens. Yaranditse n’igitabu : La Nouvelle Pentecôte.
Kugira dutegere neza iyo ntambwe nshasha, twobanza gusubira inyuma, kuva aho Umweranda Papa Yohani wa 23 yatanguza Inama Nkuru ya Vatikano ya II mu 1959. Papa Yohani wa 23 yambaje Mutima Mweranda kugira ngo anagure Ekleziya Katolika. Sinorinda gusubira kwibutsa ido n’ido imvo zamutumye ahamagara abepiskopi bose ngo baje muri iyo nama. Ariko ijambo rikuru ryakoreshejwe ni : kunagura ubuzima bw’Ekleziya katolika mu mpande zose z’ubutumwa yashinzwe na Yezu Kristu : aggiornamento, renouveau, kunagura.
Ivyahindutse bikuru bikuru, vyaciye vyibonekeza n’uburyo Ekleziya yagaragaje akaranga kayo (son identité d’Eglise du Christ)Ijambo ry’Imana ariryo shingiro ry’Ekleziya, uburyo bwo kuninahaza Imana (liturgie), imigenderanire ifitaniye n’abandi bakristu (oecuménisme), be n’abandi bemera (dialogue interreligieux). Ntibibagiye no kwihweza ukundi gusha ingene yorangura ubutumwa bwayo mu mpindaguro z’ibihugu n’iyi si tubako (Gaudium et Spes). Bamaze kwerekana abagize igihugu c’Imana arico mubiri wa Kristu n’ingoro ya Mutima Mweranda, barerekanye neza ico bahwanirako kurondera ubweranda. Abanagurwa muri Mutima Mweranda barondera ubweranda. Niyo ntumbero nkuru.
Muri iyo nama ya Vaticano ya II, Uburundi bwaserukiwe n’abepiskopi 4 : Mgr A. Grauls (Gitega), Mgr J.Martin (Bururi), Mgr M. Ntuyahaga (Bujumbura, Mgr A. Makarakiza (Ngozi).

VI.3. Kuva iyo Nama Nkuru (Concile Vat.II) isozerewe :
Ku wa 8-12-1965, vyinshi vyarahindutse muri Ekleziya : mu ndinganizo zayo (pastorale), cane cane ivy’abakristu baca babona muri liturjiya. Abasaserdoti n’abihebey’Imana baranaguye ibitari bike mu madiyoseze no mu miryango y’abihebey’Imana, barongowe na Papa be n’abamufasha kurongora Ekleziya iri kw’isi yose. Niho hatangura mu bihugu bimwe bimwe imigwi mishasha y’abakristu banyuzwe n’iyo nyota yo kwinagura. Bica bihwana na ya renouveau charismatique ivuye muri Amerika.
Aha nokwibutsa imigwi imwe imwe yatanguye muri ico gihe yatevye igashika mu Burundi. Yose irafitaniye isano na RCC. Ni nka :
- Communauté de l’Emmanuel ;
- Communauté du Chemin Neuf ;
- Communauté Saint Egidio ;
- Seguimi ;
- Chemin Néo Cathécuménal (ariko uwu mugwi ufise akaranga kawo) ;
- N’iyindi..;
Iyo migwi yose ihwaniye ku ntumbero yo kunagura abakristu mu migenzo yabo mu kwemera kwabo. Niho bose bagira umugambi wo guhwanira i Roma ngo bagaragaze ubwo buryo bushasha bwo kwemera. Papa Paulo wa VI, yarabakiriye, arabashimira cane ku ntambwe bagezeko ati : shishikara, muri “une chance pour l’Eglise et pour le monde”.
Umweranda Jean Paul II nawenyene yararemesheje iyo migwi yose ifatiye kuri Renouveau Charismatique. Iyo nayo yaratevye irashinga n’ibiro vyagenwe ngo bije biramurikira abakristu bakeneye kunagurwa muri Mutima Mweranda. Ivyo biro vyitwa I.C.C.R.S.
Uwo mu Papa yarafashije cane mugushikiriza inyigisho ihambaye ku Mana Mutima Mweranda. Inyigisho zitangwa na Papa zirasumbasumbana. Inyigisho nkuru yitwa Encyclique. Muri iyo yerekeye Mutima Mweranda. Niho benshi bafatira ngo bamenye uruhara rwa Mutima Mweranda mu kunagura Ekleziya. Benshi bari bahaye barabona ko igihambaye cane, ari ukunagura umutima: renouveau spirituel. Urashobora gushinga amabwirizwa menshi yo guhindura ibintu, ariko udashitse ku mutima, biguma hanze, mu biboneka n’amaso ariko bigaca bisubira kuba nka mbere.
N’abandi ba Papa baragarutse kuri iyo nyigisho ishimikiye kuri renouveau spirituel. Ni nka Papa Benoit XVI na Papa François ahangamye ubu. Ejo bundi yarasubiye kwibutsa iyo ntumbero aho aba charismatique bo kw’isi yose bakoranira i Roma ngo bahimbaze Yubile y’imyaka 50
Nk’uko Papa François yavyigishije, Mutima Mweranda aratwigisha mu mitima yacu (Maître de vie intérieure), aratwibutsa ijambo Yezu Kristu yashikirije abatumwa (Parole du Christ), aradutuma mu gihugu kuba ivyabona vya Yezu Kristu (soma Ibikorwa vy’Abatumwa).
VI.4. Ino mu Burundi, tugeze he?
Mu ncamake nokwibutsa intambwe tumaze gushikako, bamwe nk’i Bujumbura bimaze imisi itari mike bigirirwa cane cane kuri Foyer de Charité. Twaragerageje :
- Inama sahwanya
- Imibano mito mito
- Kwitwararika ubuzima bw’Ekleziya (prise en charge de l’Eglise locale
- Mu bisabisho
- Mubitunga Ekleziya
- Mu ntererano y’imisi mikuru, z’ukubaka amasengero (ic’icumi, imperezwa)
- Etc…(pèlerinage de la Croix)
Imigwi yo gusenga (kuwa kane muri Foyer) yaragwiriye :
- Louange
- Intercession
N.B. Kare haja imbere ugusaba (prières de demande)
- ama fraternités y’urwaruka
Ama forum y’urwaruka ku rwego rw’i gihugu, rwa diyoseze, rwa paruwasi ;
- Inyigisho zo kunagura muri Mutima Mweranda (pour l’effusion de l’E. St)
- Gushengerera Yezu mu Karistiya
- Campagne d’évangélisation
- Imisa yo gusabira abarwaye (messes de guérison)
Raba neza : aho niho iryo jambo “Charismatique” ribonekera cane. Iyo ngabirano yo gusabira abarwaye bagakira ni charisme. Mutima Mweranda aha abo ashatse ku neza ya bose. Raba 1Cor12,4-11. Raba kandi ibimenyetso bizoherekeza abashikiriza ijambo ry’Imana (évangélisation) : Mc16,15-18, n’ibindi......
Iyo migirwa yose ihwanira ku mugambi wo kunagura imitima y’abemera bayobowe na Mutima Mweranda. Kare Ekleziya yari imenyereye kwitwararika igihe co kuraganira kijanye no gukomezwa muri Mutima Mweranda (confirmation).
Uwo mugenzo n’ubu ugumaho. Ariko twitwararike ko, mu buzima bwose (gushika gupfa), dutegerezwa kunagura ingabirano twaronse mw’ibatisimu no mu gukomezwa muri Mutima Mweranda.
Mw’ibatisimu, twabaye ibiremwa bishasha (2 Co5, 17); twabaye abana b’Imana (Col 4, 4-7). Twabaye ingingo z’umubiri wa Kristu (1Co 12, 12-27). Turi ingoro ya Mutima Mweranda. 1 Cor 6, 19). Turi basamuragwa hamwe na Kristu (Rom 8, 17). Twagabanye za ngabirano zidutuma twemera, twizigira, dukunda Imana n’abantu (vertus théologales) ; twagabanye n’ingeso nziza zidufasha kwigenza runtu-rukristu (vertus morales).
Twarinjijwe mu muryango w’Ekleziya umuvyeyi wacu. Ntituri abarorerezi. Dufise uruhara ruhambaye muri uwo muryango. Izo ngabirano zose ni nk’imbuto yatewe, dutegerezwa kuzirera, kuzikabura, kuzinagura, kuzirwanira (combat spirituel : 2Tim 2, 1-10)
RCC mu Burundi, si umuhari mu yindi naho nayo nyene ifise akamaro kanini ( ingendanyi, Chiro, Légio ya Mariya, Scout, Xavéri, Uga, Jec, E.E., ADS, etc...) RCC idufasha kunagura ibatisimu, ikonfirmasiyo, n’izindi ndagano ziri muri Ekleziya zigirwa n’inzego zitandukanye : abepiskopi, abasaserdoti, abihebey’Imana, abalayike (imiryango, urwaruka, n’abandi)
VI.5. Gusozera
Ndabemereye gushikana icegeranyo c’iri koraniro mu nama y’abepiskopi. Niyo ishobora gutanga intumbero yemewe n’ama diyoseze yose.

INYIGISHO YA 7 : MUTIMA W´UMUKAMA ARI KURI JEWE KUKO YANSIZE NGO MENYESHE INKURU NZIZA/ Mama Yozofina TOYI.
VII.0. INTANGAMARARA
«Mutima w´Umukama ari kuri jewe kuko yansize ngo menyeshe Inkuru nziza». Iri jambo ryanditswe mu gitabu c´umuhanuzi Izaya (66 na Jr 31; Ez 37-38) ni impfunyapfunyo y´umugambi w´Imana urangukira uyu musi muri Yezu Kristu mu bubasha bwa Mutima Mweranda. Uwo mugambi nyene niwo Imana ibandanya irangura iciye kuri umw´umwe muri twebwe. Iki kiganiro ahanini, kije nk´igitanga gusa intumbero n´ingendo y´ubutumwa butwega bwo kumenyesha Inkuru nziza. Ni co nabonye gikenye, mfatiye ku vyiza tumaze kubarirwa vyose. Hari ibintu bine mfatiyeko muri iyi nkuru nziza:
Impfunyapfunyo:
1. Mutima Mweranda mu buzima bwa YEZU;
2. Inyifato ibereye uwutumwe kumenyesha inkuru nziza;
3. IYO nkuru nziza umuntu akeneye uyu musi ni iyi?
4. Ivyitwazo;
5. Inkingi nyamukuru mu kumenyesha inkuru nziza ;
6. Gusozera.

VII.1. Mutima Mweranda mu buzima bwa Yezu
Yezu yuzuwe na Mutima arinjira mw´isinagoga, bamuhereza igitabu ngo asome“: Imbere yaho, gatoyi Luka mweranda atwereka ko ivyo vyabaye Yezu yabatijwe na Yohani Batista muri Yordani,Ijuru rikiyugurura, Mutima Mweranda amwururukirako ameze nk´inuma, ijwi naryo rivugira mw´ijuru riti: «Uri umwana wanje nkunda cane, muri wewe nahasanze ibimpimbara vyose» (Lk 3, 21). Data amushingira intahe, Mutima amwururukirako, kuva ubu ubutumwa bwose Yezu aburangura mu bumwe bw´Ubutatu bweranda. Mbere avuye aho aca aja mu gahinga kugeragezwa na shetani. Ko yari yuzuwe na Mutima, arayikurira Inkoni ku gishitsi ko adashobora guhemukira Se naho yomufatira ku nda, ku butegetsi, canke ku cubahiro (cf. Lk 4, 1-13). Abatari bake nti twari kugenda tudahemutse na mwarirya umengo umutima wacu wacokeye mu bihimba bibiri : „inda n´igitsina“. Yezu we atangura atyo gushingira intahe Se, aramuhitamwo rimwe rizima ubutagisubira inyuma gushika ku rupfu rwo ku musalaba, kuri: «vyose birarangutse» (Jn 19, 30). Koko, Adamu mushasha yari ahejeje gucungura Adamu wa kera, Instinzi y´urukundo ntangere rwa Yezu afitiye umuntu igaragariye mu gisa n´ugutsindwa. Koko urukundo nikwo rumeze: rwama rutsinda mu kwicuvya! Kandi ga, iyo nkuru nziza si igitabu c´akahise katwibutsa umuntu yitwaYezu,kandi ntivuga ibizoza kumwe kwo mu bahanuzi. Oya ni Ijambo rirangura uyu musi nyene ico rivuga kuko Kristu avyagiye hagati y´igihugu ciwe.
Yezu rero yinjira mw´isinagoga, asoma ahanditswe ngo «Mutima w´Umukama ari kuri jewe kuko yansize ngo menyeshe Inkuru nziza aboro». Uyu musi Yezu w´i Nazareti yinjiye mw´isinagoga nk´Umuhanuzi w´agakura yatiwe n´Imana. Ni Messiya, uwasizwe, arungitswe na Se ngo arangure ugushaka kwiwe nk´ukwo tubisanga mw´ikete ryandikiye Abahebreyi. Mu kuza kw´isi Kristu yavuze ati: «Ndarengutse kuko ivyanditswe mu gitabu birora kuri jewe, kugirango nkore ivyo ushaka, wewe Mana» (He 10, 4-6).
Kubera ko Yezu Kristu ashitse, umugambi w´Imana ku muntu uriko uraranguka ubu nyene.kumwe yavugira kwa Zake ati:„Uyu musi urukiza rwashitse muri iyi nzu“ (Mt (Lk 19,9-11). Ibimenyetso vy´ukwo biriko biraranguka arabisigura neza ati: «Yandungitse kumenyesha ababoshwe ko babohowe, abahume ko bahumutse, abacinyijwe ko babhowe, andungika kumenyesha umwaka mwiza w´Umukama» (Lk4, 18-19). Yarasubiye mbere arabisigurira neza abatumwe na Yohani baptista kumubaza ko ari wa wundi yimirije kuza cake ko borindira uwundi ari inyuma, nawe ati: «Genda mubwire Yohani ivyo mwumva n´ivyo mubona: abantu b´impumyi barabona, abacumbagira baratambuka neza, abarwaye imibembe baratyororwa, abapfuye amatwi barumva, abapfuye barazuka, aboro baramenyeshwa Inkuru nziza» (Lk 7, 14-25). Ng´uyo umwaka mwiza w´Umukama uratangajwe. Nta kindi kimenyetso kizohabwa uru rwaruka! Ibi si ibizoza, ni ibiriko biranguka ubu nyene kuko Yezu umweranda w´Israeli avyagiye hagati y´igihugu ciwe! Aho Yezu yakiriwe akavyagira hari urukiza.
Yezu rero niwe Nkuru Nziza y´ugutabaruka kw´Umuntu kuko «abamwakira bose, abemeye Izina ryiwe, yabahaye ububasha bwo kuba abana b´Imana» (Jn 1, 12)! Aboro bazeye urukiza rwabo ku Mana barakize, ababoshwe bose, abavyisutsemwo canke babisutswemwo n´inda mbi ya bene wabo baridegemvya, kuko haje Mwami w´amahoro, impumyi zihushagirika canke zicaye mu mwijima no mu gitutu c´urupfu ziriko zirihweza umuco w´agatangaza uboneshereza zina kiremwa cose, impahazwa ziridegemvya kuko we «mu rubanza ntaca urwa ngondagonde», ntahohosha urubeya ruyengeshwa n´ibihuhusi vy´iyi si! Ng´uwo umwaka mwiza w´iranguka ry´Umugambi w´Imana ku muntu, umwaka wo gutaburuka, wabuwe kuva ku Bahanuzi!
Na ba kavantara, nka Naamani umunyasiriya, nk´umupfakazi w´i sarepta,umuyahudi, umushumba canke uwidegemvya, umwe wese amwambaza nk´Imana yiwe ikamutabara. Yezu Kistu ntiyugaranirwa mu gace k´intara, k´imico canke k´ivyiyumviro, agaragariza ubwiza bw´Imana bose. Ivyo vyarababaje abasangiragihugu bashaka kumwihariza bonyene gushika aho bavuga bati: «ivyo twumva ukora i Kafarnaumi, bikore ngaha mu mamuko yawe, duheze tukwemere»! Mu ntango mutima bagira bati ko twitomboreye tukironkera umuhanuzi iwacu, ni ace akorera aha nyene mu karere no mubo dusangiye intumbero, nk´ukwo mbere vyahora bigenda ku bahanuzi ba kera. Yezu we ati «Ndagushemeza Dawe, Mukama w´Ijuru n´isi kuko wahishije ivyo bintu abanyabwitonzi n´abanyabwenge, ukabimenyesha ibitazi» (cf. Lk 10, 21).
Ubwo butumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza Yezu yarabubandanije gushika arabushitsa ku musozo, bimwe yaserurra ku musalaba ati: «Vyose birarangutse» (Jn 19, 30). Ni imvugo y´urukundo rutanga vyose hanyuma rukitanga. Koko, vyari vyanditswe ngo kw´izina rya Yezu ukwisubirako n´ikigongwe íbicumuo bizokwigishwe mu makungu yose... Yezu atanga kandi Mutima wiwe ku buryo bwuzuye. Niko kubwira abatumwa ati: «nza kubarungikira ico Data yabemereye. Yamara mwebwe mube muragumye mu gisagara gushika muronke ubukomezi bwa Mutima mweranda» (Act 4-5). Kuva ubwo abigishwa hamwe n´abakiriye bose Mutima mweranda nibo babandanije ubwo butumwa bwa Yezu. Imana itangura gukora ibitangaza mu bubasha bw´úwo Mutima nyene. «Niwe avugira mu bahanuzi». Uyu musi ubwo butumwa ni rwacu. Nka Yezu: «Mutima w´Umukama ari kuri jewe kuko yantumye kwigisha Inkuru nziza». Mw´ibatisimu, umwe wese ku rugero rw´itorwa ryiwe, asangira na Yezu kuba umusaserdoti, umuhanuzi n´umwami,, kandi agumana natwe kuko atabeshe hamwe yavuga ati: «Jewe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w´isi» (Mt 28, 20). Aha rero niho mfatiye ngo nce nerekane itorwa ryacu ryo kuba abatumwa b´Inkuru nziza kandi ko nka Paulo Mweranda, «nzoba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru nziza» kuko nzoba mpushije itorwa ryanje ryo kuba Umukristu.

VII.2. Inyifato ibereye uwumenyesha Inkuru Nziza
Aha sindahateba kuko abamaze kuduca imbere bose baragize ico babitwunganiyeko. Tubirabire kuri Kristu we nyene ingene yamana na se, gushika aho yemeza ati: «Jewe na Data turi umwe».
VII.2.1. Imbere yo kwigisha Inkuru Nziza, ibanza kumpindura
Iyo Inkuru nziza ndayigisha itampindura icika nk´igitito canke umugani ncira abandi, canke ntu ikiranganzira kirangira ingenzi inzira co kitigera kiva aho kiri. Ukumenyesha Inkuru Nziza, ni ugutangaza ko Yezu Kristu ari Umukama n´umukiza wanje, biserukira mukwinjira mu bunywanyi bw´uwo Mukiza kuko Ijambo ry´Imana ntirishobora kuba Inkuru Nziza kuri jewe mu gihe ritampamvya ngo rimpindure. Koko… benewacu imihango yose Imana yemereye ba Sokuru yarayiranguye mu kuzura Yezu mu bapfuye“. Urukiza rw´umuntu nti rugihagaze rero ku migirwa n´ibindi bimaramuziro bagira, nko kuvuga gusa udusabisho tudahindura ubuzima,(akenshi usanga dusenga nk´abashezi, kuko naho turi abana b´abami twiberaho nk´aba Clochard. Tugasega gushika naho dusega Data adukunda), kumenya kuvuga amajambo meza yÍmana tutagira Imana muri twebwe, gutabara umworo ubanje kubimenyesha isi yose, guha uwuzoguha ukima uwutagira namba...n´ibindi bimaramuziro nk´ivyo. Oya, urukiza ruhagaze nyabuna mu kwemera Izina rya Yezu no kumuhindukirira, Kristu akaba ubuzima bwacu, ihangiro n´ingendo nshasha ntabanduka soko ry´ubuhirwe nyakuri. Nabwo ni ukwemera kuva mu mayira abiri yananiye imfyisi, guhura buhure na Yezu Kristu aha intumbero ubuzima bwacu. Yezu nawe agaca atugira abatumwa b´ubwo buhirwe. Bisaba ko umuntu atarika Yezu mu kwitanga atirekura. Koko burya hari aho twitanga nk´abagrossistes“ abaranguzi, baranguza i pake ariko bakanka ko nyene kurangura atwara utwiwe muri détail!
- Iyo rero iyo ntambwe yo kwitanga wirekura ishobotse, umuntu arashobora kwigisha ivyumvikana. Akaba igikoresho caMutima Mweranda, kiganza cuzuye ububasha buhindura imitima y´abantu.
Abatumwa, bariyigishijwe na Mutima Mweranda bacika intwari, n´imbere y´abakuru b´intara babagiriza kugumura igihugu, Petero yari yarajugumijwe n´incoreke, aravyemanga ati: «Nti dushobora kunuma ico twiboneye». Mutima yabuzuye yabagize abatinyutsi, ni umuriro w´urukundo ubaturira ukabahutagiza, bakiyumvamwo urukiza rwa Yezu Kristu, bagahimbarwa ko n´abandi bogira urweze, n´umwete nkabo...Kandi n´ubu, uwakiriye Mutima Mweranda, akugururira ubuzima bwiye Yezu, niwe ashobora kwigisha abandi! Ahandi hoho, uretse ko impumyi itarongora impumyi, hoho vyogenda gute iyo impumyi irongora abakanura? Inkuru nziza ni «ego» itagiramwo igitutu ca «oya» kw´ishaka ry´Imana rigaragara muri Kristu ryohejwe na Mutima Mweranda. Akanyamuneza k´Inkuru nziza rero karaheza kakuzura umutima n´ubuzima bw´uwahuye na Yezu, agakira igicumuro, akaronka amahoro. Si amwe ava ku binezero vy´isi amara umwanya urume rumara (EG n.1).
Nk´abakiriye Mutima Mweranda turi abamenyeshankuru nziza. Ni tunagure uyu musi nyene uguhura kwacu na Kristu Kristu...Nta n´umwe akumiriwe ku kanyamuneza duhabwa n´Umukama (Akanyamuneza k´Injili, n.3). Ntawosemerera ko Inkuru nziza ibohora nawe ari mu migozi ya shetani, vyocika igikino.Kurya no mu gufungura, umuntu aata akayabagu canke kakongerekana kubera ico afunguriwemwo, nikwo n´uwumenyesha Inkuru nziza ahitana benshi canke akabatakaza kubera imico yiwe. Uburyo bwa mbere rero bwo kumenyesh Inkuru nziza bw´abayobowe na Mutima, ni uguhinduka jewe nyene uyu musi. Ubu igihambaye kuri Ekleziya si ukwongereza igitigiri ariko ni ukwimbika imizi biciye mu bana bayo (c´est le temps de s´approfondir plutot que de ´élargir et cela à travers ses membres.
VII.2.2. Uwumenyesha Inkuru Nziza ni umutumwa
Inkuru nziza twasomewe yatwumvishije ko igikorwa co kumenyesha Inkuru nziza tugihamagarirwa n´Imana kandi ko kiranguka mu bumwe bw´Ubutatu bweranda: mbere ni igokorwa c´Imana yo nsa, ishima kuduttera iteka ryo gufatanya n´umuntu gukiza umuntu. Turi abatumwa, kandi umutumwa, ni uwarungikanywe Ijambo mbere rinamurengeye. Ariko iyo Nkuru nziza ajana, aba arondera kumurikira, kubohora, no guhindura ubuzima bw´abayumvise bakayakira nk´ukwo yahinduye ubwiwe.
Imbere y´uburuhe n´ingorane nyinshi zijanye n´iryo torwa, mbere n´igihe abaryumviriza batangara, Umumenyesha w´Inkuru nziza ni agume yibuka ko ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza atari ubwiwe, ahubwo ko ari ubw´Umukama aburangura aciye kuri we mu bubasha bwa Mutima no mu Muryango w´Ekleziya, mu rukurikirane rw´abayirongoye. Erega ivyo birafasha kwama twifata ruto, kudata umutwe no guca bugufi ngo tworohere Mutima Mweranda. Kandi ukwo guca bugufi,nikwo gutegura imitego y´umwansi yama ihanamiye abikuririza. Vyumvikana kandi ko umutumwa yama afata umwanya wo kwumviriza uwumutuma. Ahandi hoho twocika „aba „fonctionnaires b´Imana“, „abakozi b´Imana, bashobora no kurengera akarimbi uwabatumye. Bigasaba kandi gutambukana n´Ekleziya, yarazwe ubwo butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza. Ikigoye ni ukwo kenshi dushaka kwihuta ngo tuyice imbere kuko twibaza ko yikwega. Umugani w´abakurambere mu kwemera, naho Ekleziya yoba yihenze ni vyiza ngo wihendane nayo kurusha aho woyica imbere kuko uba uciye imbere Mutima Mweranda, aho kukuyobora ukaba ariwe umuyobora!
VII.2.3. Uwumenyesha Inkuru Nziza ni icabona gishingira urupfu n´izuka rya Yezu Kristu.
«Koko Imana yarazuye Yezu mu bapfuye, turi ivyabona vy´ivyo bintu» (act 1). Niyo Nkuru nziza yamnyeshejwe Yezu amaze kuzuka, kuko yabaye ishimikiro ry´Ukwemera kw´abakristu bambere. Maze abatumwa bakabivuga bajijutse kandi banezerewe kuko Mutima ariwe yabashingira intahe. Ng´ubwo ubutumwa bwawe uyu musi. Utangaza icese, utarya umunwa ko Yezu Kristu Umukiza ari Imana nka Se. Ko urupfu n´izuka rya Yezu Kristu arivyo vyonyene bizanira abamwemera bose urukiza n´ubuzima bushasha turondera duhushagirika.
Mu yandi majambo, umutumwa w´Inkuru nziza ntaza kwigisha ivyiyumviro vy´abantu, ngo arondere gukundwa, ntarondera kworosha imvugo ngo yikingire uruvugo n´uruhamo, Imana ntimutuma kujijura abakristu mu majambo meza, imurungikana Ijambo ryayo, niryo atangaza nk´uwaritumwe... Nti tuvyibagire, guhindura abantu si igikorwa cacu, ni igikorwa c´uwusesangura umutima. Wewe bibagira imbuto, ugusarura ni ukwa Nyen´umurima.
VII.2.4 Uwumenyesha Inkuru nziza abirangura ari muri Mutima:
Yoba ariko arakora ubusa, mu gihe Mutima Mweranda mu bubasha bwiwe atomuha ijambo, atorishira mu mutima w´uwurishikirizwa, abanje kuworosha ngo ngo imbuto iterwe kw´ivu ryiza. Iryo jambo rikaba nk´inkota y´ubugi bubiri, rikanyengetera mu magufa no mu misokoro. Niwe aha abatumwa biwe b´uyu musi gushira amakenga, akabaha ubwenge, akabashira mu kanwa ijambo riroranye, mu kibanza no mu gihe kiroranye. Niwe kandi ahagarikira uwo atuma akigisha n´ubukuru nk´uwubikwiye. Iyo umumeshankuru nziza yabigamburutse rero, Mutima Mweranda aratsa mu mitima ya bose (umwigisha n´umwigishwa) umuriro w´urukundo ubumvisha ko bakundwa kandi ko nabo bahamagariwe gukunda kuri urwo rugero nyene mu kuba abashikiriza Inkuru nziza benewabo. Ni Mutima aheza kandi agatuma Ijambo rishikirijwe rimera nk´umwampi usongoye, nk´inkota y´ubugi rigahindura ubuzima rinyengterwe. Mgega ga bavukanyi nti muhora mwiyumvira igituma kuri Pentecoti Petero yigishije isaha imwe hagahinduka abantu ibihumbi bitatu, natwe twirigwa turaboroga hagahinduka imparurwa? Mutima Mweranda adakoreye mu wigisha n´uwigishwa, umwimbu si ikirnga! Mbere burya kuja kumenyesha Inkuru nziza tutamwambaje ngo tujane, bisa no kwiyahura kuko ni ukuza gutera Gitero utagira ingabo!
VII.3. Iyo Nkuru Nziza umuntu akeneye kumenya uyu musi ni iyi?
- Nsa n´uwamaze kubivuga, kumenyesha abantu Inkuru nziza ni ukubamenyesha Urukundo ntambibe rw´Imana: «Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w´Ikinege ngo uwumwemera wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera» (kandi «uwunkunda azogumya ijambo ryanje...na ata azomukunda duheze tuze iwe tumugire ingoro yacu»Jn 14, 22). Naho Yezu yabihishutse abiwe, haracariho ba Filippo bakibaza ngo: «Mukama twereke Data», (Jn 14, 8). Ukumenyesha rero Inkuru nziza ni ico gushaka gushikako: ko uwuyimenyeshwa yiyumva ko akundwa ukwo ari kwose, ko ata kure Imana idashobra gusanga umuntu habaho: Imana ntidukunda kuko turi beza, idukunda kuko ari nziza kugira itwigirire beza. Ubuvyeyi bwayo bugaragarira mu rukundo rwayo rwamaho «Naragukunze rukundo rwamaho» (Jr 31, 3). Koko, Imana yarabirahiye bene Israeli iti: «Naho imisozi yonyiginyuka, imitumba igatemba, urukundo rwanje ntiruzokuvirira» (Is 54, 10). «Ko Imana yadukunze gushika itange Umwana wayo» (Jn 3, 16) icoyibuza kutugabira ibisigaye kuri uyo mwana ni iki? Ikibazo c´ugukira kwacu nti kiri ku Mana, yo irashaka gukiza, ariko kiri muri twebwe kuko tuguma tuyikeka, kuko twibaza ko iri inzigo nk´ukwo turi inzigo, ko itanga iharura nk´ukwo tubigira, ko ibesha nk´ukwo tubesha, ko itara mu nda nka twebwe, ko duhemutse nayo ica yiyonjorora! Imana twayihaye isura yacu. Iyo si Imana ni ikigirwamana. Yo yarabivuze iti: «Mbega, hari umugore yokwibagira umwana aconka canke yoreka kugirira impuhwe uwavuye mu buro bwiwe? Naho weho wovyibagira, jeho sinzokwibagira». Menyesha rero iyo Nkuru nziza mu gihe kibereye no mu kitabereye, kuko ubupfuvyi bw´iyi si, bs´iki gihugu, burakenye cane gukizwa n´urukundo ry´Imana yamana impuhwe kandi ishaka guhimbaa umusi mukuru wo guhindukira kw´abana bayo.«Muvukanyi, ha akaryo Yezu ko kugira umusi mukuru w´ukugaruka kwawe»!
- Kwubahuka kudomako urutoke ku gicumuro c´umuntu : Yezu avuga ati: «Aho Mutima azozira azokwagiriza isi igicumuro» (Jn 16, 7). Umwungere wa Diyocese ya Ngozi yaratwigishije ko itegeko ryose ryanditse mu mutima w´umuntu. Nico gituma n´uwana ataramenya igicumuro hari udukino tumwe tumwe akina yinyegeje...Ariko, hariho n´abantu batari bke bamaze kuzigiza ubwenge bwabo ng ntihagire ico busubira kubagiriza mu vyerekeye igicumuro“. Aho Mutima ashitse, akugururirwa, araburanya gacarubanza, kuko ni umuco uboneshereza abari mu mwijima. Nico gituma tutotinya kudoma urutoke ku nabii aho iri kuko nticika ineza ngo ni ukwo ikozwe n´abazigije ubwenge. Paulo ati: «Bose baracumuye kandi baritesheje ubuninahazwa bw´Imana» (Rm 3, 23), «kandi uwukora igicumuro wese ni umuja w´igicumuro» (Jn 8, 34), «nayo ingero y´igicumuro ni urupfu» (Rm 6, 23).
«Igihe wavuka ntawagabuye uruzogi rwawe, nta n´uwakwuhagiye ngo akworoshe utwahi...Ntawarushe akurabana impuhwe....Naciye aho uri, ndakubona uriko urasambagirika mu maraso yawe ndakubwira» nti: «urakabaho», ndaheza ndakwegera, nunga isezerano nawe...ndagukuza urashika mu bigero, ndagushariza ubwiza bwawe buba rurangiranwa mu makungu...None wibonye ubwiza, usigaye wiyamburira agashambara abahita bose» Ez 16, 6-17).
Uyu musi, ni dufashe umuntu gutegera ko iteka ryiwe ry´ukuba Umwana w´Imana riri mu gusa nayo. Kandi igihe umuntu ataremera igicumuro ciwe, akaguma agitereka ku bandi ntashobora gukira ngo abohoke. Yezu ntiyigeze akangwa n´abashaka kumuzibiza ku vyerekeye ukuri.Abafarizay bati: «Mu kuvuga utyo natwe uradutuka. Nawe ati: «murahumiwe na mwebwe bafarizayo mwiyorobeka.» Ukwemera igicumuro nikwo kuba mu kuri, kandi Yezu ati: «ukuri nikwo kuzobagira abidegemvya.» Nta muntu aboshwe kuruta urya aneteza akemera ibintu azi neza ko bihushanye n´ivyo yemera mu mutima wiwe! Mutima w´Umukama abohora abemera ukuri kuberekeye, ni Mutima w´ukuri ntakorera ku binyoma kandi ntahabwa igiturire. Ariko uwemera ko ari umucumuzi akeneye ikigongwe azokira.
- Uwumenyesha Inkuru Nziza kandi araheza agafasha uwo yigisha kwakira Yezu we nyishu y´Imana: Nkako nyene naho twese twacumuye, Imana ntiyarungitse umwana wayo gucira urubanza isi, yamurungitse ngo akize isi (Jn 3,17). Ni mwibuke intahe twashingiwe n´umwungere w´i Bubanza ku rukundo rw´Imana ruseruka ku muntu mu gihe kibereye. Yezuati, si naje gucira urubanza isi, ahubwe „jewe naje ngo abantu baronke ubuzima kandi ubuzima bwuzuye (Jn 10,10). Mu kuvuga ati: „ Ehe ndaje Dawe ngo nkore ico ushaka“, Yezu Umukama wacu yaratanzwe ngo yishure ibicumuro vyacu hanyuma arazuka ngo atuzanire ubutungane (Rm 4, 25).
Ng´ico ico dushaka gushikako mu kumenyesha iyo Nkuru nziza : ugushikana abantu bose guhura buhure na Yezu no kugiriranira nawe ubucuti bw´imvamutima bwisobanuye...Uwukundwa mw´izina, ahamagarwa mw´izina, akitaba mw´izina“. Ubukristu bushinga imizi muri ukwo kwemera kuva mu kivunga ngo Imana idukunda mw´izina, duhure mw´izina ngo atubere inyishu kwa Data, kubera amagara make yacu. Paulo ati erega «Mwakijiwe n´ubuntu bw´Imana (Eph 2,28). Ati ni mwigaye kandi muhinduke kugirango ibicumuro vyanyu birekurwe» (Act 3, 10);
Ivyo vyose bikajana abo dutumwemwo ukwizera Imana n´umutima wiwe wose, bagaheza bakemera guhinduka ngo Imana yo nsa ibukingire ibibaryosharyosha, bibadigadiga nikagira kubakura iteka no kubanyaga akanyamuneza karamba (kuko ugutwenga sikwo kunezerwa) bagatangura kubaho nk´abemera ko Kristu ari Umukama n´Umukiza w´Ubuzima bwabo.
- Umuntu rero tumaze kumufasha kugera kuri urwo rugero, arashobora kwakira Ingabirano ya Mutima Mweranda: Umukama ati: „Nzobaha umutima mushasha, mbashiremwo umuzirikanyi mushasha (Ez 36,26). Muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira muce muza kumbera ivyabona hose (Act 1,8). Noneho «Mutima w´Umukama ari kuri jewe kuko yantumye kuburira Inkuru nziza aboro».
Mu kumenyesha Inkuru nziza, ni tujane rero abantu kwiyumvamwo ingene Mutima w´Imana atanga ubukomezi uyu musi nyene, akatwuzuza urweze n´akanyamuneza gafatiye ku kubohoka no kwidegemvya kw´abanse kuba baja b´igicuro. Ukwigisha Inkuru nziza ni ugufasha abandi kwakira Yezu nk´Umukama no kwugurururira Mutima Mwiwe.
- Gufasha uwo twigisha kwinjira no kwiyumva mu Muryango w´abakristu no mu muvukano: Imana ni Umuryango. Mu ngabirano tutazopfa duhejeje gukengurukira Imana, harimwo igitangaro c´umuvukano muri Ekleziya. Ukuva mu mbanyi ukaza usanga umuntu agusanganiza urukundo rukubeshaho, rukwibaruka, ukutigera uba ngendandumwe mu nzitane z´ubuzima, kugira abagusanganiza urukundo wararubuze,bakakwibaruka mu buryo bwose umutima wari warafutanye, bakakugaburirira umutima ataco uriko uratanga, bakagusabira utagishobora gukirurutsa ijwi, n´ibindi muzi neza n´ubu mukabakaba n´intoke zanyu...Ikigoye ni ukwo ivyiza biruta ibindi Imana yaduhaye usanga bitosekara n´ingoga. Shetani ntiyihanganira na rimwe umuvukano, yama ishaka gucanishamwo. (hariurugo ngo rwasambutse kubera imbeba...umugabo ati irahatswe kunkorokerako, umugore ati ahubwo inguye ku kuguru, ikofe ng’iryo ngo umugabo bamwise umubeshi, umugore akubiswe aca aja buje...sebukwe ati ihorere nzorungika inyabu zizirye zose! Burya bavukanyi, igihe dupfa intara tuvamwo tutahisemwo, amazuru yonze canke yagutse twabonye adukorokera, igihe dopfa inda ...burya ntidupfa imbeba ikoroka iva ku rusenge. Burya ico dupfana ntikirengeye kure n´iyo ico twopfa? Mbega burya hari icatanguye kitazohera? Kugirango abantu binjire mu muvukano, bagire umuryango ushingiye ku Butatu bweranda: «Birabereye ko umuntu umwe apfira igihugu igihugu coye gutikira cose»... Ntimubona ko vyoba vyo umuntu umwe apfiriye igihugu, hako igihugu cose gitikira? Yohani agaca asigura ati: «Ivyo ntiyabivuga ariwe avyivugishijwe...yaravugishijwe), ariko kuko yari umusaserdoti mukuru uyo mwaka yarabuye ko Yezu yagira apfir igihugu, nako nticari igihugu conyene, ahubwoo kwari ukugirango n´abana bai bashwiragiye abegeranirize mu bumwe» Kuva ubwo bashinga ingingo yo kumwica (Jn 11, 49-52). Kandi birumvikana, shetani ni gateranya ntiyigeze ishima abantu begerana. Ibigeragezwa vyose ngo abantu begerane, bakundane, bagira umuryango, yama itora uburyo buhanitse bwo kubisambura. Yamara, kubera urupfu n´izuka ryiwe… Mweho rero muri umuryango Imana yitoreye“ mugize ingingo z´umubiri umwe (Rm 12, 5)....Kandi nk´ukwo umubiri ari umwe ukagira ingingo nyinshi nikwo Kristu ameze nawe (1Cor 12, 12). Uwakiriye Kristu, ni tumufashe kwinjira mu Muryango, umurera ukamugaburira amasakramentu n´ibindi vyiza vy´Imana, ukamukingira gusubira kuyerera kure y´urukiza. Niwe kandi agaruka akubaka nya Muryango nk´umwana mu nzu. Dushaka kunagura umuryango w´Ekleziya, ni tunagure abantu bawugize ni bo mabuye ayubatse, nikwo umwanditsi «Henri de Lubac avuga. Ekleziya si amabuye, si Patiri, si Musenyeri, mbere si na Papa, ni jewe na wewe, tur mu bumwe bw´abo mvuze! Ibuye risadutse rirasenyura inzu yose. Ku vyerekeye umuvukano Yezu ntahanua arategeka ati: «Ico mbategtse, ni ukwo mwokundana» (Jn 13, 34).
VII.4. Ivyitwazo
Kubera ko Ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza butoroshe, hama urwitwazo: Nce ku mayange:
1. Kubera iki nirirwa ndigora? Mbega nsha nokora iki ko mbona batumva?
Imana irabakunda izobimenyesha igihe kigeze nk´ukwo yabingiriye: Iciza kirarangwa, izaburi iti: «Ninahaza Umukama se mushaha wanje. Ntiwigere wibagira na rimwe ivyiza yakugiriye» : ni waba warategereye urwo ukundwa ni ukugirango urutambutse, cane cane imbere y´abaruhijwe n´iyi si hamwe n´abumiye kuri yo. Mbega weho, ubwo ntiwavuye kure? Ni vyaba biri ukwo ntiwogendera buhoro buhoro abandi ukabunganira ubengenga nk´umuvyeyi areze uruzingo? Tereziya ati: «Narategereye ko uwuzi gukunda neza ari uwuzi kwirengangiza utunenge tw´abandi, kudatangazwa n´ukwo bagwa, no kunezerwa n´udutambwe duto duto bagira». (Ms C). Kuko Imana iharura kangahe wavyutse abantu bagaharura kangahe waguye! Imana si „Inyamiramabi, natwe nti imbere yabo nti turi aba Clochard! Imana ni rukundo. Ariko none„Mbega bazomenya iyo Nkuru nziza y´urukiza gute atawayibamenyesheje? Imana irahimbarwa no kurokora abana bayo ikoresheje ivyabona vy´urukundo rwayo. Ni muri ubwo buryo Ekleziya ibandanya kuaragaza urukundo Yezu afitiye abantu iciye ku bana bo mu nzu. Yezu ntakiri kw´isi kubw´umubiri wiwe, ariko abandanya igikorwa ciwe mu ngingo z´umubiri wiwe ku bubasha bwa Mutima wiwe: Turi umubiri wiwe, ingingo ziwe, ijwi ryiwe, umutima wiwe kuri iyi si! Turi ivyabona vy´urukundo Yezu afitiye umuntu wese.
2. Ni ubutumwa bwagenewe abapatiri n´abamenyeshamana !
Ego cane, igikorwa co kwigisha Yezu yakiraze abatumwa n´abasubirizi babo muri Ekleziya Muryango. Ariko kandi Mutima Mweranda ngabirano yagenewe abemera, atugira muri Ekleziya nyene, umwe wese ku rugero yabitorewemwo, abasangirabutumwa na Kristu we Musaserdoti mukuru, umuhanuzi, umwami. Ni bwaba rero ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza ari igikorwa cekleziya, kirangurwa n´abana bayo aribo wewe na jewe. Umwe wese arazana ibuye ryiwe ngo yubake Ekleziya kandi muri iryo banga ntawusubiririra uwundi...1 Cor 12: „ Nk´ukwo rero umubiri ari umwe ukagira ingingo nyisnhi, nazo izo ngingo zose zikagira umubiri umwe naho ari nyinshi, niko Kristu ameze nawe. Koko umubiri ntugirwa n´ingingo imwe ariko ugirwa n´ingingo nyinshi. Ikirenge covuga kiti ko ntari ikiganza sindi ico ku mubiri, ico nticotuma kutaba ku mubiri“...Ekleziya yoba abasaserdti batiwe gusa, yoba ibuze ubwiza bwayo! Kandi nta rugingo rwobwira urundi ngo „singukeneye“. Mu bintu nigishijwe, kimwe mu vyaseye n´ibimbabaza, ni ukubona ko ata muntu n´umwe yiha isakramentu : ak. Ngo yirekurire ibicumuro, kandi ububasha abufise...Imana yatugize ba magiriranire...Noneho nk´umukristu yanaguwe muri Mutima mweranda, ni umutumwa w´Inkuru nziza mu buryo ntasubirizwa. Akenshi, abantu baja kure y´Ekleziya, bagatabagaza amabwirizwa ni abo tubana hafi, ni abo tugendana, dukorana, tunywana, mbere kumbure ni barya tuyaga ibisambura umuryango, kandi kuw´Imana tujana mu misa. Burya abansi b´Ekleziya si abari inyuma yayo, oya abo bob umuntu yobirinda bigakunda! Abagoye kandi bagwiriye ni abana bayo bayitabagurira agatamana gapfutse abasangirangovyi, bakayigaragaza ubwambure kandi bitwa ngo bari mu basuku bayo“. Abo nibo bayitesha isura, nibo bayaka ingoga, bakayitera iceyi. Burya ben´abo bantu bari kure y´Imana, imbere yo guhura n´abasaserdoti, bahura na twebwe abakristu bakayike. Baba abari mu muzimagiza, abazingamye mu kwemera, canke abamaze gukama amaraso bakagira anemie spirituelle, ni wewe mugendana ubaha ukuboko,, ukabahagurutsa,mbere ubavugireko Ijambo ry´Ubuhanuzi uti: «Ng´uku ukwo Umukama Imana avuze: Ni muze mwa mpwemu mwe, nimuve muri za mpande zine muze,mwinjire muri aba bantu bagandaguwe, baheze babe bazima» (Ez 16,9) ! Erega ibanga ryo kuba abamenyesha Inkur Nziza ritugira abavyeyi bitwararitse urukiza rwa bose. L´évangelisation commence dans la capacité de compassion.
3. Ntidushaka guhatira abantu ku kwemera kwacu, kandi mbona ata n´igihinduka ! »
Uguhindura abantu sico Yezu yadutumye, ahubwo yavuze ati: «genda mwiishe abantu bose». Uguhindura ni igikorwa c´uwukorakora umutima w´umuntu. Kandi uguhinduka kwabo dushikiriza Inkuru nziza, nti kwama guca mu gucuraguka nka kumwe kwa Paulo, rimwe na rimwe, kuza buke buke nk´akabuto gatewe mu bugaragwa. Bidusaba ukwicisha bugufi no kwihangana kw´umurimyi, abiba akarindira ikivamwo atari butegeke n´ibirere, akimbura canke ntiyimbure...ariko akagumana umwete wo gutera ku mwaka ukurikira. Kandi burya ukuvumbika birahambaye kurusha kwatsa umuriro w´ibihunda! No mu buzima bw´´ umutima ni ukwo. Akariro karakenewe ariko ni vyiza ko gaturuka kw’ikara.
Ku rundi ruhande, ngo ukwigisha Inkuru nziza ya Yezu Kristu ni uguca ku gateka ka zina muntu, kuko umwe wese afise uburenganzira bwo guhitamwo Imana yiwe, aho ayisengera, n´uburyo ayisenga! Ukwo ivyo vyiyumviro vya gipagani biriko bikwiragizwa kw´isi ni kwo isi irushirizaho gutabagurika kuko Ekleziya ni akareta kadupfute twese. Ni twihweze Yezu: Inkuru nziza amenyesha hari ibintu vyinshi bishasha izana abayahudi batari biteze kandi batari bamenyereye kwumva no gukora: Ko Yezu ari umwana w´Imana, ko ari umuco, ko uwumwemeye ata ntahe imuvugirako, ko uwuriye umubiri wiwe aronka ubuzima budahera, ko uwutagumye muri we atagumana na Data...ko umuntu wese ashobora kwita Imana Dawe (bahora bagirango ni iy´abayahudi), canke ugutegeka urukundo rw´abansi, ukwerekana ubuhirwe... Ivyo vyose abantu nti bari bavyiteze kandi ntibabishaka, ariko ntivyatumye Yezu anuma gushika mbere no ku rupfu.
Yezu iyo ashaka guhemukira ukuri, nti yari gupfa... «uwuzoheba ubuzima bwiwe ku bwanje no kubw´Injili, nzobumusuziza». Yuzuwe na Mutima, ashingira intahe ukuri kuva kwa Se. Ukwanka gushikiriza abantu Inkuru nziza ni ukuzibira inzira y´urukiza. Kurya uwurwaye bamuvuza níyo atavyo asavye, akana k´impfumvyi bakakarera katabanje kubisaba, niko n´abari kure y´Imana bakeneye uwubahagurutsa, naho batobisaba kuko bo batazi agaciro kavyo. Turi imihora y´ububasha bw´Imana bukiza, ntitube imihora izivye. „Kristu niwe nzira, ukuri n´ubuzima“. (Jn 10,16).Ati „Uwuzonyihakana mu maso y´abantu, nanje nzomwihakana mu maso ya Data ahangamye mw´Ijuru.
4. Nta buryo ngira kuko ndi jejnyene ntawe mfise dusangira ubutumwa, kandi kamwe ni ubusa! ».
Mbega urubeya rumwe ntiruturira ikibira? Noneho nturi wenyene, Yezu we nyene yaravyemeye ati: „ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w´isi“.„ Naho ukaba utinya uruhamo, Yezu naho nyene arakuremesha ati: „Kw´isi muzobona amagorwa, yamaa humura naratsinze isi“ (Jn 16,33). Uyu musi ni waramuka wumvise ijwi ryiwe, ntukomantaze umutima wawe nka kera“.
5. None ko ntazi kuvuga ! »
Yezu ati : «Aho wa mutabazi nzobarungikira ava kwa Data azozira, Mutima w´ukuri yamuka kuri Data azonshingira intahe, na mwebwe nyene muzoyinshingira kuko twamanye kuva ngitangura si mwebwe muzovuga, ni Mutima azobavugiramwo» (jn 15, 26). Uwo Imana itoye, iramushoboza, Bisubiye twibukanye ko Inkuru nziza ishobora imenyeshwa mu buryo bukuru bukuru butanu:
- Ubuzima buhindutse: yabigisha nk´uwufise ubukuru atari nk´abanditsi ;
- Mu kumenyesha Ijambo ry´Imana uryatura n´umunwa ;
- Mu dukorwa tw´urukundo tutanaboneka: kurabisha bose ijisho ryiza, kuba hafi y´uwugowe, ukwiyumvira iciza c´abandi, ukubitangira, ni utumenetso duto ariko tudaharirizwa ko dukunda IImana
- Mu bimenyetso n´ibitangaro bihagaze ku ngabirano zisanzwe canke zidasanzwe za Mutima Mweranda
- Mu gisabisho: aho amaguru canke ijambo ridashika, Mutima Mweranda we tumutumye arahashika!
6. « Sinokwigisha abandi ivyananiye, noba ndiko ndiyorobeka! »
Egome, ni vyiza ko umuntu agabirira abandi ku vyo afungurako. Ariko ico tutokwibagira, ni ukwo tudahamagariwe kwigisha abantu tubizanako, ariko tubaroresha ku Mana. Si twebwe rugero rw´ubweranda, natweturi ingenzi ku nzira y´ubweranda. Turi urutoke rubarangira ihangiro, tukaba n´abasangirangendo. Bisubiye abantu ntibatagatifuzwa n´umutumwa ngo ni ukwo ari mwiza, ariko batagatifuzwa n´uwamutumye. Imana irakunda umuntu ikumukoresha naho ari ntahondi kugirango abantu ntibitiranye igikorwa c´umuntu n´igikorwa cayo!
Akaroro ni Mariya Madalena: I
a. Yari umugore, icabona kitemerwa, uwutegerezwa kunuma mwishengero, Kahise kiwe ntikatuma yemerwa nk´umutumwa (yari yakuwemwo amashetani indwi, igitigiri cuzuye neza c´amashetani!Ubwo uwakuwe kure siwe ashobora gutegera neza ko ata kure habaho urukundo n´ikigongwe vy´Imana bidahamvya? (2 Cor 4, 7-10). Abatumwa b´Inkuru nziza si ivyombo bitameneka, ahubwo ni udukono twíbumba umubumvyi adasiba kwengenga no kwegeranya ngo ntitugirire. Nyene kutubumba niwe azi agaciro katwo.
No mu kumenyesha inkuru nziza yiwe, ntiyavuze menshi. Tumwumva gusa avuga ati: «Nabonye Umukama ng´ibi ivyo yambwiye...araheza arabiganira. » Ariko kubera urukundo rwinshi afitiye Yezu, yaramukurikiye gushika abungabunge ikiziga ciwe! (Luc 7, 47). Aha nshaka kwerekana ingene Mariya Madalena avugana na Yezu gusumba ukwo avuga Yezu! Yezu mbere nawe nyene akamushingira intahe ati: « Ni yaba yarekuriwe ibicumuro vyiwe vyinshi ni ukwo yerekanye urukundo rwinshi».Iyo umuntu amaze gutegera ububasha bw´urukiza rw´Imana, iyo Yezu amaze kumugobotora mu vyamuhamba mu rupfu,aho rero urashobora kumenyesha Imana mwahuye atari Imana wumvise nka Mariya Madalena. Abantu b´intaruha mu kumenyesha Inkuru nziza ni abakuwe kure n´urukundo rw´Imana. Biraryoshe kubona ko les grands Saints ce sont des grands pécheurs convertis...Aberanda bakomeye kenshi si abaramvye neza mu bugororotsi, ahubwo ni abarangije neza bagororokeye Imana! Iherezo rirahambaye kuruta itanguriro.
Akandi karorero ni Petero umu papa wambere, yihakanye umwigisha (sindamuzi), akihakana ibanga ryo kuba mu bagendanyi wa Yezu (sindi muri bo) kuba umwigishwa, agatako akihakana n´intara avamwo (sinzi n´ico uvuga sindi umunyegalile).Birababaje ingene Simoni, Yezu amaze kumutora akumuha izina ririmwo ubutumwa yimirije kumushinga bwo kuyobora Ekleziya akanamwita izina rishasha rivuye mu kamwa k´Imana nyene Petero, kitamubujije ko rimwe na rimwe kamwiba akaza arasubira kuba Simoni. Mu batumwa ni Petero, muri Getsemani asinziriye mbere amaze no kwihakana Yezu ni Simoni, mw´iburaniro ni Simoni-Petero, ku kiyaga yisubiriye kuroba ni Simoni, ariko kuva kuri Pentecote, agasimoni karaheze, aba Petero, aroroha, Mutima nawe aramukoresha ibikorwa bigaragaza ukwemera kwiwe gushika mbere agupfire ariko amaze kwugururira urugi rw´ukwemera abatari bake! Burya, l’autre role de l´Esprit Saint en nous, c´est de nous simplifier. Mutima aratworosha...Uwakiriye Mutima hariho muri we imvugo zitaba zikivugika kuko zidahesha iteka Imana. Ariko kandi ubutumwa naho bwoba buhambaye gute, ntibukura kamere, ahubwo ni Mutima Mweranda ashobora guhindura umuntu. Imana ntituzeruka kuko nta kure umuntu aja Imana idashika. Nico gituma ku musi wa Pentecoti, Petero yigishije rimwe rizima hahiinduka abantu 3000, barabatizwa! (Act 2, 42).
VII.5. Inkingi nyamukuru zo kumenyesha Ijambo ry´Imana mu bubasha bwa Mutima ni izihe?
«Mutima w´Umukama ari kuri jewe kuko yantume kwigisha Inkuru nziza.»
Kugiranga Inkuru nziza ihamvye umutima w´umuntu, ni igokrwa ca Mutima mweranda (cf. Rm 15, 16).
Kwakira Kristu mu buzima bwanje, nkemera ko yazutse ari muzima uyu musi kandi ko yigaragaza mu bubasha bwa mutima wiwe ambamwo. Aho rero nikwo kugaragaza ko Ijambo ry´Imana ari rizima, kuko rirangura ico rivuga uyu musi nyene. Nanje ngashitsa ego mbarira uyu musi Umukama. «On ne se prête pas au bon Dieu, on se donne» dit Marthe Robin. Abarundi nabo bati: «Woja i Gisha wogishika», wokora ikintu woherezako. Ndakwituye Mukama twama tuvuga isigura kandi «Ndaguhaye uburenganzira ngo unkoreshe!»
Ni ugutamanzurira ubuzima bwanje Mutima mweranda ngo anyinjize mu rukundo rw´imana idukunda idatezura, ngaheza nkagira n´umwete wo kubimenyesha abandi: Archimede ati: «mpereza ikizamuzo, n‘icishimikizo, nzozamura isi», abamenyesha Inkuru nziza Imana irabiha nk´icishimikizo, ikizamuzo naco kikaba igisabisho kidahara ngo kizamure isi...Kandi uwemeye kuzamuka azamura abandi. Si nous nous laissons attirer par le Seigneur, nous attirons ceux qui nous tiennent par la main! Quel mystère de la communion des Saints! «Une ame qui s´eleve eleve le monde», dit marthe Robin. Le contraire est aussi valide!

Ivyo bikadusaba kwamana umutima mwiza, uzira ikinyoma, ugashingira intahe Kuri Nyakwo, naho inkurikizi zitabura «uwurondera kurokora ubuzima bwiwe azobubura.»

Tugaragaze dutyo urukundo Imana ifitiye n´abo twebwe twobona ko ari ruhebwa. Abo yakuye kure turazi neza ko ata shamba Imana itagenda iyo ironderayo agatama kazimiye.

Tubigire tubitumwe n´urukundo dufitiye Imana n´Umuryango w´Ekleziya ukwo uri kwose. Naho yoba umuvyeyi afise amahere, ni uwutwonsa, kandi ntawureka kwonka umuvyeyi ngo arwaye amahere. Ihere ribi kurusha abandi ni iryo wewe mwana mukundwa wayo woyitera kandi waramenye urukundo rw´Imana. Yifashe kuzigama ubutore bwayo rero muri wewe.

Kubwa Mutima, uwumenyesha Inkuru nziza ni yamane igisharara co guhamvya umuntu wese ari mu nzira z´imana, aho ageze hose. Abigirane ukwemeza no kwemera ko uwufise Imana muri we yamana amahoro n´akanyamuneza naho ibisebuzi bidahagarika. Umukama ntavirira uwo atumye, muri Mutima mwranda, aramuhagarikira.

Naho ni uruhamo rwokurikira, ruri mu vyo twemerewe. «Kw´isi muzobona amagorwa, yamara humura naratsinze isi» (Jn 16, 33). Ati ndabibabwiye kugirango muri jewe muronke amahoro. Umutumwa w´Inkuru nziza akurikira Umwagazi iyo uja hose (cf. Ap 14, 4) kandi umwagazi watsinze ni ubwa mbere umwagazi wishwe ! Intsinzi yose ica ku musalaba ! Ni twimenyereze naho bigoye, urupfu nk´irembo ntabanduka ritwugururira ubuzima tunyotewe. Nta Pasika itaciye ku wa gatanu Mweranda!
Uwemera ko Imana ari Se, yemera kandi umuvukano. Ni twakire ubudasa nk´ingabirano n´umuhamagaro wo kwunga Umuryango w´abana b´Imana. Twaremwe tudasa ngo twuzuzanye, uwo tudasa si umwansi, ni uwo twuzuzanya! Oui, nous sommes crées différents pour etre complémentaires! Ko Ekleziya ari Umuvyeyi, ubwo buvyeyi bwayo buserukira mu buvyeyi bw´umwumwe wese mu bayigize (cf Henri de Lubac).
Yamara muri vyose, Mutima Mweranda:
- niwe akomeza ukwemera kw´abamenyesha Inkuru Nziza (Mt 16);
- Niwe atanga umwete wo guhanga Yezu no kwumiriza mu bihe bigoye (Mt 14,22-36), iyo ikiyaga kiriko gihuhutishwa n´umuyaga,
- Niwe adukangura mu gatiro k´igicumuro (Mc 14,37): „Simoni urasinziriye“?
- Niwe atumbereza neza ubutumwa, akadufasha kubona igihe kiroranye n´ikitaroranye (Jn 21).
VII.6. GUSOZERA
Muri make, Ukumenyesha Inkuru nziza ni ngombwa, ariko ntibishoboka tutabanje kwiyugururira no kwiyegurira Mutima mweranda. Ng´iryo ishingiro ry´Ubutumwa. Bidusaba ubumwe budacika mu gisabisho, umwete w´ubutumwa, uguca bugufi no kwugururira Imana ishobora vyose, ngo Mutima wayo atwigishe kuba uwo yezu yiteze ko tumubera, abagenzwa na Mutima, ba Bashirahishize nk´Umuvyeyi Bikira Mariya. Mbere uwo Mugabekazi w´abatumwa ni aturere mu nzira y´ubwo butumwa! Nka Yezu Umwana wawe Muvyeyi , ese wodushikana mu bigero vy´abo iri Jambo rirangukiyeko uyu musi ngo: „Umutima w´Umukama uri kuri jewe kuko yantumye kumenyesha Inkururu Nziza! Amen!

INYIGISHO YA 8 : UKURI KUZOBAGIRA ABIDEGEMVYA (Jn 8, 32)/Patiri Thaddée MINYURANO, Umwibutsamana wa RCC muri diyoseze Nkuru ya Gitega.
Ijambo ry’Imana ry’ishimikiro : Jn 8, 31-47
VIII.0. INTANGAMARARA
Uko ibintu vyari bimeze igihe Yezu yavuga ayo majambo duhejeje kwumva muri iyo Nkuru Nziza: Hari hehe?, bari mu biki?
Bavukanyi, iryo jambo Yezu yarivugiye i Yeruzalemu. Hari ku musi mukuru w’ivyimburwa. Igihe bamara indwi yose bari muri uyo musi mukuru. Ico gihe niho Yezu yabahishurira ibintu bikomakomeye cane aho yavuga ati:
- Uwunyotewe n’anyegere anywe Jn 7,37
- Jewe ndi umuco w’isi Jn 8,12
- Jewe ndi uwuriho, ntaco nkora niraritse Jn 8,28
- Uwantumye ari kumwe nanje Jn 8,29
Aha rero niho umwanditsi Yohani Mweranda atubwira ati: avuze ivyo benshi baramwemera. Jn 8,30. Abo rero bamwemera nibo Yezu agomba ahe inyigisho ku bijanye n’umwidegemvyo ( Jn8, 31-47). Abo nyene nibo inyigisho ya Yezu ikorako bagafata amabuye ngo bayamutere Jn 8,59. Ijambo rero ryabakozeko n’iri ngo: «Mugumije Ijambo ryanje, muba vy’ukuri abigishwa banje. muzomenya ukuri, maze ukwo kuri kubagire abidegemvya» Jn 8, 31-32.
Nipfuje rero ko ikiganiro cacu gishimikira ku ntambuko zine mu rutonde Yezu wenyene yazihaye. Natwe turakwiye kumenya gutondeka ibintu.
1. Kugumya ijambo rya Yezu;
2. Kuba vy’ukuri abigishwa ba Yezu;
3. Kumenya ukuri ;
4. Ukuri kubagira abidegemvya.
VIII.1. KUGUMYA IJAMBO RYA YEZU
Yezu ati: «Mugumije Ijambo ryanje». Iyo mvugo yisubirije incuro zine.
Bavukanyi, aha hantu jewe mbona hakomeye cane. Ubiravye neza kenshi na kenshi aho ingorane nyamukuru ibera n’uko benshi bemera Umukama, ko ari Umukiza wabo, ariko hageze gutera intambwe ijanye no kuzigama no kugumya ijambo rya Yezu basanga ari amananiza, ari intambamyi. Kwemera rero utagumya Ijambo ry’Imana n’ukutamenya ukuri, n’ukuguma mu bujuju n’ukutamenya mu gukekereza.
Abarundi bati: «Umuhushatunga ahusha umugore». Nanje nti: «umuhushakuri ahusha Ijambo rya Yezu.» Abigishwa b’ukuri rero ba Yezu ni abo bagumya Ijambo ryiwe.
Yezu ati: Sinkibise abasuku, kuko umusuku atamenya ico Shebuja akora, nabise abagenzi, kuko ivyo nabwiwe na Data vyose nabibamenyesheje.
Aha rero umwe wese yokwibaza ati: None nakira gute Ijambo ry’Imana? Ndaritunze? Ndarisoma, ndarizirikana, ndarigendera? Ndumva koko y’uko ariyo ngaburo yanje? Ntaho umusi wohera ntatoye igitabu c’Ijambo ry’Imana? Iyo maze umusi ntasomye Ijambo ry’Imana mererwa gute? Hahinduka iki muri jewe? Ubu rero kubera ko Ijambo ry’Imana twarironse ntaco dushobora kwisiguza. Ngo iyo atatuyagira nta gicumuro tuba dufise (Jn 15, 22).
VIII.1.1.Uruhara rw’ijambo ry’Imana
Yezu ati Ijambo ry’Imana niryo kuri (Jn 17, 17). Petero Mweranda niwe avuga ati: Imbere ya vyose, ni mubimenye ko , muvy’abahanuzi bavuze, mu vyanditswe, ata na kimwe kiva mu vyiyumviro vy’abantu, kuko ata jambo ry’abahanuzi riva ku gushaka kw’umuntu, ariko Mutima Mweranda ariwe yatumye abantu kuvuga kw’izina ry’Imana (1 P 1, 20).
Ijambo ry’Imana ryanditse muri Biblia niryo riduhishurira Mana Data, rikaduhishurira Yezu Kristu muri Mutima Mweranda atumurikira akatwigisha vyose. Turakeneye rero kuba abantu bashinze imizi mw’Ijambo ry’Imana rikatubera ikirwanisho nk’uko Paulo Mweranda abihanura abanyefezi kugira turwane kandi dutsinde muri ino si yuzuye ubuhakanyi. Nkwiye kugera aho nanje, kumwe kwa Yezu, Shetani ivuze iti: handitswe ngo…, nshobora kuyishura nti, handitswe kandi ngo… (Lc 4, 10-12). Ivyo ntibishoboka tutarikunda, ata kigoro ko kurifata ku mutwe tugize, ata twimenyerezo tugize. DUKEREBUKE RERO!
Paulo Mweranda yandikira Abanyaroma amaze kubabwira ati: «umuntu wese azokwambaza izina ry’Umukama azokira, aca yongerako ati: None bokwambaza bate uwo bataremera? Bokwemera bate uwo batarumva? Bokwumva bate ata n’umwe yamubigishije? Bokwigisha bate batagira uwabatumye? Kandi handitse ngo: Ese ukuntu ari akaroruhore ibirenge vy’abamenyesha Inkuru nziza» (Is 52,7). Rm 10,13-15.
Bavukanyi, Ijambo ry’Imana rirakomeye, ico rivuze gica kiranguka niko tubisanga mu gihe c’irema mu gitabu c’amamuko. Ngo rikarishe kuruta inkota y’ubugi bubiri niko uwanditse ikete ry’abahebreyi abivuga. Ntihagire rero uwusubira kuvuga ijambo iryariryo ryose atabanje kwiyumvira, kuzirikana. Noheho vyose tuzobitangako icegeranyo kumwa kw’abatumwa Mc 6, 30. Ngo ntihagire ijambo na rimwe ribava mu kanwa ndetse ijambo ryiza ryose rishobora gushika ku nyota hamwe rikenewe rikagirira ineza abaryumvise. Ep 4, 29 Amajambo mabi yose n’abave mu kanwa. Kuko ico uvuze ni waba wemera gishobora guca kiranguka. Nico gituma kuvuma, gutukana ari bibi cane mwebwe murame muhezagira.
VIII.1.2.Ikibanza caryo mu buzima bwacu no muri ekleziya
Mu gitabu c’amategeko Dt 6, 4-13 niho dusanga ikibanza twoha Ijambo ry’Imana: Umviriza Israeli … ayo majambo ndagutegetse uyu musi , azokwame mu mushaha wawe. Uzoyigisha abahungu bawe, uyababwire igihe uzoba wicaye mu nzu iwawe, uriko uragenda mu nzira, uryamye canke uhagaze. Uzoyahambire ku kiganza cawe akubere ikimenyetso, icibukirizo hagati y’amaso yawe. Uzoyandike ku bishimaryango vy’urugi rw’inzu yawe no ku marembo yawe. Murumva ko dukwiye kuryakira, kurizigama, kutaryibagira kuryigisha abandi n’ukurikurikiza. Igihe Umwepiskopi yatira abasaseredoti ababwira ati: «Shikirize bose iryo Jambo ry’Imana, mumaze kuryakirana akanyamuneza mu mitima yanyu. Igihe muzirikana ivyandiko vyeranda, muremere ico mwasomye, mwigishe ico mwemera, mugendere ico mwigishije.»
.Inama Nkuru ya Vaticao ya 2 yarihebeye igitabu cose mu bitabu bine vya mbere bikurubikuru citwa IJAMBO RY’IMANA (DEI VERBUM) aho ku nomero ya 25 batubwira ko ari ngombwa gusoma Ijambo ry’Imana.
.Umuvyeyi wacu Papa Francisiko ikete yatwandikiye ryitwa Akanyamuneza k’Inkuru nziza niryo yashatse kudutummirira.
.Ekleziya niryo ishira mu mafatiro iyo habaye ibibazo mu bijanye n’ukwemera: critère d’authenticité.
Aho rero tuhahushije nta kuri dushobora kumenya, kandi ntidushobora kwidegemvya.
Twifashishe Izabuli y’119, 105 mu karirimbo: Ijambo ryawe Mukama riramboneshereza niryo rumuri rw’inzira yanje.
Aha twogumiza ku muzirikanyi ko Mutima Mweranda ariwe adufasha gutegera ivyanditswe vyeranda: Nanje nzosaba Data, nawe azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana imisi yose. Niwe Mutima w’Ukuri isi idashobora kwakira kuko itamubona ntinamumenye (Jn 14, 16-17).
Nimba muri mwebwe hoba hariho uwutagira ijambo ry’Imana ngenderwako mu buzima bwiwe, ntave ng’aha muri rino koraniro ataritoye. Ahandi ho azokwama agenza umutwe nk’uruyuzi. Dufatire akarorero kuri Bikira Mariya, we yaryibungenze akaryibaruka, akaridushikiriza igihe yibaruka Yezu.
VIII.2. Kuba vy’ukuri abigishwa ba Yezu
Ukwigenga n’ukutaba umuja w’igicumuro, mu kuciyamiriza, mu kucanka ukarangura ishaka ry’Imana mu kuba Umwigishwa wa Yezu. Nico yavuze ati Ni mwazigama … (Jn 8, 31-32). Umuntu rero yigenga ni umwigishwa wa Yezu. Mu nkuru nziza yanditswe na Yohani Yezu akoresha gatatu gusa iryo jambo umwigishwa:
- Jn 8,31 : Umwigishwa ni uwuzigama Ijambo rya Yezu;
- Jn 13, 35 : Umwigishwa ni uwukunda abandi bigishwa;
- Jn 15, 8 : Umwigishwa ni uwama ivyamwa vyinshi.
Umwigishwa rero ni uwo afise ukwemera gukomeye, kandi kwiserura mu buzima bwiwe, kukagaburirwa n’Ijambo rya Yezu, agaheza akama ivyamwa muri Ekleziya.
VIII.3. Kumenya ukuri
VIII.3.1. Ukuri ni iki?
Iki kibazo Pilato yarakibajije Yezu igihe yari amubwiye ati: uwugengwa n’ukuri wese arumva ijwi ryanje (Jn 18, 37). Mw’Ijambo ry’Imana ry’intango nabasomeye ijambo ukuri ryagarutse ryisubiriza incuro 10 zose.
A. Ukuri ni umuntu
Mw’ijambo ry’Imana Yezu yaridondoye ahashika ku ndwi avuga ico ari ati jewe ndi:
1. Jewe ndi Umukate (Jn 6, 35);
2. Jewe ndi Umuco (Jn 8, 12);
3. Jewe ndi irembo (Jn 10, 9);
4. Jewe ndi Umwungere Mwiza (Jn 10, 11);
5. Jewe ndi izuka n’ubuzima (Jn 11, 25);
6. Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima (Jn 14, 6);
7.Jewe ndi Umuzabibu nyawo (Jn 15, 1).
Yezu Kristu yavuze ati: «Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima , nta wuja kwa Data atanciyeko» (Jn 14, 6). Yezu niwe kuri, niwe Ego , niwe Amen y’Imana. Aha dusabwa kumenya neza uwo ariwe : Ni Mana-Muntu : Ni Jambo wa Data yigize Umuntu. Twomenya ubuzima bwiwe, urupfu rwiwe, izuka ryiwe, ubuninahazwa bwiwe. Ng’ico igikorwa c’ukuri ca Yezu nk’umuntu kandi nk’Imana. Aha rero kandi turabona ingene Yezu yerekana uguhushana, ubutandukane buri hagati y’ukuri n’ikinyoma hamwe n’ababeshi (Jn 8, 43) mu kwerekana ko shetani ari se w’ikinyoma kandi ko ababeshi bose ari abana bayo.
B.Ukuri ni ijambo ry’Imana
Yezu ati : Bagire beranda mu kuri kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri (Jn 17, 17). Kandi ngo ikiva mu kanwa k’Imana cose ni ic’ukuri. Izaburi y’119 ivuga iti : Mukama ijambo ryawe rihangamye mw’ijuru na ntaryo. Ukuri kwawe kuzokwamaho uko imvyaro zizogenda zirakurikirana (Ps 119, 89-90).
VIII 2. Ico bamwebamwe bavuga ku kuri
o Abarundi mu mvugo yabo barerekana ko ukuri gufise ubukomezi budasanzwe igihe bavuga bati: UKURI GUCA MU ZIKO NTIGUSHA. Barerekana kandi ko umuntu wese ashobora kuvuga ukuri bati : Ukuri ntikuvugwa n’uwukuze kuvugwa n’uwukuzi. Hari n’imvugo ititura ukuri ngo Uwutabeshe ntasumira umwana.
o Abaromani nabo bati: Ukuri kuri mu muvinyu Vino in veritas. N’abarundi turavyemeza mu kuvuga tuti: Akari mu nda y’umugabo gaserurwa n’akari mu nda y’umubindi.
o Uwitwa Silvio Pellico avuga ati: Ico tubwirizwa ubwa mbere ni ugukunda ukuri n’ugushira umwizero muri kwo. Le premier de nos devoirs c’est d’aimer la vérité et d’avoir foi en elle.
o Uwitwa Tite Live avuga ati : Ukuri kurakunda gupfukwa yamara ntikwigera kuzima. La vérité est souvent éclipsée , mais jamais éteinte.
o Uwitwa Gabriel Bonnot ati : Iyo ukuri kutakiri mu mitima, iminwa yose ica yuzura ikinyoma.
o Uwitwa Bernardo Dovizi ati : Wopfuma utsidwa uriko uravuga ukuri hako utsinda uri mu kinyoma.
VIII.4. Ukuri kubagira abidegemvya
1. Ubwigenge, umwidegemvyo ni iki?
Hari abibaza ko kwigenga ari ugukora ico umuntu yishakiye. Kudategekwa n’umwe, kudafatira ku muntu n’umwe muvyo twiyumvira, dukora, mu mvugo no mu ngiro. Ariko uko ni ukwihenda caane kuko Imana mu kuturema yaturemye mu mero y’ugukeneranira, kwunganiranira, kwuzuzanya. Ubwigenge rero buri mu gutora neza uwo ugomba ko yogenga ubuzima bwawe.
Bavukanyi, aha umuntu yokwibaza ati none ukwo kuri kubohora ni ukuhe ? Tweho ukuri twotangaza kugira haboneke ukubohoka ni ukuhe ?
Ukuri kubohora si uko tuvuga ku munwa, ni igikorwa kiboneka ca Yezu Kristu we nyene ubwiwe. Yezu ati : Mwana rero ni yabagira abidegemvya, muzoba vy’ukuri abidegemvya (Jn 8, 36 ).
Ntidushobora kwibohora twebwe nyene ngo twikure mu migozi y’igicumuro, turakeneye umucunguzi, umubohozi atuzanira ukuri.
Ubwa mbere ukuri kuri jewe nyene : Ubwo ndiyizi, (introspection) ubwo ndiyubahuka, ndazi ibimboshe, ubuja bw’igicumuro ndimwo, ubuja bw’igicumuro navuyemwo kugira nishongore ntere impundu ?
Ubwa kabiri ukuri ku Mubohozi no ku gikorwa ciwe. Nico Yezu atumenyesheje ati : «Ni mwamara kumanika Umwana w’umuntu niho muzoheza mukamenya ko jewe ndi Uwuriho kandi ko ataco nkora niraritse» (Jn 8, 2)8. Abarundi nabo barayamaze bati Nyawirarika yabuze impembo n’ingero.
Nta wundi rero atari Yezu Kristu, Imana yigize Umuntu, agatanga ubuzima bwiwe kugirango akurihire, agutangire ku musalaba ikiguzi, igiciro c’ubwigenge bwawe. Niwe rero ashobora kutubohora no kudukura mu buja. Nico yagiriye wa munya Gadara atashobora kwikura mu migozi ya shetani, ibiziriko vy’ivyuma vyaravudaguritse.
Bavukanyi Yezu ntiyahiye coba, ntiyariye umunwa, yavuze ko turi abaja b’igicumuro. Aca rero atwereka inzira y’ukwidegemvya nayo ni : IJAMBO RYIWE. Uwurizigama azomenya ukuri, nakwo kumuhe kwidegemvya, kumukure mu buja bw’igicumuro.
Kugira tugume muri Yezu, ukwemera ntigukwiye( Jn 8, 30) kuko n’abayahudi baragize ukwemera bongera bafata amabuye ngo bayatere uwo bahejeje kugaragazamwo ukwemera kwabo. Kuba umwigishwa wa Yezu ni ubuzima, buva ku nyota yo kubohorwa nawe, ukamenya ko uri umuja w’igicumuro ukarondera ubwigenge muri Yezu we Musa no mu gikorwa ciwe ku musalaba. Ni kandi urugendo rwo kwamizako muri Yezu Kristu, we Nzira, Ukuri n’Ubuzima (Jn 14, 6). Nico gituma duhamagariwe kuvavanura n’icitwa ikibi cose. Izaburi ya 97, 10 : «Mwebwe mukunda Umukama ni mwanke ikibi.» Thomas w’i Aquino Mweranda nawe muco yise mu gifaransa Principe moral avuga ati : Iciza ni ico gukora ikibi naco n’ico kwirinda. Bonum faciendum est malum vitandum
VIII.5. Ukuri kutubohora ibiki, kuduha kwidegemvya mu biki, kudutandukanya n’ibiki ?
Tumaze kumenya ko ukuri ari Yezu n’Ijambo ryiwe, turashobora kuvuga ko ukwo kuri kutugira abidegemvya , kukatubohora ibi bikurikira :
- Ishavu ry’Imana;
- Ububasha bw’igicumuro n’urupfu ;
- Ububasha bwa Shetani n’amadayimoni ;
- Ikinyoma c’isi ;
- Ivyiyumviro vy’iyi si ;
- Inyigisho z’ibinyoma ;
- Ibikorwa vya kamere y’umubiri( Akaryoheramubiri) ;
- Ingwara n’urupfu bivyarwa n’igicumuro ;
- Ukutamenya, ubujuju, kuko umuhanuzi avuga ati « mon peuple périt par manque de connaissance » ;
- N’ibindi vyinshi tubohokamwo, tugakira iyo tubayeho mu kuri.
Aha rero abagendera mu kuri babwirizwa kubohoka cane cane mu bijanye n’amafaranga, hamwe n’imvugo. Uno musi turahagabira mu bijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none : Tél cane cane.
• Dushobora gutora kugengwa n’Imana, n’abagenzi beza, n’ibintu vyiza nk’uko Paulo mweranda abivuga mw’ikete yandikiye abanyaphilipi (Ph 4, 8). Ico gihe ubwigenge buriyongera.
• Dushobora gutora kugengwa : n’igicumuro, abagenzi babi, ibiyayuramutwe, akaryoheramubiri, ibintazi,… ico gihe naho ubwigenge buragabanuka, hakongerekana ubuja.
VIII.6. Turi abidegemvya canke abashumba?
Yezu yemereye abigishwa biwe umwidegemvyo. Yamara n’aho ari Inkuru nziza, amajambo yakoresheje yerekanye ko batidegemvya n’aho ari abayahudi. Bati turi bene Ibrahimu, ntawe twigeze tujakarira. Ushobora kuvuga ute ko tuzoba abidegemvya (Jn 8, 33). Abayahudi babona ko Yezu ariko arabacemeta. Ariko, bari bibagiye ivyabashikiye mu misiri mbere bariko barahimbaza umusi mukuru w’ukubohorwa n’Imana. Ubwo jeho ndoroherwa ndoroherwa n’ukumva ko nkeneye kubohorwa, gukizwa, kuva mu buja?
Mu gihe ca Yezu bavuga ko abashumba bari bagize ica 3 c’abagize ubwami bw’abanyaroma. Nta burenganzira bagira bwo kwubaka izabo, n’iyo hari uwuvyaye nta burenganzira yagira ku mwana wiwe. Ba shebuja( ba se b’abaja) babagenza uko bashatse. Duca twumva ko umuntu yigenga kumugereranya n’umuja canke umushumba ari igitutsi, birababaje caane. None ko ihangiro twihaye muri uno mwaka wa yubire ari uko wodushikana ku kubohoka maze tukabasha kwigina, mubona tugejeje he? Umwe wese arabe, yinjire mu mutima wiwe arabe aho agejeje. (Gutanga iminota 2 y’agacerere). Ko ejo ku mugoroba tuzotera impundu ya yubire wumva uzoyitabira gute? Ni witegure neza.
N’uno musi bavukanyi imbohe ziracariho, ubushumba buracariho bwaba ubw’umubiri canke ubw’umutima. Raba rero wewe vy’ukuri ko widegemvya, umenye n’ivyoba bikikuboshe ni waba utarabohoka rwose. Aha twokwibaza igituma Yezu akoresha amajambo nk’ayo avuga ubuzima bw’umutima.
VIII.7. Imbohe ni abaja b’igicumuro
Yezu agereranije imbohe, ubushumba n’ingene umutima wacu umeze, n’ukuvuga ko ibintu bikomeye caane. Dusanga ubuja canke ubushumba bw’umubiri bufise inkomoko canke isoko ku buja bw’umutima nabwo si ubundi ni igicumuro (Jn 8, 34).
Aba Yezu yabwira rero iri jambo ryabakozeko mu bwishime bwabo bw’ukwigenga. None jeho ntaho imbere y’igicumuro niha amahoro, nkirwanira jenyene kugira ngo nshikira ubwigenge bwanje?
Yezu atuvuniye akagohe ngo twinjire muri twebwe nyene tuve mu gicumuro duciye mu nzira wenyene aduciriye. Igihe cose tuyihushije tuba abaja b’igicumuro. Ico gihe igicumuro kiba databuja, kikamboha kikambuza gutandukanya iciza n’ikibi n’ukurangura iciza. Bukebuke umuja agenda arasa na shebuja, agateba agacika «umwana wa shetani» (Jn 8, 44).

VIII.8. GUSOZERA.
Ng’ibi ivyo mpejeje kubabwira mu majambo make:
Ubwa mbere: Ukuri kuva kw’ijambo ry’Imana.
Ubwa kabiri : Ukwidegemvya kuva ku kuri twaronse mw’Ijambo ry’Imana.
Ubwa gatatu: Umuntu arondera ukwidegemvya kudafitaniye isano, ataco gupfana n’ukuri hamwe n’Ijambo ry’Imana arihenda caane.
Ese Umukama yoduhezagira, akatuzigama. Ese yoduha ubutwari n’urukundo rw’umwuzurira mu kurwanira ukuri kugira turwane intambara y’umutima kandi turokoke tudatsinzwe. Gutyo tuzoshobora kuzigama ukwemera nyakuri nka Bikira Mariya tumurikiwe n’ijambo ry’Imana tuberwe n’ukwakirana akanyamuneza uwatubohoye, WE NZIRA, UKURI N’UBUZIMA, AMEN.
IMANA IBAHEZAGIRE!


INYIGISHO YA 9: NIMWITORERE MURI MWEBWE (Ac 6, 3)/Patiri Amando KANA, Umwibutsamana wa RCC mu Burundi
0. INTANGAMARARA
Iryo jambo abatumwa baribwiye umubano w’abigishwa ba Yezu kuko basanze bikenewe ko bitorera ababafasha kugirango umugambi wa Yezu uranguke neza.
Natwe rero uyu munsi turagira amatora. Dushaka gutora Berger national n’abamufasha. Kubera iki ?
1. Intambwe (tugezeko) nshasha
2. Indinganizo ya RCC
1.1 Intambwe nshansha
RCC y’I Burundi igeze ku ntambwa nshasha ituma dukenera gushiraho inzego ku rugero rw’igihugu cose kubera imvo zikurikira :
1) Kubera igikorwa ca Mutima Mweranda n’abamufasha : Imirwi yo gusenga ya RCC iramaze gukwira mu ma dioceses yose no mu ma paroisses nka yose.
2) Muri iyo mirwi yose, inyota yo kwigishwa no kunagurwa muri Mutima Mweranda ni nyinshi
3) Ubutumwa (vocation) bwa RCC muri Ekleziya no nk’uko Yezu Kristu yabishatse.
4) Kuba abungere b’Ekleziya biteze kuri RCC
5) Ikibanza RCC y’I Burundi iriko irahabwa muri Africa no kw’isi
6) Indinganizo iranga RCC …. n’ibindi.
Kubera ivyo vyose twasanze ari ngombwa gushiraho inzego.
1.2 Abarongozi b’umubano
Muriko muritegurira gutora abazobarongora mu ma fraternités yanyu. None muzobatora mufatiye kuki ?
Abakwiye gutorwa boba barangwa n’iki ? N’uko bazi kw’iyamamaza ? Oya. N’uko bafise ijunja ? Oya, N’uko bazi kugira utujajuro ? Oya. N’uko bambara ibigezweho ? Oya. N’uko bazi guharira canke kugarariza ? Oya. N’uko bakunda ibikorwa vyo kuvemvera ? Oya.
None muzotora mukurikije iki ? Vyose biva kukugene mwiyumvira Fraternité yanyu n’uko mushaka ko imera. Mudashaka ko iba nka association canke ONG canke Club, muzotora mukurikije ivyatumwe abatumwa batorera umubano w’i Antiokiya uwitwa Barnaba. Navyo ni ibi :
- Umuntu mweranda : umuntu w’intungane akunda ibitunganye yanka amafuti, amanyanga, yanka guhemuka, yanka uburyarya n’ububeshi, imigenzo yiwe azira amahinyu kuburyo atanga akarorero k’ubuzima bwinjiwe n’Imana, buzira ikibi.
- Afise ukwemera kwinshi : yamaze kwakira n’uguhitamwo Yezu nk’umukiza n’umukama w’ubuzima bwiwe, kuburyo imvugo, ingiro n’imigenzo yiwe bihabwa intumbero n’inkurunziza ya Yezu Kristu, bikamurikirwa nawe, kuburyo yama agenzwa n’ukurangura ico Yezu Kristu ashaka (bitandukanye n’ivyo yishakiye we nyene.
- Ari kumwe na Mutima Mwerenda : Umuntu ari mu Mana, afise muri we isoko avomamwo, niyo muyaze, niyo atanze iciyumviro canke icifuzo wumva ko afise imbere muriwe isoko avomamwo umuco n’ubukomezi biva kuri Mutima Mweranda ku buryo ashobora kwigisha, guhanura no kuremesha abagize Fraternité. Be n’uyo muntu usanga akunda ineza akanka ikibi n’igicumuro
- Umukunzi n’umutumwa w’ubumwe : Baranaba niwe yatumye hagati y’imibano w’i antiokiya n’abatumwa baba iyerusalemu haba ubumwe kuko atarondera kwiyemeza/ amaronko/ inyungu namba, yigenza nk’umusuku asukurira abandi muri Ekleziya, akarondera gukora ico abatumwa bamutumye.
- Umuntu ashima isangira butumwa (Collaboration) : yari agiye kurondera Paulo ngo bakorane kuko ataharanira kwininahaza no kwishira imbere ariko yaninahaza Yezu Kristu mugukiza Imitima.

Gusozera
Imbere yo gusozera ibikorwa vy’iro koraniro, abaryitavye barafashe ingingo bafatiye kukibazo gikurikira :
;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;
Nazo ni izi :
1. ;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;
2. ;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;
3. ;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;
4. ;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;
5.

Sur les Reseaux Sociaux

Nous Contactez

Foyer de Charité Notre Dame du Perpétuel Secours de Bujumbura
B.P 2547
Tél : 77 051 192
22 21 63 42
E-mail :fcbja@foyerdecharitebuja.bi

Education - This is a contributing Drupal Theme
Design by WeebPal.